Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara y'Uburusiya na Ukraine: N'iki gishoboka mu mugambi w'amahoro?
- Umwanditsi, Oksana Torop
- Igikorwa, BBC News Ukrainian
- Yakoze inkuru ari, Kyiv
- Igihe co gusoma: iminota 6
Perezida aheruka gutorwa muri leta zunze Ubumwe za Amerika - Donald Trump yiyemeje kuzorangiza intambara ya Ukraine âmu munsi umweâ.
Mu gihe urugamba rushushe ku rubuga rwâintambara, aho Ukraine yahawe uruhusha rwo gukoresha ibisasu vya Misire birasa kure vya ATACMS nâibisasu bitegwa mw'ivu vyo mu bwoko bwa âanti-personnel minesâ, n'ibihe bishoboka mu nzira yo kurangiza iyo ntambara mu mahoro?
Mu gihe co kwiyamamaza, Donald Trump ntiyatanze mwâido nâido uko azobigenza mu kurangiza iyo ntambara, kandi benshi mu bihweza utuntu nâutundi barizeye ko umugambi wo kurangiza iyo ntambara ukiriko urigwako.
Ubutegetsi bwa Kyiv bwaritanze mu gukeka ko perezida aheruka gutorwa azotangura ibiganiro hagati yâUburusiya na Ukraine, aho perezida Zelensky yaseruye icifuzo co kurangiza iyo ntambara mu mwaka uza wa 2025, âbiciye mu nzira yâimigenderanire nâibihugu (diplomatic means).
Ariko none bisigura iki? Bishobora kuvamwo iki cokwitegwa mu biganiro nkâ ivyo biramutse bibaye, canke hariko haraba iki ku rwasiro rw'ibirometero1000, gishobora kugira ingaruka ku wobaye umwumvikano wovuye muri ivyo biganiro?
Ibihinduka ku rugamba: Ingabo z'Uburusiya zirasatiriye, zitera zija imbere.
Ku rubuga rwâintambara Abarusiya bagiye bagira amahirwe kuruta, aho hose urugamba rutonze iyo hava hakagera.
Ingabo zâUburusiya ziriko ziratera zisatira mu buseruko mu karere ka Donmbass, zongera zerekeza mu gisagara ca Kupyansk mu karere ka Kharkiv mu buraruko bushira ubuseruko, ndetse no mu muji wa Zaporizhzhia, umugwa munini wo mu karere kâubumanuko bushira ubuseruko.
Mu kwezi kwâicumi, Uburusiya bwifatiye ibindi birometero kwadrato 500 (500km2) vyâubutaka bwa Ukraine â ikirere batari bwafate kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2022 mu ntango zâintambara.
Uko perezida Zelensky avuga, nâuko ibice 27% vyâubutaka bwemewe nâamakungu nkâubugize igihugu cose ca Ukraine, ubu biri mu minwe yâUburusiya.
Muri ico gice harimwo Crimea hamwe nâutundi duce two mu buseruko twafashwe nâUburusiya mu 2014.
Biravugwa ko ubutegetsi bwa Moscow buriko bwitegurira kwivuna bwivuye inyuma mu karere ka Kursk, bukoresheje abasirikare bava muri Koreya ya Ruguru.
Ukraine yafashe igice câako karere mu kwezi kwâumunani, aho yajabuka mu gitero yagavye giturumbuka, kandi ica irahaguma gushika ubu, nka kimwe mu bishobora kuyifasha kwumvikana nâUburusiya haramutse habaye ibiganiro.
Benshi mu bihweza utuntu nâutundi, nâabaserukira igisirikare babwiye BBC ko ubutegetsi bwa Kremlin buriko buranyaragasa gufata ubutaka mu kwitanga ibiganiro vyo gutanga agahengwe, mu gihe vyotangura Trump akimara gushika ku butegetsi mu kwa mbere kwâumwaka uza 2025.
Bikekwa ko perezida Putin yoba ashaka gushikira ku mbibe zâuturere twa Donetsk na Luhansk, canke mbere agafata nâuwundi mugwa mukuru wâakarere nka Zaporizhzhia.
None misire za ATACMS n' imitego y' ibisasu biterwa ku butaka vyohindura icerekezo?
Icemezo câubutegetsi bwa Biden buriko burasozera ikiringo, co kwemerera Ukraine gukoresha ibisasu vya misile ATACMS yahawe na Amerika birasa kure imbere mu gihugu mu Burusiya, vyatumye iyo ibintu bishobora gutera bija muri iyi ntambara bihinduka.
Ukraine yahawe ivyo bisasu vya ATACMS kuva kera muri iyi ntambara ariko yabikoresha mu gutera ingabo zâUburusiya ziri muri Crimea no mu bice vyo mu buseruko, ivyo bice vyompi bikaba vyarifatiwe nâUburuisya, nâubwo ari ibice vyâubutaka bwa Ukraine bwemewe nâamakungu.
Mu ntango zâiyi ndwi, perezida Biden yahaye ubutegetsi bwa Kiyv uburenganzira bwo gukoresha misire za Amereika mu gutera indani mu Burusiya, ivyo ibutegetsi bwa Moscow bwise âgusesa amavuta mwâitanure ryâumuriroâ.
Abihweza utuntu nâutundi bavuga ko ATACMS, misire zishobora kugema kuri 300km, zizoha agahengwe Ukraine ariko zidashobora guhindukiza zerekeza ku mahirwe yo gutsinda iyi ntambara mu buryo bugaragara cane.
Kubwa bo, Uburusiya bwakoje kwitegurira ko bishobora gushika Ukraine ikemererwa gukoresha izo misire zâubuhinga, kandi birashoboka ko bwaronse akanya ko kwimura ibikoresho vyabwo kure yâahegereye urubibe na Ukraine.
Igitero ca mbere cakozwe na Ukraine yifashishije ibisasu vya ATACMS, cavuzwe ko cagemye ku 100km imbere mu Burusiya, kigema ububiko bwâibirwanisho.
Leta zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko zafashe ingingo yo guha Ukraine nâibisasu vya mines biterwa mw'ivu, ariko bakabanza kwumvikana ko ata handi bizokoreshwa atari ku butaka bwa Ukraine kandi kure yâibibanza bibamwo abanyagihugu basanzwe.
Uburusiya bwakomeje gukoresha ibisasu bitegwa mw'ivu (anti-personnel mines) muri iyi ntambara.
Bitandukanye nâibisasu Ukraine izohabwa na Amerika, bishobora kumara amayinga makeya gusa bikora, ivyo Uburusiya vyovyo bigumana ubushobozi bwo kwonona kugeza biteguwe canke biturikijwe.
Abanyagihugu ba Ukraine batari munsi ya 300 biravugwa ko bapfuye bazira ivyo bisasu mu myaka ibiri nâigice ishize iyi ntambara itanguye.
Amashirahamwe menshi aharanira agateka ka zina muntu, arimwo nâishirahamwe Croix Rouge, yagumye avugira abantu, asemerera kubera iyo mitego y'ibisasu bitegwa abantu ku giti cabo, aho bavuga ko âbisiga ingaruka zikomeye cane zirimwo impfu, gukomeretsa no kubabaza abantu mu kiringo câigihe kire kire.â
Leta zunze Ubumwe za Amerika zatanguye guhesha guha iyo mitego ya mines igihugu ca Ukraine gushika uyu munsi, ariko zayihaye ibisasu vyo mu bwoko bwa mines zitega imodokari zâimtamenwa.
Kimwe na ATACMS, ibi birwanisho birashobora gufasha ingabo za Ukraine gushobora kwihagararako aho gusatira zigaba ibitero.
impinduka mu biharuro vy'iperereza
Nâubwo ku rugamba bitoroheye kuri Ukraine, hari nâivyahindutse ku bijanye nâivyo abantu biyumvira mu kibano.
Abanyagihgu ba Ukraine bararuhishijwe nâintambara, kubera bama barakubitwa amabombe, gucika kwâumuyagankuba, no kumara imyaka hari amajoro badatora agatiro, ubu na ho bakaba bagiye kwicwa nâubwoba bwâibihe bikanye vyâubukonje vyegereje.
Ibiharuro vyâiperereza bigaragaza iciyumviro câuko hashobora gutangura ibiganiro vyâamahoro nâUburusiya kiriko kirakura mu bantu, nâubwo vyoba bisigura gutakaza igice câubutaka no kutamenya ibishobora gushika muri kazoza ka kure.
Kimwe mu vyirwa vyasuzumye ivyo vyiyumviro, cashizwe ahagaragara nâikigo Razumkov Centre mu kwezi kwâicumi, cerekana ko umwe ku banya Ukraine batatu (1/3) bifuza ivyo biganiro, ugereranije nâuko vyari mu kiringo câumwaka uheze. Aho bari umwe kuri batanu (1/5) gusa.
Ikindi cirwa cakozwe mu kwezi kwâicumi, cerekana ko abanya Ukraine batemeza ko bizeye neza ko igihugu cabo kizotsinda iyi ntambara nkâuko bavyibaza mbere, nâ ubwo abenshi muri bo ari abibaza ko Ukraine izotsinda uburusiya.
Kurindira 'umugambi wa Trump'
Inyuma yâintsinzi ya Donald Trump mu matora ya Amerika, abenshi bagumye barindiriye kwumva ivyâuwo mugambi wiwe wâamahoro.
Amajambo yiwe yâinyuma yâamatora yagarukira ku mungane atadoma urutoke kuco azokora nka: âTuzokorana cane nâUburusiya hamwe na Ukraine. Ibi bibwirizwa guhagarara. Uburusiya na Ukraine bibwirizwa guhagarara.â
Ibinyamakuru vyo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika vyaratangaje ko Trump yoba yaravuganye kuri telefone na perezida Vladmir Putin, amugabisha ko intambara ishobora kuyangara, ariko ivyo ubutegetsi bwa Kremlin bwarabihakanye.
Abahinga kuri Ukraine bemeza ko mu gihe umugambi wa Trump utaramenyekana neza, umugwi wiwe woba umaze gushira hamwe ivyiyumviro kuri wo.
Bimwe mu vyiyumviro bisanzwe bihari, uko biri kose, birimwo guhosha izo ndyane kugeza aho ibintu biba birahagarara, nkâuko umuyobozi wa New Europe, ikigo câubusesanguzi kuri politike yâimigenderanire ya Ukraine, Alyona Hetmanchuk, abivuga.
âKudindiza ibikorwa ku rugamba muri iyo ntambara. Kudindiza ikibazo co gusaba kwa Ukraine kuba umunywanyi wa OTAN / NATO, guhagarika ibintu vyose bikarindiraâ, ni ko Hetmanchuk abisobanura.
Abona ko iyo ngendo ataho yoba itaniye cane nâiyo ubutegetsi bwa Biden.
Ubutandukane, nâuko aba Demokarate bibaza ko Ukraine ari yo yari gutangura gusaba ibiganiro, aho kuba Leta zunze Ubumwe za Amerika, nâubwo zari zemereye Ukraine ubufasha bwâamafaranga bwo mu gihe kire kire.
Ariko Trump we, bitandukanye nâaba Demokarate, yaramaze kwerekana icifuzo co gushiraho intumwa idasanzwe yiwe muri Ukraine, yohagarikira ibiganiro, ibibonwa nâubutegetsi bwa Kiyv ko bitanga icizere ko ibintu bitera bija mu nzira nziza.
Mu kiringo ciwe ca mbere ku butegetsi, Trump yari afise uwumuserukira nkâuyo, Kurt Volker yahoze ari umu aserukira igihugu ciwe mu makungu.
Alyona Hetmanchuk yagize ati "Dukeneye uwuyobora ivyiyumviro vyâabandi, umu âmugabo nya mugabo wa Ukraineâ ashikira ugutwi kwa Trump buri kanya.
Mu gihe Ukraine nâUburusiya bikirindiriye ko ubutegetsi butera intambwe za mbere ku bijanye nâiyi ntambara ibandanya, ikizwi coco ni kimwe; ibiganiro vyâamahoro uko vyoba bije kwose, bizoba bigoye kandi bizoba birebire. Ibihugu vyompi nâabategetsi bavyo, perezida Zelensky na Putin, bafisemwo inyungu nyinshi ko zino ndyane zirangira, kandi kazoza kabo kazoturuka ku buryo bitwaye mu biganiro.
Angelina Korba