Wagner ikoresha 'ubutunzi bwa Afrika' mu ntambara yo muri Ukraine

Uburusiya bwamiriye kure ibivugwa na Linda Thomas-Greenfield (File Photo)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uburusiya bwamiriye kure ibivugwa na Linda Thomas-Greenfield (File Photo)

A merika ivuga ko abacangero b'abarusiya biba ubutunzi kama bwo mu bihugu vya Centrafrique, Mali na Sudani kugira baronke uburyo bakoresha mu ntambara yo muri Ukraine.

U burusiya bwamiriye kuri ivyo bivugwa buvuga ko "ari urwanko rukabije ku Burusiya" nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.

U wuserukira Amerika muri UN/ONU, Linda Thomas-Greenfield, avuga ko umugwi w'abacangero b'abarusiya Wagner ukoresha "uburyo buciye mu nzira zidakurikije amategeko" mu gufasha Uburusiya gukongera intambara zibera muri Afrika, mu burasirazuba bwo hagati no muri Ukraine.

M u nama y'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi yerekeye amahera afashishwa imigwi yitwaje ibigwanisho hamwe n'urudandaza rudaciye mu mategeko rw'ubutunzi kama yagize ati:"Ntimwihende: Abantu bo muri Afrika batanga ikiguzi gikomeye ku nyifato yo kwiba no kutubahiriza agateka ka zina muntu bikowa n'umugwi wa Wagner."

U burusiya burahakana ko ata sano bufitaniye na Wagner.

U wo mugwi uri mu gihugu ca Libiya kuva mu 2016, aho ushigikiye ibitero Gen Khalifa Haftar yagize kuri reta yemewe ya Tripoli mu 2019.

M u 2017, umugwi wa Wagner warahawe ikaze mu gihugu ca Centrafrique kugira ucungere ahimbwa ubutare bwa diamant. bivugwa kandi ko ukorera muri Sudani, aho ucungera ahimbwa inzahabu.