Uburusiya, Ubushinwa, Amerika... abahomba n'abungukira mu ntambara ya Iran

Abakozi mw'isoko ry'ibitoro vy'imiduga bariko barakora ku modoka y'amahinguriro iruhande y'amatanki y'ibitoro mu gisagara ca Erbil muri Iraki, itariki 17 z'ukwezi kwa gatatu.

Ahavuye isanamu, Sedat Suna / Gett Images

Insiguro y'isanamu, Abadandaza ibitoro mu karere k'Uburasirazuba bwo Hagati bahura n'ingorane zikomeye mu gihe umuhora wa Hormuz wapfunzwe kubera iyo ntambara
Igihe co gusoma: iminota 5

Uhereye kw'iduga ry'amafaraga yo kugura ibitoro vyo gususurutsa mu nzu muri Yorkshire gushika ku kwugara amashure muri Pakistan kugira amafaranga yo kuriha ntabe umurengera, canke kuduga kw'igiciro c'ibitoro muri Ghana, ingaruka z'ubutunzi zivuye ku ntambara yo mu buseruko bwo hagati ziramaze kumvikana cane.

Biragaragara ko ingaruka z'ukwihora kwa Iran, zigamije guteza ingorane z'ubutunzi n'uruhombo zishobora kutamara igihe gito. Vyongeye, ntizingana hose.

Iruhande y'urutonde rw'abantu bashobora kugeramirwa cane, hari n'abariko barahungukira.

None abo ni bande?

Abunguka: Norvege, Canada n'Uburusiya

N'ubwo hari ishaka rikomeye ryo kurondera amasoko ntanganguvu yisubiriza, turacakoresha cane ibitoro na gaz.

Ibihugu bifise ububiko bwinshi bw'ivyo bitoro akenshi birabikuramwo itunga ryinshi cane, ari co gituma ibitoro vyataziriwe "inzahabu yirabura".

Iyo ibiciro biduze, abimbura ibitoro barahungukira, mu gihe ababigura bo umufuko usigara wera.

Ariko rero, iki si igihe gisanzwe c'ukwiyongera kw'ibiciro vy'ibitoro.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uburasirazuba bwo Hagati buracari umutima w'ahaturuka ibitoro, umuhora wa Hormuz nawo ukaba umutsi wawo mukuru.

Iyugarwa ry'umuhora wa Hormuz n'ibitero ku bikorwa remezo vy'ibitoro na gaz muri ako karere vyagize ingaruka zikomeye ku mahinguriro yo mu kigobe nka Qatar na Arabie Saoudite, mu gihe Iran irondera gutera ibihugu bicuditse na Amerika.

Mu gihe abaguzi bariko bararondera ahandi bakura ivyo bitoro, ibihugu nka Norvège na Canada nivyo bishobora kuhungukira.

Inyuma y'aho Uburusiya butereye Ukraine mu 2022, hanyuma ibihugu vyinshi bakarondera kugabanya kuzera cane kuri gaz y'Uburusiya, Norvege yarashoboye kwongereza ubushobozi bwo kwimbura ibitoro no kuvyungukiramwo.

Hagati aho, umushikiranganji wa Canada ajejwe amasoko ntanganguvu, Tim Hodgson, yihutiye kuvuga ko igihugu ciwe ari "igihugu gitekanye, co kwizigira, kitari mahindagu, gihingura amasoko ntanganguvu gishingiye ku ngenga-gaciro'', ariko hari ibibazo ku bijanye n'ingene Canada ishobora kwongereza umwimbu.

Umunyakanada Tim Hodgson, yambaye ikoti kandi ahagaze imbere ya mikoro n'agatara , inyuma yiwe ijambo Canada riboneka ku ruhome inyuma yiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tim Hodgson yavuze ko amayira ya Canada mu budandaji yuguruye, ariko hari ibibazo ku bushobozi bwayo bwo kwongereza umwimbu

Uburusiya ni bwo bushobora kwunguka gusumba abandi.

Mu gihe Amerika yoroheje ingingo mu kurondera kugabanya ubukene bw'ibitoro kw'isi, ivyo Uburusiya bugurisha ku Buhindi vyaciye biduga ku rugero rwa 50 kw'ijana.

Ibiharuro bimwe bivuga ko Uburusiya bushobora kwinjiza izindi miriyaridi zitanu imbere y'uko ukwezi kwa gatatu guhera, kandi bukaba bushobora kuba buri mu nzira yo kugira umwaka w'inyungu ya mbere nini mu bijanye n'ibitoro kuva mu 2022.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishobora gusanga zitumye Uburusiya buharonkoye inyungu nini cane, ibihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu vyo bikahahombera. Hariho n'abandi bashobora kuharonkera inyungu.

Mu gihe ibihugu bimwe bimwe biriko bisubira gukoresha ibizuku (charbon/coal), ni akaryo keza cane ku bihugu bikomeye mu kubishora hanze nka Indonesia, kuko igiciro c'ivyo bizuku na co nyene kiriko kiriyongera.

Abahomba: Amerika, Ubwongereza n'Uburayi

Tuvuge iki kuri Leta Zunze Ubumwe za Amerika? Perezida Donald Trump avuga ko iyo ibitoro biduze igiciro, Amerika "yinjiza amafanga menshi".

Nta nkeka, amahinguriro y'ibitoro muri Amerika ashobora kwinjiza imiriyaridi mirongo z'ayandi mafaranga muri uyu mwaka mu gihe ibiciro vy'ibitoro vyoguma ku rugero biriko ubu.

Ariko ivyo ntibisigura ko Amerika ari yo yunguka.

Ubwa mbere, ni ukubera ko hari amakompanyi amwe amwe akora ibijanye n'ibitoro afise ibikorwa vyinshi mu Buseruko bwo Hagati, aho ibintu bishobora guhungabana.

Nk'akarorero, ishirahamwe ExxonMobil rifise ibikorwa mu ruganda rwa Ras Laffan muri Qatar, aho umusaruro wahagaritswe kuva mu ntango z'ukwezi kwa gatatu, kandi hakaba hamaze kugabwako ibitero vya misire vya Iran, aho vyononye ibitari bike.

Ubwa kabiri, inyuma y'imyaka myinshi bagabanya ubushobozi bwabo kubera igabanuka ry'ibiciro ku masoko, abimbura ibitoro vyo mu bitare (shale) ntibashobora kwongereza umwimbu vyihuta.

Kandi igihambaye kuruta vyose: ubiravye ku muntu umwe umwe, Abanyamerika ni bo bakoresha ibitoro na gaz vyinshi kw'isi yose.

Kuva ku gushusha inzu mu bihe vy'imbeho ikomeye yo mu karere ka Midwest, gushika ku gukoresha imodoka cane mu bihe vy'ingendo nyinshi, barakorwako cane n'ihindagurika ry'ibiciro vy'ibikomoka ku bitoro.

Abahinga mu vy'ubutunzi bo muri Oxford Economics baburira ko ibiciro vy'ibitoro vyoshika ku madolari 140, bikaguma kuri urwo rugero, ubutunzi bushobora kugabanuka.

Umushoferi w'ikamyo yuzuza ikamyo , hamwe n'ipompo mu mwijima, ku kibanza c'igitoro i Eloy, Arizona itariki 18 z'ukwezi kwa gatatu.

Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanyamerika barahangayikishijwe cane n'ihindagurika ry'ibiciro vy'ibikomoka ku bitoro

Ariko ntiwumve, Abanyamerika si bo bonyene bahanzwe n'izo ngaruka.

Ukuzera kw'abaguzi b'i Buraya - hamwe n'abo mu Bwongereza - kuri gaz iva hanze, bituma habaho ingorane nyinshi kw'iterambere ry'ubutunzi.

Ivyo bishobora kuboneka biciye ku kwiyongera kw'ibiciro: ivyabaye mu ndwi za vuba bishobora kwongerako hafi 0.5% ku gipimo c'iduga ry'ibiciro mu mpera z'umwaka, nimba bigumye uko, ukwiyongera kw'ibiciro kwoshika no ku bintu nk'ifumbire hamwe n'ibiciro vyo kwunguruza ibidandazwa.

Inkuru nziza ni uko ibihugu vyo mu burengero bw'isi bimaze imyaka bigerageza cane gukoresha neza amasoko ntanganguvu, ubu bikaba bimenyereye cane ivy'ihindagurika ry'ibiciro kurusha uko vyari bimeze muri kahise.

Ariko rero, nk'akarorero, kuba ibitoro na gaz birenga ica kabiri c'amasoko ntanganguvu akoreshwa mu Bwongereza, abatwara imodoka, amafaranga yo gushusha amazu, hamwe n'ibisata bikenera inguvu nyinshi nk'amahinguriro, baguma bashobora kuja mu ngorane, kandi ivyo niko bimeze no mu bindi bihugu vyinshi kw'isi.

Ingaruka nyinshi ntiziterwa gusa n'uko ibiciro bizoba bimeze mu minsi iza, zizova kandi ku nyifato n'ingingo zizofatwa n'ama leta, ico kikaba ari ikibazo gikomeye cane.

Ntibitangaje kubona abategetsi benshi bijijanya imitima mu kwiyumvira gusohora amafaranga yo gusahiriza umuguzi, kuko ayinjira mu kigega nayo ari mu bihe bibi.

Gukoresha impapuro zo kurondera ideni ku masoko (bons du tresor/treasury bonds) navyo bishobora gutuma ibiciro biduga maze bikongereza miriyaridi z'amafaranga ku bihugu bisanzwe bifise amadeni y'umurengera.

Yamara, ikibazo gikomeye kurusha ibindi kiri ku basanzwe bagura igitoro na gaz bica mu muhora wa Hormuz.

Asia ivana 59 kw'ijana vy'igitoro kitayunguruye kivuye mu Buseruko bwo Hagati, Korea y'Epfo, gushika ku 70 kw'ijana. Kubera igabanuka ry'agaciro k'amasoko y'imitahe kubera ihungabana n'impungenge zijanye n'ibiciro, abanyapolitike baraburiye ku ngorane zishobora gushikira inganda z'udukoresho twa "chip" (puces) muri ico gihugu.

Korea y'Epfo ikora ibirenga ica kabiri ca 'chip/puce' zo gushingura ibintu mu mashini canke terefone (memory chips) zikoreshwa kw'isi yose.

Ahandi naho, ibihugu nka Sri Lanka, Bangladesh na Philippines vyashizeho ingingo nko gutaga igitoro ku rugero, gukora iminsi ine mu ndwi, hamwe no kwugara amashure.

Ariko ibihugu bikoresha cane ibitoro kuri uwo mugabane vyarakingiwe gatoyi, biciye mu kwitegura neza no mu migenderanire.

Ubushinwa bufise ububiko buhagije bw'ibitoro bishobora kumara amezi menshi, kandi bivugwa ko bwiteguye mu kwongereza igitoro bugura muri muri Irani.

Ni co kimwe no ku Buhindi, na bwo nyene buriko burisuganya bufatiye kuri ico gihe co kwugururira inzira ibitoro biva mu Burusiya.

Ivyoshika vyose bizotegerezwa guterwa n'ibizoba bibaye muri iyi ntambara mu bihe biri imbere.

Ariko birasa cane n'uko, igihe yategura gutangura ibitero kuri Iran, Leta Zunze Ubumwe za Amerika itari yabonye neza ingaruka zimwe zimwe z'ubutunzi zashobora guterwa n'iyo ntambara.

Kandi iyo ntambara imaze igihe kirekire, ni ko n'ingorane zizogenda zirushiriza kwiyongera, atari ku bihugu bimwe bimwe gusa, n'ibindi kw'isi bizogenda biratandukirwa.