Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Shinzo Abe: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Japan yapfuye inyuma yo kuraswa
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wâUbuyapani Shinzo Abe yapfuye nk'uko bivugwa na television y'Ubuyapani.
Abe w'imyaka 67, gushika ubu ariwe yabaye umushikiranganji wa mbere igihe kirekire kurusha abandi , yarashwe ariko aravuga ijambo mu gikorwa c'imyiyamamazo ya poritike.
Uwikekwa -bivugwa ko afise mu myaka 40 - yaciye afatirwa aho nyene.
Abe yarashwe kabiri, ubwa kabiri akaba yagemwe mu mugongo, Yaciye agwa hasi buno nyene aca anyarukanwa mu bitaro vyari hafi.
Uwahoze ari umukuru wâigisagara ca Tokyo Yoichi Masuzoe yanditse kuri twitter ko Abe akiraswa umutima nâamahaha vyahagaze. Nâijambo rikoreshwa kenshi mu Buyapani imbere yâuko vyemezwa ko umuntu yapfuye.
Umunyamabanga mukuru wa reta Hirokazu Matsuno yabwiye abamenyeshamakuru ati: âUwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere Abe yarashwe nkâisaha zitanu nâinusu zâigitondo mu masaha yo mu Buyapani (isaha umunani nâinusu zâijoro kwâisaha mpuzamakungu ya GMT) i Nara.
"Umugabo akekwa kuba ariwe yarashe yafashwe nâigiporisi.
âKu mpamvu iyo ari yo yose, igikorwa bunyamaswa nkâico ntigishobora kwihanganirwa, turagiteye ivyatsi twivuye inyuma.â
Abari bahari babonye umugabo afise âinkoho niniâ
Abe yariko arashikiriza ijambo ryo gushigikira umukandida i Nara igihe ico gitero caba â abari bahari bavuga ko babonye umugabo afise inkoho nini azananye inyuma.
Bisa nâuko urusase rwa mbere rwahushije ariko urwa kabiri ruca rugema Abe mu mugongo.
Yaciye agwa hasi buno nyene ariko arava amaraso. Abajejwe umutekano baciye bafata uwarashe kandi na we ntiyigeze agerageza kwiruka.
Television yo mu Buyapani NHK yavuze ko Abe âatari bwate ubwenge kandi yishuraâ igihe yariko arajanwa mu bitaro inyuma yo kuraswa, ivuga ko ari amakuru ikura mu giporisi.
Iyo television yongeyeko ko igiporisi cafashe inkoho yâuwarashe kandi kiramenya umwidondoro wiwe. NHK ivuga ko uwo yarashe yakoresheje inkoho yakozwe nâamaboko.
Ibinyamakuru vyo mu Buyapani bivuga ko uwateye vyibazwa ko ari uwahoze ari mu ngabo zâUbuyapani zigwanira um mazi.
Abe, yabaye umushikiranganji wa mbere yamaze igihe ca mbere yarambiye cane muri ayo mabanga, ubwa mbere hari mu 2006 mu kiringo câumwaka hanyuma kuva mu 2012 gushika mu 2020, imbere yâuko ava ku butegetsi avuga ko ari ku mvo zâamagara.
Mu nyuma yahavuye ahishura ko afise indwara yo mu mara. Yasubiriwe nâumwe muri ba soma mbike biwe, Yoshihide Suga, mu nyuma nawe yahavuye asubirirwa na Fumio Kishida.