Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yapfunze abanya Rwanda 45 kubera iterabwoba
Ubutegetsi bw'igihugu ca Uganda bwataye mu mvuto abanya Rwanda 45 bagirizwa iterabwoba, inyuma yaho bafatiwe ku mupaka wa Tanzaniya mu ntango za kuno kwezi.
Bongeye bagirizwa kuba bafise ivyangombwa n'indangamuntu vya magendo.
Abo banya Rwanda bavuga ko bari bagiye mu gihugu ca Tanzaniya nk'abavuga butumwa.
Ubutegetsi bw'igihugu c'u Rwanda bwo buvuga ko bakukira umugambwe ugwanya ubutegetsi ukorera mu buhungiro, "Rwandan National Congress", uzwi nk'umugwi w'iterabwoba.
Imigenderanire y'igihugu ca Uganda hamwe n'ic'u Rwanda ntiyifashe neza muri kino gihe, u Rwanda rukagiriza Uganda gucumbikira abarugwanya.