Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yulia Skripal aravuga ko agenda yoroherwa buri munsi
Yulia Skripal, umukobwa w'umu Rusiya wahoze ari intasi y'Uburusiya uheruka kurogwa mu Bwongereza mu kwezi gushize, yavuze ko ari koroherwa.
Yavuze kandi ko anezejwe no kubona abantu bamwitayeho kandi yabonye ubutumwa bwinshi bwo kumusuhuza no kumwifuriza kurwara ubukira.
Itangazo yasohoye rigasomwa n'abandi, ryemeza ko Yulia Skripal ameze nk'uwavangiwe kubera ibyabaye, agasaba ko ubuzima bwe bwite bwakingirwa.
Ibi byabaye mu gihe tereviziyo y'Uburusiya itangarije ko Yulia yagiranye ikiganiro n'umuntu bafitanye isano.
Ariko abasesengura ibintu barashidikanya ko ayo majwi yaba ari yo koko.