Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda - Mozambique: Impunzi z'Abanyarwanda zitewe ubwoba n'amasezerano yo guhanahana abaregwa ivyaha
Abanyarwanda b’impunzi baba muri Mozambique bavuze yuko amasezerano hagati ya Mozambique n’u Rwanda yo guhanahana abafise ivyo bagirizwa "ateye ubwoba".
Umuvugizi w’izo mpunzi yavuze ko abona ko ayo masezerano azokoreshwa mu guhohotera abatavuga rumwe na leta ya Kigali.
Hari bamwe muri abo batabona ibintu kumwe n’u Rwanda bamaze kugandagurwa muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.
Umwe yishwe arashwe ku murwa mukuru wa Mozambique haraciye imyaka ibiri, uwundi nawe hatorwa ikiziga ciwe kireremba mu kiyaga mu mwaka wa 2020.
U Rwanda rwarungitse inteko z’abasirikare muri Mozambique gufasha kurwanya abarwanyi biyitirira idini rya Islam.
BBC iracakurikirana iyi nkuru…