'Nari ntondeye umubiri wa Kristu mw'isengero ndawuheba nitaba uwunyemereye igitoro' - Ingorane y'igitoro mu Burundi

Kuronka igitoro mu bisagara vyo mu Burundi ni ikibazo gikomeye kuko umuntu ashobora kugitondera imisi ibiri canke itatu.
Buri ndwi, ishirahamwe rijejwe kugitanga SOPEBU rirasohora urutonde rw'amatasiyo yaronse ibitoro kugira ngo abakirondera bajeyo kugura.
Imodoka nazo zashizwe mu migwi yo kunywesha hakurikijwe 'plaques' zazo.
Ariko ivyo na vyo ntibituma abarondera igitoro bakironka uko bacipfuza.
Haraciye imyaka Uburundi bwugarijwe n'ubukene bw'igitoro bwatumye imirimo y'ubudandaji ihungabana, ibiciro na vyo biraduga.
Utwigoro abategetsi bagerageje two gutorera inyishu iki kibazo ntiturashikana ku nyishu ifadika.
"Uratonda imisi ibiri canke itatu, ukarinda uataha ata gitoro uronse," uko ni ko uyu munyagihugu w'i Bujumbura avuga.
Uwo mugabo atashatse ko izina ryiwe rimenyekana arasigura ingene igitoro ubu kibakoresha ivyo batokoze.
Ati:"Umusi umwe, hari ku musi w'Imana. Nja gusenga nk'uko nama.
"Hageze gusangira [umubiri wa Kristu] ndatonda. Umuhungu ahora amfasha kuronka igitoro ampamagara kuri terefone.
"Imbere yanje hari hasigaye abantu babiri ngo nshikirwe. Naciye mva mu murongo buhoro buhoro, ndasohoka ntasangiye, nja gutondera igitoro."
Mu gatwengo kavanze n'agahinda yongerako "mwumve namwe akamaramaza igitoro kidukoresha!"
Agishikira ubutegetsi, Prezida Evariste Ndayishimiye yari yaremesheje abarundi ko igitoro agishize mu minwe yiwe, ko kigiye kuboneka.
Ubu imyaka igiye kuba itandatu ata gihindutse.
'VVIP na VIP'

Ku bantu badatondera igitoro, aya mazina nta co ababwiye.
Umuntu agereranije mu Kirundi, ikibanza ca 'VVIP' [Very Very Important Persons] ni ikiba kigenewe abantu b'icubahiro gikomeye cane - ni ukuvuga ibibanza bitanu vya mbere vy'imbere.
Na yo 'VIP' [Very Important Persons] ni ikibanza kigenewe abafise icubahiro - ibibanza nka cumi bikurikira.
Ku mastasiyo y'ibitoro mu bisagara mu Burundi, ivyo bibanza bijanye n'amahera uriha kugira wemererwe kubitondamwo.
Manirambona Aimable (izina ryiwe ryahinduwe ku mvo z'umutekano wiwe) avuga ko ibibanza bigurishwa ukuri kwamye.
Agira ati: "Ibibanza bitanu vya mbere biba ari 'VVIP'
"Ushaka kugura kimwe muri ivyo bibanza uriha amafaranga y'amarundi ibihumbi 150 (ni nka 50$ ku rugero rwa banki).
"Ikibanza ca 'VIP' na co kigurwa amafaranga y'amarundi ibihumbi 100 (34$ ku rugero rwa banki.)
Ikibabaje "ni uko ushobora kuriha ayo mahera ukarindira imisi n'iyindi ugatinda wiyomora ugataha canke ukaja gutonda ahandi, wabuze."
N'iyo uronse ntunywesha uko wifuza. Imdoka yose hari amalitiro ntarengwa SOPEBU yayigeneye bivanye n'ingene ingana canke ico ikora. Kandi buri mugwi w'imparati [Plaques] ufise iminsi yo kunywesha ku ndwi. Iyo minsi iheze utaronse, uca urindira indwi ikurikira.
Kuharya i 'leg'
Haba mu gisagara ca Bujumbura canke mu gihugu hagati, ibura ry'igitoro ryatumye haba ikibazo co kwiyunguruza.
Amahera yo kwiyunguruza yaraduze birenze urugero. Hamwe no gutondera bisi umwanya munini cane, rimwe na rimwe naho ikabura, bituma bamwe bahitamwo kugenda n'amaguru - ni vyo bita 'kuharya i 'Leg'' [gutambuka n'amaguru]. 'Leg' ni Icongereza gisigura ukuguru.
Ivyo na vyo nyene birafise ingaruka ku gihugu nk'uko bivugwa n'umugore umwe atashimye ko izina ryiwe rimenyekana.
Avuga ko "abantu bashika ku kazi bateba bagataha kare, bigatuma umwimbu uba muke."

Igiciro c'igitoro
Hariho igiciro kizwi cashinzwe na reta ku gitoro ca 'Essence' na Mazutu.
Ariko kubera ko bose badashikirwa n'igitoro co kw'ipompo, benshi bashima kunywesha ica magendu.
Ukironse kw'ipompo, ilitiro imwe ya 'Essence' igurwa 4.000 Fbu, kuri magendu na ho ilitiro irashobora gushika ku 18.000 Fbu.
Manirambona agira ati: "Ilitiro ya 'Essence' ishobora kugurwa incuro zitatu canke zine igiciro co kw'ipompo.
"Ikibabaje ni uko bakigufatanye uhanwa kandi babona mu Burundi atakihari."
Reta ivuga ko gufata abadandaza igitoro ca magendu ari uguhasha abantu baciba ku mastasyo kugira baje kukigurisha ku giciro c'umurengera.
Ariko hari n'ikiva mu gihugu kibanyi ca Repuburika ya Demokarasi ya Congo giciye mu Gatumba canke Nyamitanga ku bari mu burengero bw'Uburundi.
Ubukene bw'igitoro mu Burundi burafise aho buhuriye n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu akoreshwa mu kugura ico gitoro hanze, cinshi kikaba kiza giciye ku kivuko ca Dar es Salaam muri Tanzania.













