'Umuti wa mbere ni amahoro' – niko umukuru wa OMS muri Afrika abwira impunzi z' i Busuma

- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
- Igihe co gusoma: iminota 2
Impunzi z'Abakongomani baba mw'ikambi y' i Busuma muri Zone Kayongozi ya komine Ruyigi basaba ko botahukanwa iwabo kuko ngo mu duce tumwe tumwe haza habonetse agahengwe.
Ni inyuma y'urugendo Mohamed Yakub aserukira ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu OMS muri Afrika yagize ejo ku wa gatanu muri iyo kambi, ari kumwe n'umushikiranganji w'Uburundi ajejwe amagara y'abantu Lydwine Baradahana.
Ni urugendo yagize muri iyo kambi inyuma y'uko hari haciye imisi havugwa indwara zitandukanye harimwo na cholera zari zigeramiye izi mpunzi mu minsi ya mbere.
Mw'ijambo ryo guhumuriza izi mpunzi Mohamed Yakub yavuze ko yari yahishikiye kugira ngo yirabire ingene zibayeho nuko zikurikaranwa ku bijanye n'amagara yabo.
Yabwiye izi mpunzi ko nubwo bobo babandanya bafasha, ubufasha nyamukuru ari uko amahoro yoboneka mu gihugu cabo hanyuma bagasubira iwabo.
Ati: "Ico niboneye ni uko twebwe turiko dufasha, kandi amareta yacu avyumve, dukeneye ko imfashanyo zobandanya zitangwa kugira dufashe zino mpunzi. Ariko imfashanyo isumba izindi zose ni amahoro.
"Kuri jewe, amahoro aboneke abantu babone kubaho neza".
Yashimiye umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Uburundi ku kuntu "indwara turiko tuvura aha mw'ikambi bazigize izabo".
Uno aserukira ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu OMS muri Afrika ntiyashoboye kwicarana n'izi mpunzi kugira ngo azumvirize, ariko zozo zirashima urugendo rwiwe.
Umwe muri izi mpunzi agira ati: "Twaryohewe kubona ukuntu yaje kutugendera aha. Ni itega yaduteye. Dusaba rero ko yotuvugira kugira ngo dutahe iwacu kuko tumaze kwumva ko hamwe hamwe agahengwe kabonetse".
Ariko uwundi wewe siko abibona , aho agira ati: "Sinshobora gutahuka muri Kongo, kuko ntashe noba niroshe mu muriro, no ngaha ndi hano i Busuma sinumva ko ntekaniwe na gato". Uyu wewe yisabira ko bomwungururiza mu kindi gihugu.

Izi mpunzi zivuga ko ziri mu bibazo ku buryo zibura uko zibigira. Umwe mu bakenyezi bari muri iyi kambi agira ati: "Nari kumubwira adusubize iwacu muri Kongo, aha turara hanze, nta fungurwa dufise, imvura nayo igasongera isibe.
"Tubuze indya, tubuze ivyo turyamako....ni ukuri twifuza gusubira iwacu".
ku ruhande rwiwe, umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Uburundi Lydwine Baradahana yemeza ko ubu ivyo kuvura izo mpuzi vyatunganijwe neza gusumba mu minsi ya mbere, kandi ko abakeneye uvuzi badashobora kuronswa mw'ikambi barungikwa mu bitaro bikuru biri mu Ruyigi na Kibuye mu ntara ya Gitega.
Nayo ku bijanye n'ikiza ca cholera cavuzwe cane muri izo mpnzi, umushikiranganji Lydwine Baradahana arishimira ingene bashoboye guhangana naco.
Agira ati: "Nk'uko mubizi, bagishika hari ikiza ca cholera, ariko twarakoze ibishoboka vyose kuva bacinjira mu Gatumba baranduye, turabakurikirana kugera ngaha, mbere duca twubaka ibitaro bidasanzwe vyo kuvura cholera.
"Twarashoboye kuzimya uwo muriro utarakwira inkambi yose. Ubu abo turungika ahandi ni ababa baremvye bakeneye ubuvuzi badashobora kuronswa hano. Aho naho si kure baca batwarwa mu Ruyigi canke Kibuye".
Ikambi ya Busuma niyo nini mu Burundi. Irimwo impunzi za bakongomani barenga ibihumbi 65. Irimwo abahunze mu kwezi kwa 12 mu mwaka uheze igihe umuhari M23 ugwanya reta ya Congo winjira mu gisagara ca Uvira imbere y'uko ukivamwo haheze iminsi.










