Barcelone yaguze Philippe Coutinho imiliyoni 142 z'amapawundi

Philippe Coutinho in action for Liverpool

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu, Barcelone yaguze Philippe Coutinho imiliyoni 142 z'amapawundi

Barcelone yagiriraniye amasezerano n'umukinyi wo hagati wa Liverpool Philippe Coutinho ku miliyoni 142 z'amapawundi, akaba abaye umwe mu bakinyi bamaze kugurwa amahera menshi.

Liverpool bazoronka ubwa mbere imiliyoni 105 z'amapawundi kuri uwo munye Brezil w'imyaka 25 mu gihe amahera asigaye azorihwa mu nyuma.

Coutinho azoshira umukono ku masezerano y'imyaka itanu i Camp Nou.

Yari yagiye muri Liverpool avuye muri Inter Milan ku miliyoni 8.5 mu kwezi kwa mbere mu 2013.

Amahera yaguzwe Coutinho ari musi y'imiliyoni 200 bahawe na Paris St-Germain ku mukinyi Neymar hamwe na miliyoni 165.7 uwo mugwi uzotanga ku mukinyi Kylian Mbappe muri Monaco.

Abakinyi baguzwe amahera menshi kw'isi

ÂŁ200m - Neymar (ava Barcelona aja muri Paris St-Germain) 2017

ÂŁ165.7m - Kylian Mbappe (ava Monaco aja muri PSG kw'ideni mugabo ashobora no kugurwa ) 2017

ÂŁ142m - Philippe Coutinho (ava Liverpool aja muri Barcelona) 2018

ÂŁ135.5m - Ousmane Dembele (ava Borussia Dortmund aja muri Barcelona) 2017

ÂŁ89m - Paul Pogba (ava Juventus aja muri Manchester United) 2016

Philippe Coutinho in action for Liverpool

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu, Philippe Coutinho yari yagiye muri Liverpool avuye muri Inter Milan ku miliyoni 8.5 mu kwezi kwa mbere mu 2013.