Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikibazo c'igitoro mu Burundi: Abatunzwe no kunyonga imiduga barira ayo kwarika
Ku barundi benshi batunze imiduga ubu biramaze kuba akamenyero gukamirwa n'igitoro bakabura iyo bakura ikindi.
Mu biyago vya minsi yose usanga babazanya aho coba kiri, bamwe bati jewe imodoka imaze iminsi itatu itonze aha uwundi nawe ati rwanje nayisize aha.
Aho ntituvuze abikora ku miduga yunguruza abantu n'ibintu.
Mu kiganiro aheruka guha BBC, Prezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko ikibazo kiri ku bajejwe kukizana bagikura muri Tanzania, ngo kuko bakizanye baha abantu babo gusa.
Bwana Ndayishimiye yavuze ko igitoro cuzuye mu bubiko muri Tanzania, anavuga mbere ko mu minsi iri imbere leta ishobora kuzokwitanguriza ikigo cayo kizana ico gitoro.
Ariko mukurindira, abatunzwe no kunyonga imiduga batokora ata gitoro baronse, bararira ayo kwarika, bakavuga ko inzara igire ibakureho bo n'imiryango yabo, nk'uko bamwe muri bo babibwiye BBC (umva ivyo batubwiye aho hejuru).