Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CPI yejeje Jean Pierre Bemba mu rubanza yari yunguruje
Sentare mpanavya mpuzamakungu iri i La Haye, CPI, yakuyeko ivyaha vyari vyarahamijwe Jean Pirre Bemba, uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Republika y'intwaro ya Demokrasi ya Kongo.
Yari yahamijwe ivyaha vyo mu ntambara hamwe n'ivyaha bijanye no guhohotera ikiremwa muntu.
Abashigikiye bwana Bemba bavugije impundu kubera umunezero igihe icemezo ca sentare catangazwa i La Haye.
Mu 2016, bwana Bemba yahawe igihano c'imyaka cumi n'umunani yagiriwe n'ubugizi bwa nabi bwakozwe n'abasirikare biwe mu gihugu ca Centre Afrique, harimwo kwica no gufata ku nguvu.
Abacamanza bavuze ko adashobora kubazwa ivyaha vyakozwe n'abasirikare biwe mu gihugu c'amahanga.
Bwana Bemba yari amaze hafi imyaka cumi mw'ibohero rya CPI i La Haye mu Buholandi.