Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda igiye gukoresha abakobwa b'ibisusu binini mu kuzamura ubukerarugendo mu gihugu
Uganda ifise umugambi wo gukoresha abakobwa b'ibisusu binini mu kuzamura ubukerarugendo, ariko hari abanyagihugu bagiye hamwe ngo biyamirize uwo mugambi.
Ivyo bibaye inyuma yaho ikinyamakuru cigenga ca Uganda Daily Monitor canditse kivuga ko umushikiranganji w'igihugu w'igisata c'ubukerarugendo, Godfrey Kiwanda, yatangaje uwo mugambi - avuga ko hazoba n'irushanwa ry'ibisusu Miss Curvy Uganda - mu nama n'ibigo vy'itangazamakuru i Kampala ku wa Kabiri.
Ku bw'ico kinyamakuru uwo mushikiranganji yagize ati: "Turafise abagore beza baryoshe kuraba. Kubera iki tutokoresha abo bantu mu kuzamura igisata c'ubukerarugendo?"
Uwukunda gutegura ihiganwa ry'ubwiza Ann Mungoma avuga ko ihiganwa "rizoshira ahabona ubwiza bw'umugore w'umunyafrika" ko kazoba ari "akaryo katari bwaboneke gatuma abakobwa berekana ibisusu vyabo n'ubwenge bafise".
Uwa mbere azotogwa mu kwezi kwa Gatandatu.
Inyuma yayo makuru, abantu benshi bagize ico babivugako mu buryo bwa Twitter:
Uwa mbere yatangajwe n'ukuntu abakobwa bashaka gufatwa nk'ibikoko bitamarigwa n'abakerarugendo:
Uwundi nawe ati: "yaco mwambura abakobwa agateka kabo. Ahubwo bakwiye gukingigwa no gukundwa".
Uwundi nawe asaba ko batokwidogera umushikiranganji we yiyumviriye gushira abakobwa b'ibisusu ku vyokwega abakerarugendo.