Meghan Markle avuga ko ari ‘umunya Nigeria kuri 43%’

Meghan Markle amaze kwubakana n'umuganwa Harry yahuye n'ibibazo vy'ivanguraruhu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Meghan Markle amaze kwubakana n'umuganwa Harry yahuye n'ibibazo vy'ivanguraruhu

Umugore w’igikomangoma Harry c'Ubwongereza avuga ko ibipimo vy’amamuko yiwe vyerekana ko ari “umunya-Nigeria ku bice 43%”.

Mu kiganiro giheruka mu rukurikirane rwiwe Archetypes acisha kuri Spotify, Meghan yabwiye umunyamakuru asanzwe aremesha ikiganiro, akaba ari umunyamerika akomoka muri Nigeria, Ziwe Fumudoh, ko yafashwe "ibipimo vy’amamuko haraciye imyaka mike”.

Igihe Fumudoh amubajije ati “wewe uri iki?", Meghan yishuye ati ndi “umunya-Nigeria ku bice 43%”.

Yongerako ati: "Ngiye gutangura gucukumbura vyose kuri iki kintu kuko umuntu wese nabwiye ivyo, cane cane abagore bamuka muri Nigeria, basa n’abaca bavuga ngo ‘ngw’iki!’”

Meghan Markle ni umunyamerikakazi yavukiye i Los Angeles ariko yahavuye aba uwo mu nda y’ingoma mu bwami bw’Ubwongereza inyuma yo kwubakana n’umuganwa Harry, umwuzukuru w’umwamikazi Elizabeth wa kabiri aherutse gupfa, akaba n’umuhungu w’umwami Charles.

Kuva yubakanye n’umuganwa Harry, yahuye n’ibibazo vy’ivanguraruhu vyagiye kuja ahagaragara ubwa mbere mu kiganiro Harry n'umugore wiwe Meghan Markle bagiranye n’umunyamakuru Oprah Winfrey mu kwa gatatu 2021.

Muri ico kiganiro, Meghan yabwiye Oprah ko Harry yabajijwe n'umwe mu bo mu bwami bw'Ubwongereza atavuzwe izina "urugero rw’ubwirabure" bw’uruhu rw'umwana wabo Archie bari hafi kuvyara.

Meghan – umuntu wa mbere w’ibwami avanze mu bagize ubwami bw'Ubwongereza mu bihe vya vuba - yavuze kandi ko uyo mwana wabo w’umuhungu amaze kuvuka mu kwezi kwa gatanu mu 2019 hibajijwe ibibazo kw’ibara ry'uruhu rwiwe.

Ibinyamakuru ntivyorohereje na gato Harry na Meghan, mbere mu kw’icumi 2019, baritwariye ikinyamakuru Daily Mail bacagiriza kwivanga mu buzima bwabo bwite.

Ivyo bibazo bagize nivyo vyahavuye bituma Harry na Meghan baheba ibibanza bikomeye bari bafise ibwami mu 2020 bakaja kwibera i Montecito, California, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.