Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika ivuga ko yiyemeje gukorana na Prezida mushasha wa Kongo, Felix Tshisekedi
Leta Zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zizokorana n'umukuru w'igihugu mushasha wa Republika ya Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi.
Nyuma yo gutangazwa na sentare y'ibwirizwa shingiro ya Kongo ko ari we yatsinze amatora, bwana Tshisekedi vyitezwe ko arahizwa kuwa kane.
Amerika yari yabanje kwiyamiriza ivyavuye mu matora ivuga ko vyagiyemwo amanyanga.
Benshi mu ndorerezi bari bavuze ko ayo matora yibwe na bwana Tshisekedi hamwe n'umukuru w'igihugu agire aveko, Joseph Kabila.
Umukandida atavuga rumwe na leta, Martin Fayulu, avuga ko ari we yatsinze ku majwi mirongo itandatu kw'ijana, ariko kwunguruza kwiwe kwaranswe na sentare y'ibwirizwa shingiro.
Bwana Fayulu yanahamagariye abanye Kongo kuja mw'ibarabara bakiyamiriza ivyavuye mu matora, ariko ako kamo ntikitabiriwe nk'uko yabiziga.