Burundi – Imvo n'Imvano: Ingene umuziki usigaye uteza imbere abaririmvyi kurusha kera

Insiguro y'amajwi, Burundi – Imvo n'Imvano: Ingene umuziki usigaye uteza imbere abaririmvyi kurusha kera
Burundi – Imvo n'Imvano: Ingene umuziki usigaye uteza imbere abaririmvyi kurusha kera

Ndabaramukije nongera ndabaha n'ikaze muri iki kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 ukwezi kwa gatatu mu 2026.

Ikiganiro c'uyu musi cerekeye umuziki. Bamwe mu rwaruka rwo mu karere bariko baragaragara cane mu miziki itandukanye ari na ko bagenda bamenyekana mu bindi bihugu.

Mu Burundi, ubu umuziki uriko uratangura kubatunga, bitandukanye no mu myaka yahera aho umuririmvyi yirirwa yumvikana ku maradiyo atandukanye imyaka n'iyindi ariko akarinda asaza ataco avyungutsemwo.

None abaririmvyi b'ubu babigenza gute ngo batere imbere vyihuta gusumba aba kera? N'uruhe ruhara rw'imbuga hwaniro n'ubuhinga bwa none? N'ibihe bikibagora?

Ibi ni bimwe mu bibazo tugira duce hirya no hino muri kino kiganiro.

Abatumire ni Vania Ice, Monia Fleur, Kirikou Akili na B Face, turi kumwe kandi na Ciza Sylvestre.

Ikiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.