Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda gitegeka abanyamakuru kurondera impusha nshasha
Ikigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda categetse abamenyeshamakuru bose, baba abo mu gihugu canke mvamakungu, gusubira kwiyandikisha gushasha kugira ngo basabe uburenganzira bwo gusubira gukora (accreditation), mu kiringo c'iminsi ndwi gusa.
Umukuru w'ikigo Uganda's Media Council Paulo Ekochu, yatangaje iyi ngingo nijoro ku wa kane mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru Kampala.
Avuga ko abo bose batazoba bafise izi mpapuro nshasha batazosubira kwemererwa gukora.
Iyi ngingo ije inyuma y'imisi mike iki kigo gihagaritse kwemerera abamenyeshamakuru b'abanyamahanga hafi bose bashaka kwinjira mu gihugu gukurikirana ibikorwa vy'amatora bitegekanijwe mu kwa mbere kubera hariko hategurwa amategeko mashasha.
Muri iri tegeko rishasha, abamenyeshamakuru bigenga hamwe n'abamenyeshamakuru mpuzamakungu bashaka gukurikirana amatora bategerezwa gusaba impapuro zidasanzwe zitangwa n'iki kigo kijewe ibinyamakuru.
Izi mpapuro zizotegerezwa kwerekana akarere bashaka gukoreramwo canke ibisata bashaka gukoreramwo.
Abashaka gusubiriza amakarata abaranga basanzwe bafise bategerezwa kwerekana bitandatu mu bikorwa baranguye mu kiringo c'umwaka umwe uheze.
Hari haciye indwi zitatu gusa inzego zijejwe umutekano zirukanye abamenyeshamakuru bakomoka muri Canada, zibagiriza ko batari bafise impapuro zibemerera gukorera mu gihugu, mu gihe ariko bari baronkejwe uruhusha n'iki kigo kijejwe ibinyamakuru muri Uganda.