Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa na Amerika; intambwe ku yindi mu birwanisho
Leta y'Ubushinwa yatangaje ko igiye kwongera ibice indwi kw'ijana ku mahera izokoresha mu gisirikare muri uno mwaka, nk'uko Amerika iheruka kubikora.
Igitigiri c'ayo mafaranga kizotangazwa ejo kuwa mungu, igihe inama nshingamateka y'Ubushinwa izoba itanguye icese ibikorwa vy'uno mwaka i Beijing.
Ibi bimenyeshejwe nyuma y'iminsi mike umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ashize ahabona umugambi wo kwongera 10% ku mahera igisirikare ca Amerika gikoresha.
Umwe mubayobozi b'Ubushinwa yavuze ko igihugu ciwe gikeneye kwongera uburyo bwo gukingira ubwigenge hamwe n'inyungu vyaco.
Ubushinwa bwaravuguruye ku buryo bugezweho igisirikare cabwo muri ino myaka.
Benshi mu babikurikiranira hafi bavuga ko igitigi c'amahera Ubushinwa buzokwongera igisirikare cabwo ashobora kuba ari menshi cane kurusha ayazotangazwa.