Prezida wa Tanzania ahamagarira abagore kuvyara bake

Ahavuye isanamu, AFP
P rezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan yerekanye amakenga ku gitigiri kinini c'abana bavuka muri ico gihugu, aca ahamagarira abanyagihugu gufata ingingo zo kugabanya imvyaro.
N'igihushane gikomeye ugereranije n'uwo yasubiriye John Magufuli, yahimiriza abapfasoni ku mugaragaro kudakoresha uburyo bwo kwikingira imvyaro.
Mu mpeza z'indwi iheze, igihe yariko aragendera akarere ka Geita kari mu burengero bwa Tanzania, p rezida Samia yariyamirije ivuka ry'abana b'umurengera.
Y agize ati: "Ejo nabwiwe ko mu nzu yakira abavyeyi y'i Buselesele mu karere ka Geita, mu kibanza kimwe gusa havukiye abana 1000 mu kiringo c'ukwezi.
P rezida yahimirije agira ati: "Ubu mwibaza ko hazoba hakenewe amashure angana gute inyuma y'imyaka itatu? Amavuriro angana gute? Hakenewe ibingana iki mu gufasha abo bana? Tuzokenera amatoni y'ibifungurwa angana gute? Nimuze tugabanye uyu muvuduko kandi tugabanye imvyaro."
M u 2018, igihe hariko haraba imyiyamamazo mu burengero bwa Tanzania, uwahoze ari prezida wa Tanzania Magufuli, yise abakoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro ko ari aba abanebwe.
H anyuma mu 2016, inyuma yo gutanguza umugambi wo kureka abana bo mu mashure y'intango n'ayisumbuye ngo bige ku buntu, yavuze ati: "Abana bashobora kujugunya uburyo bwo kwikingira imbanyi. Ubu amashure ni ku buntu."
I biharuro vya banki y'isi vyo mu 2020 vyerekana ko ukurondoka muri Tanzania kwari ku muvuduko w'imvyaro 4.8 kuri buri mugore. Bivugwa ko ukurondoka cane biva ku baja kwubaka bakiri bato hamwe n'igitigiri gito c'abakoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro.
N 'aho ico gitigiri cagiye kiragabanuka muri iyi myaka 30 iheze, si ku muvuduko munini co kimwe n'ibindi bihugu vyo mu karere nka Kenya na Ethiopia, uravye ibiharuro vya banki y'isi.
T anzania irimwo abanyagihugu boba bashika imiliyoni 60, ibice 49% muri bo bakaba babeshejweho n'amadolari adashika 2 ku musi.









