Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Amerika kigiye guhagarika imfashanyo y'amadolari imiliyoni 300 cafashisha Pakistani mu kugwanya imigwi y'iterabwoba
Igisirikare ca Amerika kivuga ko cahagaritse imfashanyo y'imiliyoni 300 y'amadolari cafashisha Pakistani kubera cananiwe gufata ingingo ku migwi y'iterabwoba.
Prezida Trump yaheruka kwagiriza Pakistani ko yahemukiye Amerika mu gihe ico gihugu kironka imiriyaridi z'amadolari.
Umuvugizi w'igisirikare ca Amerika Lt Col Kone Faulkner avuga ko ico gisirikare gishobora gukoresha ayo mahera mu bindi bikorwa vya nkenerwa vyihuta.
Iyo ngingo ikeneye kwemezwa n'inama nshingamateka, n'imwe ikomeye muzatangajwe mu kwezi kwa mbere.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaranebaguye Pakistani, basanze bafitaniye ubucuti, ko yananiwe kugwanya imigwi y'iterabwoba ikorera ku butaka bw'ico gihugu, harimwo na Haqqani hamwe n'aba Taliban.
Mw'itangazo rya Col Faulkner kuri uyu wa gatandatu yagize ati: "Turabandanya gutera igitsure Pakistani ngo igwanye imigwi yose y'iterabwoba atawuvuyemwo."
Yongerako ko imiliyoni 300 z'amadolari yahora ahabwa ico gihugu yahagaritswe - akazokoreshwa mu bindi kubera "Pakistani yananiwe gufata ingingo" mu gurorera inyishu ikibazo c'iterabwoba.
Iyo ngingo itangajwe imbere y'imisi mike ngo umushikiranganji w'imigenderanire ya Amerika ngo agire urugendo muri Pakistani guhura n'umushikiranganji wa mbere mushasha, Imran Khan.
mu kwezi kwa mbere, reta ya Amerika yahagaritse nk'amahera nka yose y'imfashanyo ya gisirikare kuri ico gihugu.