Ubwongereza n'Ubufaransa bigiye kuyobora inama ku muhora wa Hormuz

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwongereza n’Ubufaransa biraza kurongora inama biri kumwe n’abafatanyabikorwa bavyo uyu musi, kugira baganire ku twigoro duhuriweko two kugarukana umwidegemvyo wo guca mu muhora wa Hormuz.
Irani isa n’iyugaye uwo muhora ukomeye ku nkengera za Irani, mu kwishura ku bitero vya Amerika na Israel, mu gihe Amerika yatanguye kwugara ibivuko vya Irani, ivyo vyose vyatumye ibiciro vy'ibitoro na gaz biduga cane.
Ibihugu nka 40 vyitezwe kwitaba iyo nama yo kuri uwu mugoroba, nk’uko vyatangajwe n’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Keir Starmer, vyongerako ko abarongozi baza "gushimikira ku gushigikira agahengwe kagoyagoya mu karere no kuraba ko inzira z'ubwato zisubira kwugururwa kandi zikingiwe ziciye mu kigobe mu gihe kirekire".
Vyitezwe ko Starmer abwira abari muri iyo nama ko "gusubira kwugurura ata gisabwe kandi ako kanya” kw’uwo muhora "ni inshingano z'isi yose", nk’uko vyavuzwe n’ibiro vyiwe Downing Street.
Baraganira kandi ku gushobora gushiraho umugwi w’ingabo z’ibihugu bitandukanye ukora mu buryo bwo kwikingira gusa, hagamijwe gutuma haba ubwisanzure mu kugendera mu mazi, nk’uko vyanditswe mu butumire bwatanzwe n’ibiro vya Perezida w'Ubufaransa (vyitwa Élysée) bwabonwe n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Baza kuganira kandi ku bijanye n'uko hashobora kubaho kurungika "umurwi w’igisirikare urimwo ibihugu bitandukanye wo kwikingira gusa, mu ntumbero yo kubungabunga umwidegemvyo wo guca mu mazi," nk’uko vyanditswe mu butumire bwatanzwe n’ibiro vya Perezida w'Ubufaransa (vyitwa Élysée) bwabonwe n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.
Izindi nkuru wosoma:










