Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis asaba inama kuri Amerika na Korea ya ruguru
Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yasavye amakungu gutegura ibiganiro hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Korea ya ruguru.
Ashaka ko umugambi w'inguvu za nucleaire wa Korea ya ruguru woganirwako bigizwemwo uruhara n'amakungu yose.
Yavuze ko ibintu bimaze gushuha kandi yagiriza ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, kuba ryarananiwe gufata iki kibazo mu minwe avuga ko cafashwe minenerwe.
Papa yavuze ko ikibazo ca Korea ya ruguru gishobora gukwega intambara yotuma igice kinini c'ibiremwa muntu gihona.
Yatanze iciyumviro c'uko igihugu ca Norvege coba ikibanza ciza c'ivyo biganiro.
Papa Francis ivyo yabivuze nyuma y'aho Korea ya ruguru isubiriye kugerageza igisasu ca misile, ubwato bw'ingwano bwa Amerika nabwo bukaba bumaze gushika mu mazi yegereye amazinga ya Korea.