Amatati hagati ya Trump na Papa ari ku mugaragaro – biriko bituma atakaza abanywanyi b'inkoramutima

Perezida Trump na Papa Leon

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Aleem Maqbool
    • Igikorwa, Umunyamakuru ku vy'idini
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Si ikintu gishasha kuri Perezida Trump kunegurwa n'abarongoye Ekleziya Katorika.

Amategeko ruhasha yiwe ku kibazo c'abimukira yemereye abanywanyi biwe mu gihe c'imyiyamamazo kandi bakirije yompi, yariyamirijwe cane n'abarongoye Ekleziya.

Mu kiringo c'amezi atari make, iyi poritike yiwe yaracanishijemwo uburongozi bwa Ekleziya Katolika muri Amerika n'abakristu basanzwe.

Ariko ibintu biratandukanye kuva mu misi iheze gato, igihe Trump yifatira mu gahanga Papa Leon be n'igihe yakwiragiza ku mbuga hwaniro isanamu yiwe yakozwe mu buhinga bwa AI imwerekana nka Yezu Kristu.

Ikintu kidasanzwe ni uko bamwe mu bamunegura bava banywanyi b'intahemuka za Katolika kandi bagendera ku karanga kama ka Ekleziya.

Abenshi ntibababajwe gusa n'ukuntu Trump yifatira mu gahanga Papa ku mugaragaro, ariko kandi ntibabona ryiza intambara ya Amerika kuri Irani.

Vaticano yoyo isigura ko ivyo twabonye muri izi ndwi ziheruka atari intambara hagati ya Papa Leo na Perezida Trump, ko ahubwo ari Papa atsimbataye ku kwemera kwiwe mu kwiyamiriza iyi ntambara.

Imyidogo yadutse ku kuntu Trump yifatiye mu gahanga ku mbuga hwaniro uno mupapa wa mbere yamuka muri Amerika, amwita ko ari umuntu "yihanganira abakora amabi", hamwe n'iyo sanamu ya AI, vyatumye Abakatolika benshi bagendera ku mico ya kera (Conservateurs) bahindura imbono yabo kuva iyo ntambara itanguye, haraciye amayinga atandatu.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu bidakunze kuba, nta ndongozi n'imwe nkuru ya Ekleziya Katolika muri Amerika yigeze ishigikira ku mugaragaro intambara yo muri Irani. Mbere na Robert Barron, Umwepiskopi wa Winona-Rochester, umunywanyi akomeye cane wa Trump, yasavye ko umukuru w'igihugu ca Amerika asaba imbabazi Papa kubera amajambo y'ishavu yavuze.

Musenyeri Joseph Strickland ati: "Ndasenga nsaba ko ibi vyose vyotuma abantu batahura ko tudashira amaso ku muyobozi w'igihugu, canke kuri abo bafise amafaranga menshi gusumba abandi canke ibirwanisho vyinshi. Tuguma twerekeza kuri Kristu".

Aya ni amajambo avugwa n'umuntu mu mwaka uheze yitabiriye amasengesho yo kwegurira Imana ikirimba c'uno mukuru w'igihugu kiri i Mar-a-Lago.

Mu 2024, Musenyeri Strickland yarashikirije ijambo ry'intangamarara mw'ikoraniro rihurikiramwo abanyaporitike bagendera ku karanga kama. ikizwi nka Conservative Political Action Conference (CPAC), aho Donald Trump yari umushitsi w'iteka. Mu 2020, yashikirije ijambo abanywanyi ba Trump bari mu rugendo basaba ko ivyariu vyavuye mu matora bihindurwa.

Musenyeri Strickland ni umuntu yari asanzwe ashigikiye cane Donald Trump mu mahirwe no mu marushwa. Nkako, biturutse ku kungene atinyegeza ku bijanye n'aho yari ahagaze muri poritike, be n'ukuntu yahanganye n'umuhisi Papa Fransisko ata kwihisha, vyaratumye akurwa ku burongozi nk'umwepiskopi w'i Tyler, muri Texas.

Ariko, mu gihe hari ukutumvikana gukomeye hagati ya Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) hamwe na Vaticano ku ntambara iri muri Irani no mu Buseruko bwo Hagati, yashikirije amajambo, mu buryo budakunze kwibonekeza, yo kwitandukanya n'ubutegetsi.

"Sinemera ko iyi ntambara yujuje ibisabwa kugira yitwe koko intambara y'ukuri. Ndashigikiye Umuvyeyi wacu n'ijwi ryiwe risaba amahoro. Ibi si poritike, ni ukuri gushingiye ku buntu", niko yabwiye BBC, akavuga ko uravye ukungene abantu benshi bariko barapfa n'umubabaro ku basivire b'inzirakarengane bituma iyi ntambara itoshobora kwitwa intambara "y'ukuri".

Hejuru y'ivyo, ariyamiriza ukungene Maison Blanche iriko yitwara muri iyi ntambara, agasaba n'abandi bakatorika gukora uko nyene.

"Ntibibereye na gato iyo idini rikoreshwa mu gushigikira ingendo itabereye … gukoresha idini mu gusigura icucagirwa ry'ibibombe biteye kubiri n'ukwemera", niko Musenyeri Strickland avuga.

Abajijwe ibijanye na Trump kwifatira mu gahanga Papa Leo hamwe n'ibijanye n'ishusho bamwe bise iya 'Yezu yakozwe na AI', aho Trump yavuze ko yibaza ko ari umuganga aho kuba Yezu, Musenyeri Strickland yavuze ko ari "inshingano" ziwe kwibutsa uno mukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Injili ya Matayo. Ashimikira ku gice cigisha ko ububasha bwose ari ubwa Kristu, atari ubw'umuntu.

"Iyo abategetsi b'isi bibagiye uku kuri, vyose biba bibi cane", ni ko avuga.

Izi mpinduka z'ukungene Abakatorika bagendera ku karanga kama babona Perezida Trump ni ikibazo kuri poritike yiwe, uravye ingene abamushigikiye mu matora ya 2024 muri uno murwi bari biyongereye cane.

Nk'uko Pew Research Center ibivuga, ibintu ntivyoroshe. Muri ayo matora, ibara ry'urukoba ryaragize uruhara runini, aho 62% vy'abakatolika b'abazungu batoye Donald Trump, 37% na bo bakaba batoye Kamala Harris, mu gihe 41% y'Abakatolika b'Abahispanike batoye Trump, 58% na bo bakaba batoye Harris.

Nubwo biri uko, ibi vyarerekanye ko muri rusangi abakatolika begamiye umugambwe w'Abarepubulikani, ariko ubudasa hagati yabo buragaragara.

Musenyeri Joseph Strickland mw'ikoraniro rizwi nka March for Life (Urugendo rw'Ubuzima) i Washington mu 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Musenyeri Joseph Strickland mw'ikoraniro rizwi nka March for Life (Urugendo rw'Ubuzima) i Washington mu 2024

Kahise kerekana ko ku bakatolika benshi muri Amerika, poritike ari yo iza ubwa mbere gusumba ukwemera. Bariciyemwo ibice hashingiwe ku migambwe, nk'uko bivugwa na Greg Smith, umukuru w'igisata kijejwe ubushakashatsi ku madini mu kigo c'ubushakashatsi Pew Research Center.

Abakatolika bo muri Amerika barigabuye cane ku bibazo bikomeye nk'ugukorora imbanyi n'abimukira. Kubona abakatolika batsimbataye ku mico ya kera n'abo ku ruhande ruharanira impinduka bahuriza hamwe ku kibazo c'intambara yo muri Irani ni ibintu bidakunze kuboneka.

Uko abakatolika babona iyi ndongozi ya Ekleziya Katolika birabigaragaza. Papa Fransisko yakundwa cane n'abakatolika bo mu mugambwe w'Abademokarate kurusha abo mu mugambwe w'Abarepublikani, mu gihe Papa Leon akundwa n'izi mpande zompi, nk'uko Pew ibivuga.

Papa Fransisko yari akunze kubonwa nk'umuntu yakunda guhindura ibintu bukwi na bukwi, rimwe na rimwe bikamuteranya n'abakatolika bashira imbere imico ya kera - nk'akarorero mu kugabanya Imisa mu Kilatini, ivyo Papa Leon yoroheje.

Papa ni umuntu ashobora kunegurwa na we nyene, nk'uko bivugwa na Peter Wolfgang, umuyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe Family Institute of Connecticut, akaba n'ijwi rikomeye ry'abakatolika bo ku ruhande rw'abagendera ku mico ya kera.

Agira ati: "Papa ni Papa, kandi turamuha icubahiro gikwiye, ariko sinibaza ko Katolika yifuza abayigamburukira bameze nk'imizimu itagira ubuzima. Turi abantu bazima, dufise ubwenge kandi turiyumvira".

Wolfgang yari umuntu yakunda Trump ariko yiyubara, yipfuza ko amategeko yatanga uburenganzira bwo gukorora imbanyi akurwaho, ubu yabaye umunywanyi amushigikira atiziganya. Arashigikiye cane ingingo zo kwirukana ku bwinshi abimukira kandi aremeranya n'icegera c'umukuru w'igihugu JD Vance ku vyiyumviro vya Katolika bifatanye n'ugukunda igihugu.

Ariko n'ubwo bimeze uko, ubu aranegura cane inyifato ya Prezida Trump ku majambo avuga kuri Papa Leo.

"Perezida Trump ntatahura ingene Katolika ikora. Papa si umukuru w'igihugu gusa, ni Intumwa ya Yezu. Kumwifatira mu gahanga bifatwa nk'ukwifatira mu gahanga Ekleziya yo nyene. Uko abandanya yifatira mu gahanga Papa, ni ko azogenda atakaza abanywanyi biwe b'abakatolika batora", niko Wolfgang yabwiye BBC.

Peter Wolfgang avuga ko ukwemera kwiwe kwamutumye ahangana n'abepiskopi Katolika igihe banegura poritike ya Trump ku bimukira, ariko uku kwemera nyene ni kwo kwamutumye arwanya iyi ntambara.

Mu nyandiko ziwe, Peter Wolfgang akenshi arakunze kunegura cane uruhande rw'Abakalotila bashira imbere impinduka, ariko abona ko ikibazo ca Irani mu buryo bumwe cashize hamwe abakeba, ahanini hashingiwe kw'ijambo rya Papa Leo ryo kwiyamiriza intambara atarya umunwa.