Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zambia yahagaritse ibiteramo vya Koffi Olomide
Koffi Olomide ntakigirishije ibiteramo mu gihugu ca Zambia, kubara abariko barabitegura babihagaritse bivuye ku gikorwa kibi yakoze co gukubita umwe mu batamvyi biwe.
Abategetsi ba Kenya basubije iwabo uwo muririmvyi rurangiranwa wa Rumba ku musi wa gatandatu, inyuma y'aho habonekeye video yiwe, aho yariko aratera umugere umwe mu batamvyi biwe.
Ishirahamwe ry'uburimyi n'ubudandaji ryo mu gihugu ca Zambia ryavuze ko " ivyo bintu bibi vayshitse" ari vyo vyatumye hafatwa iyo ngingo.
Olomide yarahakanye ko atamukubise, ariko yarasavye imbabazi kuri iyo nyifato.
Ku rubuga rwiwe rwa Facebook, ku musi w'Imana, uwo muririmvyi yarasavye imbabazi abakunzi biwe, cane cane "abapfasoni n'abana", abasaba kumubabarira.
"Ndicuza cane ku vuashitse...nari nataye umutwe," uko ni ko Olomide yabwiye television ya reta RTNC, muri ico kiganiro caherekeje ayo majambo kuri Facebook.
Uwo muririmvyi rurangiranwa yarasavye ikigongwe imbona nkubone abantu bo muri Congo boba barababajwe "n'iyo nyifato iteye isoni".