IKIBIRIRAHO, Trump avuga ko uburyo Iran iriko ikoresha mu kugenzura umuhora wa Hormuz “atari ko twavyumvikanye”

Intambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati iracabandanya n’aho Amerika yatangaje agahengwe , ariko katarashobora gukurikizwa neza ku mpande zose.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana na Gisèle Berwa

  1. Nubwo imirwano yahagarara, ihungabana ry’abana ba Iran rizakomeza

    Ifoto: Umugore n’umwana we bareba ibyangijwe n’igitero cy’indege muri Tehran.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umugore n’umwana we bareba ibyangijwe n’igitero cy’indege muri Tehran.

    Intambara ubu iri mu mutwe we. Urugi rukubiswe cyangwa ibikoresho byo ku meza biguye bituma asimbuka kubera ubwoba. Agahenge ntigahindura ibyo.

    Ali ati :“Mbese mbere y’intambara nta kimpangayikisha nagiraga na gito.” yongera ati: “Ariko ubu n’ijwi rito cyane ringiraho ingaruka mbi k’ubwonko.”

    Nubwo afite imyaka 15 gusa, Ali, atari ryo zina rye nyakuri, asobanukiwe ko ubu bwoba buzakomeza no mu gihe habaye agahenge. Avuga ko urusaku rukomeye rutuma umubiri we uhita witwara mu buryo bw’ubwoba bwihuse.

    “Urusaku rw’ibiturika, ihungabana rituruka ku mbaraga zarwo, n’urusaku rw’indege z’intambara ziguruka hejuru y’umujyi bishobora kugira ingaruka zikomeye cyane,” ni ko avuga.

    Abantu barenga 20% by’abaturage ba Iran bari munsi y’imyaka 14 ni ukuvuga abana bagera kuri miliyoni 20.4. Ibyo Ali n’abandi benshi bari kunyuramo ni byo abahanga mu mitekerereze bita “guhorana ubwoba no kwikanga cyane”, kandi bishobora kuba ikimenyetso cya mbere cy’indwara y’ihungabana riterwa n’ibyakubayeho, izwi nka Post-traumatic stress disorder (PTSD).

    Izindi nkuru wasoma:

  2. Ibitero vyabandanije mw’ijoro muri Israel na Libani

    Inzu zasambutse muri Liban

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Habaye intambara nshasha mw’ijoro hagati ya Israel na Hezbollah. Israel yagize ibitero vyo mu kirere muri Libani, uwo murwi witwaje ibirwanisho nawo warashe ama “roquette” yatumye haba imburi i Tel Aviv n’ahandi

    Ukutumvikana ku bijanye n’uko Libani yoba iri mu masezerano y’agahengwe mu ntambara na Iran biriko bituma haba ukutumvikana gukomeye imbere y’ibiganiro vy’amahoro bitegekanijwe kubera muri Pakistan mu mpera z’iyi ndwi.

    Israel yavuze ko yarashe aho Hezbollah iterera ibisasu muri Libani mw’ijoro, mu gihe uwo murwi ushigikiwe na Iran nawo wavuze ko warashe amarokete mu bice bitandukanye vya Israel.

    Iyo ntambara ibaye inyuma y'aho bivugiwa ko Prezida Trump yasavye Israel kugabanya inguvu mu bikorwa vyayo muri Libani, amajambo benshi babonye nk’ugusaba Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu kwigumya.

    Abatabara bariko barondera abantu mu bitero muri Liban

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Ibitero Israel yagize kuri Libani ku wa gatatu vyahitanye abantu barenga 300, nk’uko vyatangajwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwa Libani.

    Mw'itangazo ryasomwe kuri televiziyo y'igihugu ca Irani, indongozi y’ikirenga ya Irani, Mojtaba Khamenei, yasubiwemwo avuga ko igihugu ciwe gifise uburenganzira bwo kwihora ku bitero vya Amerika na Israel ku gihugu ciwe no ku bafatanyabikorwa baco - bishaka kuvuga Hezbollah muri Libani, igihugu Israel na Amerika bavuga ko kitari mu masezerano y’agahengwe mu ntambara.

    Izindi nkuru wosoma :

  3. Nigeria: Perezida Tinubu mu gahinda nyuma y’uko jenerali w’ingabo yiciwe mu gitero cy’inyeshyamba

    Perezida Tinubu wa Nigeria ku ifoto yegeranyijwe n'iya Gen Braimah
    Insiguro y'isanamu, Perezida Tinubu wa Nigeria ku ifoto yegeranyijwe n'iya Gen Braimah

    Perezida wa Nigeria yihanganishije imiryango y’abasirikare bataramenyekane neza umubare bapfiriye mu gitero cy’inyeshyamba ku kigo cya gisirikare muri leta ya Borno ku wa kane.

    Bola Tinubu yatangaje ko ababajwe cyane n’urupfu rw’abasirikare bo muri 29 Task Force Brigade bari bakuriwe na Brigadier-General Oseni Omoh Braimah “watanze igitambo gikuru mu kurinda igihugu cyacu” nk’uko Tinubu yabyanditse ku rubuga X.

    Icyo gitero kuri icyo kigo cya gisirikare kiri mu majyaruguru ashyira uburasirazuba bwa Nigeria bivugwa ko cyakozwe n’umutwe wa Boko Haram, nubwo wo utarakigamba.

    Mu byumweru bishize ibitero ku bigo bya gisirikare muri ako karere bikorwa na Boko Haram n’umutwe wundi uyishamikiyeho wa Iswap byariyongereye mu gihe igisirikare kigerageza guhashya uwo mutwe.

    Mu kwezi kw’Ugushyingo(11) umwaka ushize Brigadier General Musa Uba yiciwe mu gitero yatezwemo n’abarwanyi ba Iswap muri iriya leta ya Borno.

    Leta ya Borno ni izingiro ry’iyi mitwe yitwaje intwaro ihungabanya umutekano kuva mu myaka 10 ishize.

    Mu gihe mu myaka ya vuba ibitero bya Boko Haram byari byaragabanutse uhereye igihe byari bikabije mu 2015, mu mezi ya vuba aha byongeye kwiyongera.

    Mu kwezi gushize, ibitero bya bombe z’ubwiyahuzi mu mujyi wa Maiduguri, umurwa mukuru w’iriya leta, byishe abantu 20 bikomeretsa abandi benshi.

    Amerika, yohereje ingabo zo gufasha gutoza iza Nigeria kurwanya imitwe yitwaje intwaro, iherutse kuburira abaturage bayo kwirinda ingendo zijya muri Nigeria kubera impungenge z’iterabwoba no gushimuta abantu.

  4. Uwahoze ari Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga yapfuye azize ibikomere yagiriye mu bitero byagabwe ku rugo rwe

    wahoze ari Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga wa Iran, Kamal Kharrazi,

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ibitangazamakuru byo muri Iran biratangaza ko uwahoze ari Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga, Kamal Kharrazi, yapfuye nyuma y’ibikomere yatewe n’igitero yagabweho mu ntangiriro z’uku kwezi.

    Kharrazi yari azwi muri politiki ya Iran nk’umunyapolitiki ushyigikira impinduka, akaba yari umuyobozi w’Inama ya Iran ishinzwe umubano n’amahanga ndetse n’umujyanama wa nyakwigendera Umuyobozi w’Ikirenga wa Iran, Ali Khamenei. Yabaye Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga wa Iran kuva mu 1997 kugeza mu 2005.

    Urubuga rw’amakuru rwa Jamaran rushyigikira impinduka rwari rwatangaje ku wa 1 Mata (ukwezi kwa 4) ko Kamal Kharrazi “yakomeretse bikomeye kandi ajyanwa mu bitaro” nyuma y’igitero, kandi nk’uko ayo makuru yabivugaga, umugore we yahise apfa.

    Jamaran yavuze ko urugo rwa Kharrazi rwo muri Tehran ari rwo rwagabweho igitero.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Inganda zo muri Amerika zaratanguye guhingura igitoro co muri Venezuela

    uruganda rwa Chevron

    Ahavuye isanamu, James Cooke/BBC

    Hari ihinduka rikomeye ririko riraba mu bijanye n’ibitoro kw’isi, aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zatanguye gusubira kwakira igitoro kiva muri Venezuela.

    Ubwato bwitwa Minerva Gloria buherutse gushikana muri Amerika utugunguru 400,000ku nkengera z’ikigobe cya Mexique (Gulf Coast), ikintu kitari gushoboka amezi make aheze kubera ibihano vyari vyafatiwe igihugu ca Venezuela kigitwarwa na Nicolás Maduro.

    Ubwato Minerva Gloria

    Ahavuye isanamu, James Cooke/BBC

    Inyuma y’ifatwa rya Maduro, ugushora ibitoro vya Venezuela kwarongerekanye cane, aho nko muri Ntwarante(ukwezi kwa 3)vyanshitse ku tugunguru turenga imiliyoni imwe ku munsi .

    Ishirahamwe Chevron ririko rirafata uruhara runini muri iki gikorwa, rikura ivyo bitoro muri Venezuela , rikabitwara , rikongera rikabihingura mu nganda zaryo zo muri Amerika.

    Naho ico gitoro kizimbutse , kiragoye guhingura kubera uburemere bwaco no kuba cyuzuyemwo “sulfur” nyinshi .

    Naho umwimbu wiyongereye, ibiciro vy’ibitoro muri Amerika biracari hejuru. Ivyo biterwa n’uko ibiciro vy’igitoro bishingira ku masoko mpuzamakungu, kandi intureka zo mu karere k’uburasirazuba bwo zirabandanya gutuma biduga.

    Abahinga bavuga ko inyungu zizoboneka mu nyuma mu gihe isoko mpuzamakungu ryosubira ku murongo harimwo no kugabanuka kw’intambara, ubwinshi bw’igitoro kiva muri Venezuela bushobora gufasha kugabanya ibiciro ku banyagihugu mu gihe kiri imbere.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Melania Trump yahakanye ko hari isano afitanye na Jeffrey Epstein

    Melanie Trump umugore wa Perezida Donald Trump

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Melanie Trump umugore wa Perezida Donald Trump

    Melania Trump yahakanye ko hari isano afitanye na Jeffrey Epstein, abwira abanyamakuru bari mu biro bya Perezida w’Amerika ko ibivugwa bibahuza “bigomba guhagarara uyu munsi”.

    Mu itangazo ritunguranye ryasohotse ku wa Kane, umugore wa Perezida w’Amerika yasabye ko habaho ibiganiro mu ruhame ku barokotse ubucuruzi bw’abakobwa n’abagore bwakorwaga na Epstein.

    Yanahakanye ibihuha byo kuri internet bivuga ko Epstein ari we watumye amenyana na Donald Trump, avuga ko ibyo ari “igerageza ribi ryo kwangiza izina ryanjye”.

    Ntibizwi neza icyateye iri tangazo.

    Nta kimenyetso cyari cyatanzwe mbere n’ibiro bye ko aza kugira icyo avuga kuri Epstein, kandi ibiro bya Perezida nabyo ntibyari byatangaje mbere iyo ngingo igihe ijambo rye ryashyirwaga kuri gahunda y’umunsi.

    Yavuze ko atigeze aba umwe mu bahohotewe na Epstein, ahubwo ko bahuye mu buryo bw’igihe gito gusa mu mwaka wa 2000.

    Yagize ati: “Sinigeze ngira ubumenyi ubwo ari bwo bwose ku ihohoterwa Epstein yakoreraga abo yahohoteye. Sinigeze ngira uruhare urwo ari rwo rwose. Sinigeze mba umwe mu babigizemo uruhare.”

    Yanahakanye ko azi Ghislaine Maxwell, wari umufatanyabikorwa wa Epstein ubu ufungiwe muri gereza.

    Yavuze ku butumwa bwa email bwo mu 2002 hagati ye na Maxwell bwashyizwe mu nyandiko za Epstein, avuga ko ntacyo bwari busobanuye uretse “ubutumwa busanzwe” ndetse n’“igisubizo cy’ubupfura”.

    Email isa n’iyo yavuze yandikiwe umuntu witwa “G” bikekwa ko ari Ghislaine kandi irimo amagambo yo gushima inkuru yavugaga kuri “JE” hamwe n’ifoto ya G yari yasohotse muri New York Magazine. Yanditsemo ko “atariwe uzabona agiye kuri Palm Beach.”

    Iyo email igira iti: “Uzamvugishe nusubira muri NY. Ibihe byiza! Ndagukunda, Melania.”

    Email igaragaza ikiganiro cya Melanie Umugore wa Trump na Maxwell uvugwa kuba umugore wa Epstein

    Ahavuye isanamu, US department of justice

    Insiguro y'isanamu, Email y’ibiganiro hagati ya Melanie Trump na Maxwell

    Ku wa Kane kandi, Melania Trump yasabye abagize inteko ishinga amategeko “guha aba bahohotewe amahirwe yo gutanga ubuhamya bwabo, kandi bafite imbaraga z’ubuhamya bwemewe n’amategeko”.

    Yagize ati: “Buri mugore wese akwiriye kubona umunsi wo kuvuga inkuru ye mu ruhame niba abyifuza, kandi ubuhamya bwe bugashyirwa burundu mu nyandiko z'inama y’inteko ishingamategeko. Icyo gihe, kandi icyo gihe gusa, ni bwo tuzamenya ukuri.”

    Mu mezi ashize, abayobozi benshi b’ibigo by’ubucuruzi bazwi cyane bahatiwe kwegura ku myanya yabo nyuma y’uko hamenyekanye andi makuru ku isano bari bafitanye na Epstein – ibintu na Melania Trump yavuze mu magambo ye.

    Yagize ati: “Birumvikana ko ibi ubwabyo bidahita bivuga ko umuntu ahamwa n’icyaha, ariko tugomba gukorera mu mucyo no mu buryo bweruye kugira ngo tumenye ukuri.”

    Ntiyemeye kwakira ibibazo by’abanyamakuru.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Trump avuga ko uburyo Iran iriko ikoresha mu kugenzura umuhora wa Hormuz “atari ko twavyumvikanye”

    Prezident donald trump

    Ahavuye isanamu, AFP

    Umukuru w’igihugu ca Amerika, Donald Trump, yagiriza Iran ko idakurikiza ivyo bumvikanye mu masezerano yo guhagarika intambara, avuga ko uburyo iriko iragenzura uruja n’uruza rw’ibitoro biciye mu muhora wa Hormuz “atari ko twavyumvikanye”.

    Ibi bibaye mu gihe uwo muhora w’ingenzi ku rwego rw’isi , usanzwe ucamwo ibice 20 kw'ijana vy'ibitoro bikoreshwa kw'isi, uguma ufise ingorane, aho ubwato buke ari bwo bumaze kwemererwa kuhaca naho hari amasezerano yo gusubiza ibintu mu buryo.

    Trump yarongeye aburira Iran kudaca amafaranga ku bwato butwara igitoro , avuga ko ivyo vyoba ari ukurenga ku masezerano ari mu biganiro bikiriko biraba.

    Hari kandi ukudatahura kumwe ku bijanye n’ayo masezerano yo guhagarika intambara, cane cane ku bijanye n’uko Libani iri mu masezerano canke itarimwo. Iran ivuga ko iri mu masezerano, ariko Amerika na Israel bo bavuga ko itarimwo.

    Muri ico gihe nyene, ibiganiro vya dipolomasi biriko birategurwa, aho Amerika itegerezwa kwakira ibiganiro hagati ya Israel na Lebanon mu ndwi iza, bigamije kugabanya ubushamirane no kurondera amahoro, harimwo n’ingingo yo kwaka ibirwanisho umugwi wa Hezbollah.

    Ariko kubera ibikorwa vya gisirikare bikibandanya hamwe n’ukutumvikana mu vya politike, haracari ugushidikanya ku kuntu ivyo biganiro bizogenda. Uwo muhora wa Hormuz uguma ari ingenzi ushobora gutuma ibintu bisubira kwunyuka, kandi bifise ingaruka ku butunzi bw’isi yose.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.

Trending Now