Ingene indege zitwara ingenzi ziguma ziguruka mu gihe c'intambara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri izi ndwi zibiri ziheze, mu gihe drone n'ibisasu vya misile vyariko biraca mu kirere hejuru ya Iran no mu kigobe c'abarabu, abagenzura ingendo z'indege mu kirere bariko barafasha indege zitwara ingenzi bakazishikana mu bice vy'ikirere bitekanye kurusha ibindi, n'aho na ho haba huzuye cane kubera indege nyinshi, kuri gato y'aho intambara iriko irabera.
Iyo umuntu yitegereje ikarata yerekana ingendo z'indege aca abona ko ibihugu vya Misiri na Georgia vyabaye ahantu huzuye cane ku ngendo z'indege.
Bakora bafadikanije, umwe wese mu bagenzura ingendo z'indege akitwararika igice kinaka c'ikarata y'ikirere, bakaganira n'abandi bagenzi babo kugira bamenye indege ziriko zirinjira canke zisohoka mu kirere c'igihugu cabo.
Ku musi usanzwe, umuntu umwe agenzura ingendo z'indege ashobora kwitwararika nk'indege zitandatu mu gace ajejwe. Ariko igihe hari intambara, izo ndege ashobora gucungera zishobora kwikuba kabiri.

Ahavuye isanamu, FlightRadar24
Brian Roche, yahoze agenzura ingendo z'indege mu kirere ariko ubu ari mu kiruhuko c'izabukuru, avuga ati: "Ubwonko bw'umuntu bushobora gutanga ivyiyumviro nk'ivyo ku rugero rukwiye mu kiringo c'iminota 20 canke 30."
Yakoze uwo mwuga mu myaka 18, ubwa mbere akorera igisirikare c'indege c'Ubwongereza mu bihugu bitandukanye, hanyuma akora mu kugenzura indege zitwara ingenzi i Londres, aho yari umwe mu bagize umugwi wari ujejwe kwakira no gutabara ubutumwa bw'indege zihuye n'ivyago.
Mu bihe vy'akazi kenshi cane, harongerwa abandi bagenzura ingendo z'indege mu kirere kugira bashobore gucungera neza igitigiri kinini c'indege mu bice bimwebimwe vy'ikirere, kandi abo bagenzuzi barakurakuranwa kenshi kugira ntibarambirwe canke ngo barengewe n'akazi.
Brian Roche avuga ko mu minsi isanzwe, igice c'akazi camara iminota iri hagati ya 45 na 60, hanyuma hakaba akaruhuko k'iminota 20 gushika kuri 30. Ariko mu bihe vy'intambara, akenshi bakora iminota 20 gusa, bagaca baja mu karuhuko kangana n'iyo minota.
Avuga ati: "Abagenzura ingendo z'indege ubu bariko bakora amasaha y'akazi atangaje cane, kandi bariko baracungera igitigiri c'indege kidasanzwe."
Ugukokoroka kw'indege Malaysia Airlines MH17 mu 2014, irashwe n'igisasu ca misile cakorewe mu Burusiya mu burasirazuba bwa Ukraine, ikica abantu bose 298 bari bayirimwo, kwerekanye ukuntu intambara ishobora guhindura inzira z'indege zitwara ingenzi.
Ico gihe Ukraine hari ahantu intambara itaragera ku rwego rwo hejuru, ariko intambara yari iherutse kwagukira no mu kirere, kandi mu mezi aheze indege nyinshi za gisirikare ziramaze kuraswa zigakororwa. Ni ibintu ata n'umwe yipfuza ko vyosubira kuba.
Mu ndwi iheze, abanyamerika batandatu bari mu bakozi b'indege barapfuye, inyuma y'uko indege yabo itanga igitoro mu kirere iguye mu burengero bwa Irak.
Iyo ndege yari iriko ikoreshwa mu bikorwa vya gisirikare vya Amerika bijanye n'intambara iriko irabera na Iran, kandi yari imwe mu ndege zibiri zari zifise uruhara muri ico gikorwa.
Iyindi ndege yarashoboye kugwa amahoro. Ubuyobozi bwa gisirikare bwa Amerika muri ako karere bwemeje ko atari igitero c'umwansi canke ikosa ry'amasasu y'abo bafatanije urugamba vyatumye igwa.
Iyo ikirere cugawe giturumbuka canke kigatangura kuzura indege nyinshi, abagenzura ingendo z'indege baravugana n'abadereva bazo, bakababwira aho bakwiye guca, ibitoro basigaranye uko bingana, hamwe n'ibibuga vy'indege bishobora kwakira ubwoko bw'indege bagendesha.
Abagenzura uruja n'uruza rw'indege bategerezwa kandi kumenya neza ko indege zose, mu bunini bwaazo butandukanye, zitandukanywa neza yaba hejuru canke mu mpande kugira zigume zifise umutekano.
Ivyo ni kubera ko indege nini zitwara ingenzi zituma haba imiyaga ikomeye n'uguhungabana mu kirere, bishobora kugira ingaruka ku zindi ndege ziri hafi yazo.
Ivyo bisigura ko indege nto zitegerezwa kurungikwa zikaja kure y'izo nini kandi zigahabwa intera nini yo kwikingira.
Hari n'igihe indege nto cane z'abarwizatunga zishobora gusabwa kwimukira mu kindi kibanza mu kirere kugira zibe ziri mu mutekano.

Ahavuye isanamu, AFP
Ariko kwugara ikirere giturumbuka si ibintu bikunze kuba, nk'uko bivugwa na John, amaze imyaka irenga 20 ari umudereva w'indege.
Ntashaka ko izina ryiwe ry'ukuri rimenyekana, kuko agikora uwo mwuga kandi aguruka mu nzira hejuru y'akarere k'Ubuseruko bwo Hagati .
Avuga ko amashirahamwe menshi y'indege ategura imbere y'igihe igihe ashaka kwirinda guca mu kirere runaka, yaba kubera ikirere kibi canke intambara.
John avuga ati: "Muri iki gihe, twese twari tuzi ko hari ikintu kiriko kirategurwa mu Buseruko bwo Hagati. Cari ikibazo co kumenya igihe bizobera gusa, ntitwari tugikenekeranya ko bizoba canke bitazoba"
Uretse kumenya inzira zindi z'indege zishobora gukoreshwa mu kwirinda ahari intambara, abadereva b'indege kandi bagerageza gutwara ibitoro vyinshi bishoboka, mu gihe boshobora gusabwa gusubira aho bavuye canke guhindukira bakaja ku kindi kibuga c'indege kiri kure kurusha ico bari bagiyeko.
John avuga ati: "Ivyo ni ibintu bisanzwe cane, vyigishijwe kandi bigakurikiranwa neza."
Yarongeye ashimika ko abadereva b'indege hamwe n'abagenzura uruja n'uruza rw'indege bakurikiza neza amategeko n'ingingo z'akazi, kugira ikirere kirimwo indege nyinshi ntikigume kidashobora kugenzurwa.
Yongerako ati "Si nk'akajagari k'imodoka mwibarabara"
John avuga kandi ko we n'abandi badereva b'indege bagerageza gutuma abakozi bo mu ndege n'ingenzi bumva ko ibintu bimeze neza ko bari mu mutekano kandi bitunganijwe neza.

Hannah atwara umurwi w'abakozi bakorera mu ndege ku ngendo z'indege zifata umwanya muremure. Ntituriko dukoresha izina ryiwe ry'ukuri, kuko adafise uruhusha rwo kuvugira ishirahamwe ry'indege akorera.
Inzira z'indege Hannah agurukamwo kenshi zica mu karere k'Uburasirazuba bwo Hagati. Avuga ko ibihe vy'intambara bituma haboneka neza akamaro k'umugwi wiwe uri mu ndege, cane cane ku bijanye no gufasha ingenzi zifise ubwoba canke zitanezerewe.
Avuga ati: "Akazi kacu kararenga cane ico abantu benshi bibaza, ko ari ukubaza gusa abagenzi nimba bashaka gufungura inkoko canke inyama z'inka."
Yongerako ati:
"Abantu benshi baribagira uruhara rw'umutekano turi mu ndege… Gutanga inrya ni igikorwa dukora gusa mu gihe ibindi vyose bimeze neza."
Hannah avuga ko guhindura inzira z'indege canke gahunda z'akazi zigahinduka bishobora gutuma bigora kuronka uburinganire hagati y'akazi n'ubuzima bwite, haba ku badereva b'indege canke ku bakozi bo mu ndege.
Mu minsi iheze , amashirahamwe amwe y'indege,harimwo n'iyo akorera, yarashizeho aho indege zifata akaruhuko kenshi mu ngendo zazo, kuko zitagishobora kuguruka zica hejuru ya Iran ata kuzunguruka.
Ariko Hannah avuga ko ivyo bibazo ari igice gisanzwe c'akazi kiwe, ico we yita "uburyo bw'ubuzima n'ishaka ryo gukora uwo mwuga."
Avuga ati: "Twebwe abakora mu ndege twese twiyumva nk'abagize umuryango umwe munini." "Duhuzwa n'amababa y'indege."











