DR Congo: Ibitero bya ‘drones’ n’imirwano irimo ibisasu biremereye irimo kuvugwa muri Kivu y’Epfo

Uretse i Mikenke, imirwano irimo kuvugwa no mu kibaya cya Ruzizi i Kabunambo hafi ya ‘centre’ ya Sange muri 30km mu mjyaruguru ya Uvira.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana, Gisele Berwa na Didier Bikorimana & Dinah Gahamanyi

  1. Aha niho dushoreje amakuru y'ikibiriraho, n'ahejo...Murakoze!

  2. Ivy'akakanya, Umuyobozi w'ikigo cy'igihugu gishinzwe kurwanya iterabwoba muri Amerika yeguye, avuga ko adashobora gushyigikira intambara

    Joe Kent

    Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Joe Kent

    Umuyobozi w’ikigo cy’igihugu gishinzwe kurwanya iterabwoba muri Amerika yatangaje ko yeguye abinyujije ku mbuga nkoranyambaga - avuga ko " mu marangamutima ye adashobora gushyigikira intambara irimo kubera muri Irani ".

    Sena yemeje ko Joe Kent ari we watoranyijwe na Trump kuri uwo mwanya muri Nyakanga(7) ishize.

    Mu ibaruwa ye yo kwegura, Kent yagize ati: "Irani ntabwo yateje ikibazo gikomeye ku gihugu cyacu, kandi biragaragara ko twatangije iyi ntambara kubera igitutu cya Israel n'ishyaka ryayo rikomeye ry'Abanyamerika."

    "Nshyigikiye indangagaciro na politiki y'ububanyi n'amahanga mwakoreye ubukangurambaga muri 2016, 2020, 2024, mwashyizeho muri manda yanyu ya mbere."

    "Kugeza muri Kamena(6) 2025, mwari musobanukiwe ko intambara zo mu Burasirazuba bwo Hagati zari umutego wambuye Amerika ubuzima bw'agaciro bw'abakunda igihugu cyacu kandi ukagabanya ubutunzi n'iterambere ry'igihugu cyacu."

    "Nk'umusirikare w'intwari wagiye kurwana inshuro 11, kandi nk'umugabo wa Gold Star wapfushije umugore wanjye nkunda Shannon mu ntambara yakozwe na Israel, sinshobora gushyigikira kohereza igisekuru gitaha kurwana no gupfa mu ntambara idafite icyo imaze kugirira akamaro Abanyamerika cyangwa ngo igaragaze ikiguzi cy'ubuzima bw'Abanyamerika."

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Ububirigi: Umutama w'imyaka 93 ashobora kuburanishwa mu rubanza rw'iyicwa rya Patrice Lumumba

    Etienne Davignon

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Etienne Davignon

    Sentare yo mu Bubirigi yafashe ingingo ko umutama w'imyaka mirongo icenda n'itatu ashobora kuburanishwa mu rubanza rujanye n'iyicwa ry'uwatanguye kuba umushikiranganji wa mbere wa Repuburika ya Demokrasi ya Congo, Patrice Lumumba.

    Etienne Davignon, umwe mu bari bahagarariye Ububirigi muri Congo ico gihe, yagirizwa kuba yarapfunze yongera aratanga Lumumba mu buryo butemewe n'amategeko hamwe no mu kumukorera ibimaramaza n'ibitesha agaciro umuntu.

    Lumumba, incungu y'intahe yo kwikukira, yishwe arashwe n'umugwi w'abasirikare baba babitumwe hanyuma ikiziga ciwe kiyonzwa mu bumara bwa aside. Davignon ni we wenyene asigaye akiriho mu Babirigi cumi bagirijwe mu rubanza rwashingishijwe n'umuryango wa Lumumba.

    Ububirigi bwaremeye uruhara rwabwo kandi rurasaba imbabazi umuryango wa Lumumba n'igihugu ca Repuburika ya Demokarasi ya Congo.

    Igihe c’iyicwa rya Emery Patrice Lumumba mu kwezi kwa mbere mu 1961, Etienne Davignon yari umudiplomate acimenyereza ariko mu nyuma araduga mu mabanga gushika aho aba icegera c’umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Abagabo baba ababyeyi nyuma y'i myaka 35 bashobora kubyara abana bafite ibibazo - Ubushakashatsi

    Umwana w'uruhinja

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Abagabo baba ababyeyi nyuma y'imyaka 35 bahura n'ibibazo byo kubyara abana batagejeje igihe cyangwa bafite indwara yangiza ubwonko yitwa 'autisme'.

    Buri mwaka kandi umubare w'intanga ngabo n'imbaraga zazo zigenda zigabanuka, keretse iyo bubatse.

    Ibi bibazo byagaragaye mu bushakashatsi bwinshi bwakozwe mu myaka mike ishize. Bumwe muri ubwo bushakashatsi bwakozwe n’ishuri ry’ubuganga rya kaminuza ya Stanford, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ryakoze ubushakashatsi n’isuzuma ry’abana barenga miliyoni 40 bavutse ku bagabo bari bafite imyaka 35 kuzamuka.

    Nubwo abantu bake ari bo bazi amakuru ajyanye n’imyororokere y’abantu, inkuru nziza ni uko abahanga basaba abantu gupimwa hakiri kare kugira ngo hirindwe ingaruka zishobora kugaragara ku bana babo hakiri kare.

    Inzindi nkuri wasoma:

  5. Ivy'akakanya, Igitero cy'indege cya Pakisitan cyahitanye abantu bagera kwi 100 mu kigo cyita ku barwayi b'ibiyobyabwenge i Kabul

    Umugabo ugenda aho ikigo cyita ku banywa ibiyobyabwenge cyasenyutseyutse

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Umugabo ugenda aho ikigo cyita ku banywa ibiyobyabwenge cyasenyutse

    Abantu barenga 100 biciwe mu gitero cy’indege za gisirikare cya Pakisitan cyagabwe ku kigo cyita ku bantu banywa ibiyobyabwenge mu murwa mukuru wa Afuganisitani, nk’uko amakuru aturuka muri laboratwari y’ubugenzacyaha yabibwiye BBC.

    Amakuru aturuka mu ishami ry’ubuvuzi rya Kabul avuga ko hari imibiri yangiritse ku buryo idashobora kumenyekana.

    Abayobozi b’aba Taliban baravuga ko imibare y’abaguye muri iyo mpanuka iri hejuru cyane. Loni yasabye ko hakorwa iperereza ryihuta.

    Pakisitan yahakanye ko yagabye igitero kuri icyo kigo nkana, ivuga ko "yagabye igitero ku bigo bya gisirikare n'ibikorwaremezo bitera inkunga y'iterabwoba".

    Intambara yambukiranya imipaka yongeye kwaduka mu kwezi gushize, aho Pakisitan yavuze ko Afuganisitan yari icumbikiye inyeshyamba zagabye igitero ku butaka bwayo, ikintu Kabul yahakanye.

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Ali Larijani ni nde?

    Ali Larijani ,umunyamabanga w’ijambo mu nama nkuru y’igihugu ya Iran ijejwe umutekano.

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ali Larijani ni umunyamabanga w’ijambo mu nama nkuru y’igihugu ya Iran ijejwe umutekano (SNSC).

    Yagenywe na Prezida Masoud Pezeshkian mu kwezi kw’umunani 2025 nk’umunyamabanga wa SNSC akaba n’uwuserukira indongozi y’ikirenga, umuhisi Ayatollah Ali Khamenei, muri iyo nama.

    Ibinyamakuru vyo muri Iran vyamudondoye nk’umuhanuzi w’uwahora ari indongozi y’ikirenga. Yararongoye inama nshingamateka mu kiringo c’imyaka 12, kuva mu kwezi kwa gatanu 2008 gushika mu kwa gatanu 2020.

    N’ubwo yagiye azezwa amabanga akomeye, ibinyamakuru vyo muri Iran mu myaka iheze vyamudondora nk’umu conservateur w’ivyiyumviro bidakaze.

    Imbere y’uko agenwa mu mabanga yo kurongora inama nshingamateka, Larijani yarabaye umuyobozi ajejwe kuyobora ibiganiro hagati ya Iran n’ibindi bihugu ku bijanye n’umugambi wa nikleyeri hagati ya 2005 na 2007.

    Umuvukanyi wiwe, Sadegh Larijani, na we nyene ni umwe mu bantu bafise ijambo muri iyo repubulika ya kiislamu. Arongoye “Expediency Council”, urwego rukomeye mu gihugu rujejwe gutatura amatati hagati y’inama nshingamateka, inama nkenguzamateka na sentare yubahariza ibwirizwa nshingiro.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Washington yatumije u Rwanda na DR Congo ku masezerano y’amahoro ‘atagenda’

    Umukuru w'igihugu wa Amerika akikijwe n'umukuru w'igihugu wa Kongo n'uw'Urwanda

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ubutegetsi bwa Washington bwatumije impande za DR Congo n’u Rwanda ngo baganire ku masezerano y’amahoro yasinywe umwaka ushize atagaragaza umusaruro nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru The Africa Report.

    Iki kinyamakuru kivuga ko abategetsi ku rwego rwo hejuru ku ruhande rw’u Rwanda na RD Congo bategerejwe i Washington muri iki cyumweru.

    Leta ya Amerika iheruka gufatira ibihano igisirikare cy’u Rwanda n’abagikuriye kubera uruhare ibashinja mu ntambara muri RD Congo aho bashinjwa gufasha umutwe wa M23.

    Nubwo hataremezwa neza abazitabira ku mpande zombi, abitezwe muri iyo nama barimo; Mauro De Lorenzo umujyanama mukuru wa Perezida Kagame, na Brigadier General Patrick Karuretwa ukuriye ubufatanye mpuzamahanga mu gisirikare cy’u Rwanda.

    The Africa Report ivuga ko ku ruhande rwa Congo hazajyayo Patrick Luabeya intumwa idasanzwe ya Perezida Tshisekedi.

    Abategetsi bo mu nama ishinzwe umutekano muri White House n’ishami rishinzwe ibijyanye na Afurika muri Minisiteri y’ububanyi n’amahanga ya Amerika ni bo bazayobora ibyo biganiro.

    Izindi nkuru wosoma :

  8. Israel ivuga ko yishe Larijani umukuru w'umutekano wa Iran

    Ifoto ya Ali Larijani ariko aravuga imbere y'ibimenyeshamakuru

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Ali Larijani ajejwe Inama y'Igihugu ijejwe umutekano muri Iran

    Ali Larijani, umwe mu bayobozi bakuru b’umutekano muri Iran, yishwe mu bitero vyabaye mw’ijoro, nk’uko vyavuzwe n’umushikiranganji wa Israel ajejwe ingabo witwa Israel Katz.

    Katz yemeza ko bazobandanya “guhiga” indongozi z’ubutegetsi bwa Iran.

    Kw'ifoto yasohowe n’ibinyamakuru vya Iran no ku mbuga za Telegram na X za Ali Larijani, haraboneka ubutumwa bwandikishijwe iminwe, n’aho ata saha canke itariki bwanditseko, ibinyamakuru vya Leta bivuga ko ari ubw’uyu musi.

    Umushikiranganji Katz yavuze ko umukuru wa Basij, Gholamreza Soleimani, na we nyene yishwe, aca ashimira ibikorwa vy’iperereza n’igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere kuri ico gikorwa.

    Umwe mu bategetsi b’igisirikare ca Israel yemereye BBC ko Larijani yari yatewe.

    Leta ya Iran ntaco irashikiriza ku bivugwa na Israel.

    Izindi nkuru wosoma :

  9. ‘Nta mayeri arimo’ – Trump nyuma yo kunengwa gutinza kubonana na Xi Jinping

    Trump na Xi ubwo baheruka guhura mu Ukwakira(10) gushize

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Trump na Xi ubwo baheruka guhura mu Ukwakira(10) gushize

    Perezida Trump yavuze ko “nta mayeri ari” mu gushaka gutinza inama ye na Perezida w’Ubushinwa nyuma y’uko Beijing inenze ibitero kuri Iran ikanga no gutanga ubufasha Trump yasabye.

    Ku wa Mbere, Trump yavuze ko ateganya gutinzaho ukundi kwezi kumwe urugendo rukomeye yari kuzagirira mu Bushinwa mu mpera z'uku kwezi, kubera intambara muri Iran.

    Yagize ati: “Biroroshye cyane. Dufite intambara irimo kuba. Ntekereza ko ari ingenzi ko nguma hano,” ashimangira ko “nta mayeri arimo,” kandi ko yiteze kuzabonana na Perezida Xi Jinping.

    Ibi bije nyuma y’umunsi umwe Trump abwiye ikinyamakuru Financial Times ko ashobora gusubika iyo nama niba Ubushinwa budashaka kubafasha umuhora wa Hormuz - inzira y’ingenzi inyuzwamo ibitoro biva mu bihugu byo mu karere ka Gulf.

    Amagambo ya Trump aje mu gihe ubushyamirane hagati y’ibi bihugu by’ubukungu bubiri bunini ku isi burushaho kwiyongera, bitewe n’intambara ya Iran.

    Ubushinwa ni umwe mu baguzi bakomeye b’ibitoro bya Iran, kandi bwanenze ibitero byagabwe kuri icyo gihugu na Amerika ifatanyije na Israel.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. DR Congo: Ibitero bya ‘drones’ n’imirwano irimo ibisasu biremereye irimo kuvugwa muri Kivu y’Epfo

    Abarwanyi b'ingabo za leta bari ku ntambara mu myaka ishize

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Ifoto y'abarwanyi b'ingabo za leta bari ku ntambara mu myaka ishize

    Umwe mu batuye mu gace ka Mikenke hafi ya Minembwe yabwiye BBC ko mu ijoro ryacyeye no mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri hagabwe ibitero by’indege za ‘drones’ z’ingabo za leta, mu gihe mu kibaya cya Ruzizi na ho harimo kuvugwa imirwano.

    Amashusho yashyizwe ku mbuga nkoranyambaga agaragaza imirongo y'abantu benshi barimo guhunga imirwano i Kabunambo bivugwa ko ishyamiranyije uruhande rw'ingabo za leta hamwe n'uruhande rw'inyeshyamba za M23.

    Umuvigizi wa AFC/M23 yatangaje ko ibyo bitero byibasiye ibice bituwe n’abaturage kandi byiyongera ku bitero “bikomeje ku basivike badafite kirengera” by’ingabo za leta.

    Uruhande rw’ingabo za leta nta cyo ruravuga ku bitero birimo kuba muri ako karere. Gusa mbere rwavuze ko ari ibitero byibasira abarwanyi ba Twirwaneho bafatanya na M23.

    Uretse ibitero i Mikenke, muri iki gitondo imirwano irimo kuvugwa no mu kibaya cya Ruzizi mu gace ka Kabunambo hafi ya ‘centre’ ya Sange ku birometero 30 mu mjyaruguru y’umujyi wa Uvira ku muhanda werekeza i Bukavu.

    Umwe mu banyamakuru bigenga ukorera muri Kivu y’Epfo yatangaje ko aho i Kabunambo harimo kumvikana urusaku rw’imbunda nini n’intoya kuva mu gitondo cy’uyu munsi.

    Lawrence Kanyuka uvugira umutwe wa M23 avuga ko badashobora guceceka imbere y’ibyo bitero “by’ubukana bukomeye”.

    Nyuma y’ibyumweru bicye bafashe Uvira, umutwe wa M23 wavuye muri uwo mujyi mu Ukuboza(12) gushize ku gitutu cya Amerika. Bivugwa ko abarwanyi bawo batagiye kure cyane yawo.

    Amashusho yashyizwe ku mbuga nkoranyambaga agaragaza imirongo y'abantu barimo guhunga iyi mirwano mu gitondo cyo ku wa mbere

    Ahavuye isanamu, Social media

    Insiguro y'isanamu, Amashusho yashyizwe ku mbuga nkoranyambaga agaragaza imirongo y'abantu barimo guhunga iyi mirwano mu gitondo cyo ku wa kabiri

    Kinshasa,ONU, n’ibihugu bimwe by’iburengerazuba nka Amerika, bashinja u Rwanda gufasha umutwe wa M23, ibyo leta y’u Rwanda ihakana.

    Imihate imaze igihe kinini yo gushaka agahenge no guhagarika iyi ntambara mu burasirazuba bwa Congo nta cyo irageraho kugeza ubu.

    Abantu ibihumbi za mirongo bari batuye mu bice bya Luvungi, Sange na Kabunambo bavuye mu byabo bahungira i Burundi mu mirwano yo mu Ukuboza mbere y’ifatwa rya Uvira.

    Imirwano irimo kuvugwa ubu ije mu gihe bivugwa ko izi mpunzi zirimo kwitegura gusubira iwabo nk'uko amakuru agera kuri BBC abyemeza.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Nigeria: Ibisasu byinshi by’abiyahuzi byishe abarenga 20 mu mujyi wa Maiduguri

    Abatabazi bari mu kazi mu mujyi wa Maiduguru mu ijoro ryo ku wa mbere nyuma y'iturika ry'ibisasu by'ubwiyahuzi ahahurira abantu benshi

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Insiguro y'isanamu, Abatabazi bari mu kazi mu mujyi wa Maiduguru mu ijoro ryo ku wa mbere nyuma y'iturika ry'ibisasu by'ubwiyahuzi ahahurira abantu benshi

    Ibisasu byinshi by’abiyahuzi byaturikiye ahari abantu benshi mu mujyi wa Maiduguri, umurwa mukuru wa Leta ya Borno, mu ijoro ryo ku wa mbere byishe abantu nibura 23 naho abarenga 100 barakomereka nk’uko abategetsi babitangaje.

    Igipolisi mu ntara ya Borno cyavuze ko ibyo bisasu byaturikijwe mu duce dutatu tuba turimo abantu benshi cyane tw’umujyi bigakurikirana mu gihe cy’iminota gusa kuva saa 7:05 z’ijoro ku isaha yaho kugeza 7:24.

    Ahibasiwe ni mu isoko ry’umujyi, ku muryango mugari wa University of Maiduguri Teaching Hospital (UMTH), no ku nzira y’abanyamaguru yo hejuru (flyover) ku biro by’iposita.

    Ibi bitero byakozwe nyuma gato y’isaha yo gusoza igifungo ku bayisilamu bari mu gisibo, bariho bajya mu ngo zabo gusangira Iftar, ifunguro rya nimugoroba ry’Abayisilamu bari mu gisibo – bagize umubare munini w’abatuye Maiduguri.

    Igisirikare kivuga ko ibyo bitero byakozwe n’abantu bakekwaho kuba ari abarwanyi ba Boko Haram b’abiyahuzi.

    Igisirikare cyise icyo gikorwa “icy’ubugwari cyo guhitana abantu benshi” mu hantu hahurira imbaga.

    Ibyo bisasu byateje ubwoba bukomeye mu mujyi wa Maiduguri, wari umaze imyaka itari utekanye ugereranyije n’igihe wari warabaye indiri y’inyeshyamba za Boko Haram.

    Amashusho yasakajwe ku mbuga nkoranyambaga, amwe muri yo agaragaza mu buryo buteye ubwoba abapfuye n’abakomeretse ku buryo adashobora kugaragazwa.

    Maiduguri

    Ibyabaye ku wa mbere nijoro byiyongera ku mpungenge ziyongera z’uko ibikorwa by’imitwe yitwaje intwaro byongeye kwiyongera mu majyaruguru y’uburasirazuba bwa Nigeria.

    Mu byumweru bishize, abarwanyi bakekwaho kuba aba Boko Haram bagabye ibitero byinshi ku birindiro by’ingabo muri leta ya Borno no muri Yobe ihana imbibi na yo, bica abasirikare ndetse batuma abaturage bava mu byabo.

    Nubwo ibikorwa bya gisirikare bikomeje, iyi ntambara imaze imyaka 17 iracyahindura imiterere yayo.

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Ibanki nkuru ya Ghana yaburiye ko iyi ntambara izotuma ibintu bizimba muri ico gihugu

    Abantu benshi bariko baradandaza muri mababaraba yo mu gihugu ca Ghana

    Ahavuye isanamu, Reuters

    Ibanki nkuru ya Ghana yaburiye ko intambara iri hagati ya Amerika-Israel na Iran ishobora gusubiza inyuma intambwe igihugu cari kimaze gutera mu kugabanya ihungabana ry’ibiciro, bitewe n’uko ibiciro vy’igitoro ku rwego rw’isi biriko biraduga hamwe n’uko uburyo bwo kuronka amafaranga ku masoko mpuzamakungu buriko burakomera.

    Mu nama y’akanama nshingwabikorwa ku bijanye n’ingingo z’ivy’ubutunzi yatanguye ku wa mbere, Umukuru wa banki nkuru, Johnson Asiama, yavuze ko iyo ntambara yazanye ingorane nshasha ku rugendo rwa Ghana rwo kugabanya ihungabana ry’ibiciro, mu gihe ubutunzi bwari bwatanguye kwifata neza inyuma y’igihe kirekire ibiciro biri hejuru. Kuva muri Mukakaro (7) 2025, Ghana yatanguye kugabanya inyungu ku ngurane, inyuma y’aho, ihungabana ry’ibiciro rica ritangura kugabanuka ku rugero rudasanzwe.

    Bitegekanijwe ko banki nkuru itangaza ingingo nshasha ku wa 18 Ntwarante (3), mu gihe abasesenguzi barindiriye kubona nimba izofata ingingo z’ukwiyubara. Ukwiyongera kw’ibiciro vy’igitoro gushobora gutuma ibiciro vy’ibiva hanze biduga, bigatuma n’ibiciro mu gihugu vyiyongera. Ariko Asiama yavuze ko ukwiyongera kw’igiciro c’inzahabu ku rwego mpuzamakungu gushobora gufasha kugabanya izo ngaruka.

    Nk’igihugu ca mbere muri Afrika mu kudandaza inzahabu nyinshi, Ghana yarashingiye cane ku kwinjiza amafaranga ava ku nzahabu mu gushigikira ubutunzi bwayo, aho ayo mafaranga yigwije hafi kabiri agashika ku miliyaridi 20 z’amadolari mu 2025, avuye kuri miliyaridi 10.3 mu 2024, ivyo bikaba vyafashije kunagura neza amafaranga yinjira n’ayasohoka mu gihugu. Naho hariho iterambere rimaze kuboneka, iyo banki nkuru ivuga ko ingorane zigihari, cane cane kubera uguhindagurika ku biba ku rwego mpuzamakungu.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. 'Abantu barihebye kandi bararambiwe' – Abanya-Irani bavuganye na BBC

    Umugore usutamye wambaye ikanzu ndende y'umukara y'amaboko maremare, yitandiye mu mutwe n'igitambaro cy'umukara, yambaye agapfukamunwa k'umweru, arimo gushakisha mu byasenyutse bw'inyubako, akoresheje ikiganza. Ifoto mbarankuru yo mu bubiko.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Nubwo ikoreshwa ry’umurongo wa internet ryagabanyijwe cyane muri Irani, bagenzi bacu bo mu ishami rya BBC ritangaza amakuru mu rurimi rw’Igi-perse bashoboye kwakira ubutumwa bwo kuri telefone buvuye imbere muri Irani.

    Umugabo wo mu kigero cy’imyaka 20 wo mu murwa mukuru Tehran yagize ati: “Internet ya Irani ubu igenda buhoro cyane rwose.”

    “Dufite impungenge rwose ko bashobora kutumenya. Baramutse batumenye, mfite ubwoba ko dushobora kwicwa.”

    Undi mugabo, wo mu kigero cy’imyaka 30, avuga ko ukuntu internet imeze ari “bibi cyane”.

    Yongeyeho ati: “Umuntu naguzeho VPN yanjye yurije ibiciro kuva ejo bigera kuri miliyoni 1.2 kuri 1gb ya internet!”

    VPN ni uburyo bwo kugera kuri internet iyo isanzwe yavanyweho cyangwa yagabanyijwe cyane.

    Muri iki gihe muri Irani, impuzandengo y’umushahara (umushahara muri rusange) igera ku miliyoni 30 z’ama- Rial ya Irani. Ayo angana na 33,000 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.

    Umugore uri mu kigero cy’imyaka 20 w’i Tehran yagize ati: “Uyu munsi nagiye kwisukisha imisatsi, nubwo nari mpangayitse cyane kubera uko ibintu bimeze hanze.”

    Yongeyeho ati: “Hari hari abantu benshi cyane [mu nzu itunganyirizwamo imisatsi]. Mbona hari abantu bamwe bagifite icyizere. Numvise ikintu giturika cyane ubwo nari ndiyo, ariko ubu abantu barabimenyereye.”

    Umugabo uri mu mujyi wa Isfahan, rwagatimuri Irani, yavuze ko uwo mujyi “warashweho cyane”. Yavuze ko ku wa mbere muri uwo mujyi humvikanye “ibisasu biremereye” ndetse ko no mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri habaye ibitero mu gace kari hafi y’ahari ikigo cy’ingabo za Irani zirwanira mu kirere.

    Yagize ati: “Abantu biteguye kwemera ko ibi birangira uko byarangira uko ari ko kose. Abantu barimo kujya mu mujyi guhaha hamana [biroganye cyane], ndetse ibintu bimeze nk’icyunamo cyane kurusha ikiruhuko.

    “Ababyeyi banjye bari mu majyaruguru, ku nyanja ya Kasipiyene [Caspian Sea] kandi bavuga ko hari amasoko mato amwe yaho yafunguye ndetse ko bisa nkaho ubuzima bukomeje by’igice. Abantu barihebye kandi bararambiwe.”

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Sri Lanka yatangaje ko kuwa gatatu ari umunsi w’akaruhuko kugira iziganye igitoro

    Ifoto y'erekana aho batangira igitoro hari n'imirongo y'abantu batondesheje ingendeshwa zabo

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Leta ya Sri Lanka yatangaje ko buri munsi wa gatatu uzoba uw’akaruhuko mu gihugu mu ntumbero yo kugabanya ikoreshwa ry’ibitoro.

    Ni mu gihe ibihugu vya Aziya biriko birafata ingingo zo kwikingira ikibazo c’ibitoro gifitaniye isano n’intambara ya Amerika-Israel na Irani.

    Umukuru w’igihugu Anura Kumara Dissanayake yavuze ko igihugu gikwiye “kwitegurira ibihe bibi bishoboka,” kubera ihungabana riri mu muhora wa Hormuz ririko rirahungabanya itangwa ry’ibitoro.

    Iyo nzira isanzwe icamwo ibice 20% vy’ibitoro bikoreshwa kw’isi kandi isanzwe icamwo igice kinini c’ibitoro vyinjira muri Aziya, ari nawo mugabane ukoresha ibitoro vyinshi cane kw’isi.

    Iyi ndinganizo nshasha yo gukora iminsi ine gusa mu ndwi izokurikizwa mu mashure no muri za kaminuza, mu gihe ibikorwa vy’ingenzi nk’ubuvuzi n’ivy’abinjira n’abasohoka bizobandanya gukora iminsi yose.

    Abategetsi bahisemwo ku wa gatatu kugira birinde ko haca iminsi itatu bahagaritse akazi kubera akaruhuko ko mu mpera z’indwi gasanzweho.

    Harashinzwe kandi ingingo yo kugabanya ibitoro abantu bakoresha, aho abatwara imodoka basabwa gukoresha “application” yitwa “National Fuel Pass” ibagerera urugero rw’igitoro batarenza.

    Mu bindi bihugu vya Aziya, na vyo nyene biriko birafata ingingo nk’izo: Thailand iriko ihimiriza abantu kwambara impuzu zoroshe ku kazi, Myanmar yagabanije ikoreshwa ry’imodoka, Bangladesh iraca umuyagankuba rimwe rimwe, mu gihe Philippines na Vietnam bariko bahimiriza abantu gukorera muhira ngo bagabanye ingendo kugira bigabanye ikoreshwa ry’ibitoro.

    Izindi nkuru wosoma:

  15. "Ntituzigera twibagirwa ubwitange bwanyu" – Ingabo za Jamaica zishimira iz’u Rwanda

    Umusirikare w'u Rwanda n'uwa Jamaica mu gusezera ku basirikare b'u Rwanda bashoje akazi muri Jamaica

    Ahavuye isanamu, Jamaica Defence Force

    Insiguro y'isanamu, Umusirikare w'u Rwanda n'uwa Jamaica mu gusezera ku basirikare b'u Rwanda bashoje akazi muri Jamaica

    Ingabo za Jamaica zashimiye “ingabo z’u Rwanda n’abanyarwanda” nyuma y’amezi abiri itsinda ry’ingabo zo mu ishami ry’ubwibatsi ryoherejwe muri icyo kirwa cyo muri Karayibe gufasha gusana ibyangiritse nyuma y’inkubi yahashenye byinshi.

    Igisirikare cya Jamaica cyatangaje ko iryo tsinda ry’ingabo z’u Rwanda ryasezeweho nyuma y’ibikorwa byo gufasha gusana ryakoreye mu burengerazuba bwa Jamaica.

    Mu butumwa ku mbuga nkoranyambaga, igisirikare cya Jamaica cyagize kiti: “Ntituzigera twibagirwa umurimo wanyu n’ubwitange mwerekanye muri kimwe mu biza bibi cyane byabayeho mu mateka yacu”.

    Itsinda ry’abasirikare b’u Rwanda b’inzobere mu bwubatsi ryoherejwe muri Jamaica hagati mu kwezi kwa mbere gufasha gusana ibikorwa remezo byangijwe n’inkubi y'umuyaga wiswe Melissa wibasiye iki gihugu mu Ukwakira(10) umwaka ushize.

    Iyo nkubi yarimo n’imvura nyinshi yageze ku muvuduko wa 297Km/h yangiza ibikorwa remezo nk’imihanda, inzu, n’amashanyarazi kuri iki kirwa, yica abantu bagera kuri 32 naho abagera kuri miliyoni 1.5 ibasiga iheruheru.

    Leta ya Kingston muri Jamaica ivuga ko iyo nkubi yateye iki gihugu igihombo kiri hafi ya miliyari 9 z’amadorari ya Amerika.

    Mu gushimira akazi kakozwe n’igisirikare cy’u Rwanda, igisirikare cya Jamaica cyagize kiti: “Mwafashije guhindura ubuzima no kugarura icyizere ku gisenge cyose mwahinduye no ku nzu yose yungukiye mu bufasha bwanyu”.

    Gusezera abasirikare b'u Rwanda

    Ahavuye isanamu, JDF

    Abasirikare b'u Rwanda basezera ku bo muri Jamaica

    Ahavuye isanamu, JDF

    Insiguro y'isanamu, Abasirikare b'u Rwanda basezera ku bo muri Jamaica
    Igisirikare cy'u Rwanda cyavuze ko abavuye muri Jamaica bageze i Kigali ku wa mbere

    Ahavuye isanamu, RDF

    Insiguro y'isanamu, Igisirikare cy'u Rwanda cyavuze ko abavuye muri Jamaica bageze i Kigali ku wa mbere

    Izindi nkuru wasoma:

  16. Ambasade y'Amerika i Baghdad yibasiwe n'ibitero bya 'drone'

    Umwotsi uzamuka hejuru y’ambasade y’Amerika i Baghdad ku itariki ya 14 Werurwe (3) mu 2026.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Umwotsi uzamuka hejuru y'ambasade y'Amerika i Baghdad mu murwa mukuru wa Iraq ku wa gatandatu w'icyumweru gishize, nyuma y'icyatangajwe ko ari igitero cya 'drone'

    Ambasade y’Amerika i Baghdad yibasiwe n’urukurikirane rw’ibitero by’indege nto z’intambara zitajyamo umupilote (drone) hamwe n’ibisasu bya rokete, nkuko amakuru y’ibiro ntaramakuru Reuters n’ibiro ntaramakuru AFP abivuga.

    Abatanze amakuru bo mu nzego z’umutekano za Iraq babwiye AFP ko ari cyo “gitero cya mbere gikomeye cyane kibayeho kuva ibitero bitangiye”.

    Ambasade y’Amerika aho mu murwa mukuru wa Iraq yari yatanze ubutumwa bushya bw’umutekano buburira Abanyamerika bari muri icyo gihugu, amasaha hafi atandatu mbere yuko ibitero biba ku wa mbere. Yari yababuriye ko “imitwe y’iterabwoba ikorana na Irani yagiye igaba ibitero inshuro nyinshi mu gace mpuzamahanga” kari rwagati muri Baghdad.

    Ibyo bitero, byanabaye mu cyumweru gishize, byakomeje no mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri.

    Ku wa mbere, ‘drone’ yateje inkongi kuri hoteli ikomeye iri mu gace karinzwe cyane kazwi nka ‘Green Zone’ k’i Baghdad, karimo inyubako za leta ndetse karimo n’ambasade z’ibihugu by’amahanga.

    Mu gitondo cyo kuri uyu wa kabiri, ambasade y’Amerika, iri muri ako gace ka ‘Green Zone’, yarashweho. Umutegetsi wo mu nzego z’umutekano yabwiye AFP ko "'drone' eshatu na rokete enye byateye ambasade, nibura ‘drone’ imwe ishwanyukiramo imbere [muri ambasade]”.

    Uwabibonye yabwiye Reuters ko yabonye ‘drone’ eshatu ziguruka zerekeza kuri ambasade y’Amerika. Ebyiri zahanuwe ariko iya gatatu yarashe imbere mu gipangu cy’iyo ambasade, nkuko Reuters ibitangaza.

    Izindi nkuru wasoma:

  17. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.

Trending Now