'Ikibazo kiri mu Burundi si ico igitoro' -OLUCOME
Mu gihe mu Burundi ikibazo c'ibura ry'ibitoro congeye gukomera, amashirahamwe yigenga aravuga ko ivyo biterwa cane cane n'ibura ry'amafaranga y'agaciro, n'itangwa ry'amasoko ridakurikiza amategeko.
Umukuru w'ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya ruswa no gusesagura ubutunzi bw'igihugu, yabwiye BBC ko ikibazo leta y'Uburundi ifise atari ico igitoro, ahubwo ari ubukene bw'amafranga y'agaciro amaze imyaka irenga itatu yarabaye akayoberabahinga.
Gabriel Rufyiri avuga ko mu mafranga akoreshwa mu kwinjiza ibidandazwa vya ngombwa mu gihugu birimwo imiti, ibitoro n'ibindi bikoresho vya nkenerwa cane nk'ivyifashishwa mu gutunganya ifumbire, inzoga, ivyo yise 'produits strategiques', usanga ibice 80% vyayo bituruka kw'isoko ritagengwa n'amategeko (rya magendu) nayo ibice bitarenga 20% vy'amafranga y'agaciro akaba ari vyo biva mu mabanki azwi na leta.
Ibi umukuru wa OLUCOME avuga ko bituma haba ubudasa bunini cane ku buryo ifaranga ry'agaciro rigurwa mu gihugu, hagati y'amabanki n'isoko ya magendu.
Ikibazo kiri mu Burundi, avuga ko atari icerekeye ibitoro, ahubwo gituruka ku co yise 'ubutunzi buca mu nzira zidahuye n'amategeko, 'bubangabanganywe' n'ubuzwi na leta.
Kubwa Gabriel Rufyiri, mu kurondera umuti w'iki kibazo, ngo Leta ikwiye gusaba ingurane yihuta [Reserve de change] hejuru yo kurwanya ibiturire n'itangwa ry'amasoko bidakurikije amategeko.
Kurikira hano ikiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango