Trump mu mayira abiri aho Amerika ifise amahitamwo atoroshe

Perezuda Donald Trump mw'ifoto yegereye mu maso

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Anthony Zurcher
    • Igikorwa, Akurikirana amakuru ya Amerika ya Ruguru
    • Yakoze inkuru ari, ari mu rugendo na perezida wa Amerika muri Florida
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Inyuma y'indwi zitatu kuva Israel na Amerika bafatanije gutanguza intambara kuri Iran, ubu igeze aho ata wumenya neza ico afata n'ico areka mu bishikirizwa, mu gihe ivyo Donald Trump avugira ku mugaragaro rimwe na rimwe bisa n'ibivuguruzwa n'ibiba ku rubuga.

Intambara yashitse ''cane ku co yashaka, cane rwose'', niko umukuru wa Amerika yavuze, ariko ingabo zo ku butaka za Amerika - harimwo iz'aba Marine zigomorwa vyihuta - ziriko ziragana akarere. Iriko ''irasozerwa'', ariko Amerika na Israel baguma batera amabombe bagaba n'ibitero vya misire kuri Iran badahengeshanya,

Kwugurura umuhora wa Hormuz, izirikiro ricamwo ica gatanu c'ibitoro bikenerwa kw'isi, ni ''igikorwa coroshe ca gisirikare'', ariko gushika ubu ubwato bwemerewe na Iran bwonyene nibwo buca muri ayo mazi. Igisirikare ca Iran ''nta kikiriho'', ariko drone na misire biracaterwa mu karere, mbere ubu vyashitse kure ku kigo ca gisirikare ca Amerika n'Ubwongereza mw'izinga rya Diego Garcia.

Mu butumwa ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ku wa gatandatu ku mugoroba, Trump yakangishije ko ibintu bishobora kuyangara hamwe Iran ''itokwugurura vyuzuye, ata terabwoba'' umuhora wa Hormuz mu masaha 48, avuga ko igisirikare ca Amerika coca gitangura gutera ibibanza vy'amasoko ntanganguvu vya Iran, ''haherewe kuri kinini muri vyo''.

Umunsi umwe imbere y'aho, yamara, yari yakoresheje urubuga hwaniro rwiwe kugira yerekane urutonde rw'intego za gisirikare z'intambara ya Iran, aho yavuze ko Amerika yariko ''iregereza cane'' kuzishikako.

Urwo rutonde, rwari ruherekejwe n'ijambo ryiwe ririmwo insiguro za mbere yinshi kuva intambara itanguye, rwarimwo guca intege cane canke gusambura igisirikare ca Iran, uburyo bwayo bwo kwivuna hamwe n'umugambi wayo wa nikereyeri, hamwe no gukingira abafatanyabikorwa ba Amerika muri ako karere.

Ikitarimwo yari intego yo kwugurura no gukingira umuhora wa Hormuz, Trump yavuga ko ari inshingano z'ibindi bihugu biwukenera ku bitoro biva mu kigobe c'Abarabu. Trump yasubiyemwo kenshi ko Amerika igurisha amasoko ntanganguvu ko rero idakeneye kuzera ku bitoro vyo mu Buseruko bwo Hagati - ariko gufata ibintu gutyo ni ukwirengagiza ingene isoko mpuzamakungu ry'ibicanwa biva mu kuzimu rikora, aho ihindagurika ry'ibiciro rigira ingaruka ubwo nyene ku giciro ku banywesha igitoro muri Amerika.

Ubutumwa bwa Trump kuri Truth Social kandi ntibusaba ihinduka ry'intwaro ya Iran. Ubu ntihakivugwa ivy'uko ari we yobanza kwemeza indongozi nshasha ya Iran canke ''kumanika amaboko [kwemera ko batsinzwe] ata kibanje gusabwa'', ivyo Trump yashimikako cane mu minsi ya mbere y'intambara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ufatiye ku vya vuba Trump yerekanye ku ntego ziwe, birashoboka ko Amerika irangiza ico gikorwa uburongozi bwa Iran buterekwa Amerika ari ho bukiri, ibitoro vyayo bigishoka, nabwo ubushobozi bwo kugenzura umuhora wa Hormuz ikibufise uko bwakabaye.

Niba ari uko horangira intambara umukuru w'igihugu n'abamufasha bavuga ko yatanguye mu mpinduka zo muri Iran mu 1979, ari yo bavuga ko bagiye kurangiza, hari iyindi nzira igisigaye: yo kurungika ingabo za Amerika ku butaka ubu ziri mu nzira zigana akarere k'Ubuseruko bwo hagati.

Haraheze indwi irenga gato, ibinyamakuru vyo muri Amerika vyavuze ko ingabo z'aba Marine zigomorwa vyihuta, zigizwe n'abasirikare 2.500 bagwana hamwe n'ubwato n'indege vyo kubashigikira, barungitswe bava mu Buyapani baja mu Buseruko bwo Hagati, aho bazoshika mu minsi iri imbere. Izindi ngabo z'aba Marine bangana uko nyene baherutse guhagaruka bava mu kigo cabo co muri Californie, bakaba bitezwe gushika hagati mu kwezi kwa kane (Ndamukiza/Mata).

Abihweza ivya gisirikare bavuga ko Amerika ishobora kuba ifise umugambi wo gufata izinga rya Kharg, agasozi gatoya kangana na kirometero kwadarato 21 kariko icambu ca mbere Iran icishako ibitoro ishora hanze. Ivyo bikozwe, bishobora kubuza ibitoro vy'ico gihugu gushoka, gutyo kigaca kibura amafaranga akenewe cane, bikaba ngombwa ko kigira ivyo giheba kugira ibitero bihagarare.

Trump ku wa gatanu yavuze ko atazorungika ingabo ku butaka bwa Iran, ariko yongerako ati: ''Hamwe noba ndi uwuzozirungika, aho nta kenka ko ata vyo nobabwira''. Bisa n'uko, ivyo gutomora ibintu, bitari mu mugambi wiwe.

Gukangisha gufata iyo ngingo vyatumye ibinyamakuru vya Iran bivuga ku wa gatandatu ko igitero ico ari co cose kw'izinga rya Kharg kizotuma Iran itera umutekano muke mu Kiyaga Gitukura (Red Sea/Mer Rouge), iyindi nzira icamwo ibicuruzwa vyinshi bija hirya no hino kw'isi, yongere ''ikongereze umuriro'' ku bibanza vy'amasoko ntanganguvu mu karere.

Ukugabisha kwa Iran kwerekana ingorane zishobora kujana n'kuyangara kw'itambara kwoterwa na Amerika kwoshira ingabo z'igisirikare ca Amerika mu kaga ko kwihora kw'abanya-Iran.

Mu ndwi iheze, ibinyamakuru vyo muri Amerika vyavuze ko ubutegetsi bwa Trump bwariko buritegurira gusaba inama nkenguzamateka na nshingamateka (Comgress) kwemeza miriyaridi 200 z'ama dorari z'amafaranga yihuta y'intambara ya Iran. Gusaba ivyo bishobora kuba ari ikimenyetso ko, aho gusozera, ibiro vy'umukuru w'igihugu biriko biritegurira urugamba rurerure kandi ruzotwara uburyo bwinshi.

Aba mbere bagize ico bavuga muri Congress, harimwo n'abashigikiye Trump mu ba Republicain, abavyoroheje bavuze ko ari ukwiyubara.

''Aha tuvuga kurungika ingabo ku butaka. Tuvuga ico gikorwa gishobora kumara igihe kirekire,'' vyavuzwe n'umu-Republicain wo muri Congress Chip Roy wo muri Texas.

''Bafise vyinshi vyo kutubwira no gusigura ingene ayo mafaranga azoboneka, n'ikigamijwe gushikwako ngaha.''

IKizwi nk'''igifungu c'intambara'' ntigifuka imitwe y'abategekanya ivya gisirikare gusa, kiranashika ku buryo abanyaporitike n'abanyagihugu babona ibintu.

Intambara ya Iran, uko bihagaze, igeze mu mayira abiri. Ariko inzira itegerezwa gufata kuva ubu biracari amayobera.