Uburundi bwateye igikumu ku masezerano mashasha n'ikompanyi zo muri Amerika zihingura zikanadandaza ubutare kugira bateze imbere kimwe mu bibanza binini bifise ubutare bwinshi muri ico gihugu.
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga iki gikorwa kizofasha gukomeza uruhererekane mu guhanahana amabuye y'agaciro akenewe cane rw'isi.
Gusinya ayo masezerano vyabereye ku Biro vya Amerika bijejwe imigenderanire n'ayandi makungu i Washington kuwa kabiri.
Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe ubudandaji asanzwe anajejwe ivy'ubutare, Hassan Kibeya, ni we yaserukiye Uburundi mu gusinya ayo masezerano aha uburenganzira ikompanyi yo muri Amerika, Lifezone Metals, ku mugambi wa nikeli ya Musongati, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru muri Amerika.
Ivyo birori vyari bihagarariwe n'icegera c'Umunyamabanga wa Leta ya Amerika ajejwe ibibazo vya Afrika, Sarah Troutman.
Reta ya Amerika ivuga ko ayo masezerano ari intambwe ikomeye mu gukomeza imigenderanire y'ubudandaji hagati ya Washington na Gitega, hamwe no guteza imbere uruhererekane mu bijanye n'amabuye y'agaciro ahambaye.
Ubushakashatsi bwakozwe ku bijanye n'ubutare bwerekana ko ico kibanza c'i Musongati kiri mu buseruko bw'Uburundi gishobora kuba gifise amatoni arenga imiliyoni 140 y'ubutare burimwo nikeli.
Nikeli ni ubutare bw'agaciro kanini bukoreshwa cane mu gukora ivyuma bitagwa ingese hamwe n'amabateri y'imodoka zikoresha umuyagankuba.
Muri ayo masezerano, ikompanyi Lifezone Metals rizohabwa uburenganzira bwihariye bw'amezi 14 bwo gutegura ubushakashatsi bw'aho ubutare buri no gukora ivyigwa vyerekana ko uwo mugambi ushoboka mu vy'ubutunzi, nk'uko bivugwa n'ikimenyeshamakuru Miningweekly kivuga amakuru ku guhingura no gucuruza ubutare bw'agaciro.
Ku rundi ruhande, ikompanyi KoBold Metals y'ubuhinga bwa none yo muri Amerika yarasinye amasezerano n'Uburundi kugira ifashe gushira mu buhinga bwa none amakuru ajanye n'ubutare buri mu Burundi.
Ni umugambi ugamije guteza imbere ubushakashatsi ku mabuye y'agaciro no gukwegakwega abagwizatunga mpuzamakungu mu gisata c'ubutare m'Uburundi.