Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya yumvikanye n’Ubusuriya ko nta muturage wayo uzongera kujyanwa mu ntambara muri Ukraine
Sergei Lavrov yavuze ko abaturage ba Kenya, kimwe n’abo mu bindi bihugu, basinye amasezerano n’igisirikare cy’Uburusiya ku bushake. Yongeraho ko Moscow yubashye ibyo bumvikanye uyu munsi n’abategetsi bavuye i Nairobi.
Incamake
- Ubudage ntibubona icyo OTAN ijya gukora mu kibazo cy'umuhora wa Hormuz
- Israel ivuga ko yashenye indege yatwaraga na Ali Khamenei wa Iran
- Ubushinwa busaba ko intambara ihagara vuba, inyuma y'amajambo ya Trump
- Abantu 10 bahiriye mu bitaro mu cyumba cy'indembe mu Buhinde
- Kubera iki kurekura ububiko bw'ibitoro bitagabanyije ibiciro?
- Oscars 2026: Reba urutonde rw'abatwaye ibihembo bikomeye
- Trump yasabye ibihugu kuza kumufasha ngo bafungure umuhora wa Hormuz
- Ibihugu byo mu Kigobe byatangaje ibindi bitero byinshi bya Iran muri iki gitondo
- Congo-Brazzaville: Amatora yabaye nta internet, nta telephone
- Indege zahagaritswe ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Dubai inyuma y'igitero ca drone
- Iran "ntiyigeze isaba agahengwe canke kuganira" - Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu
- Inteko Ishingamategeko ya DR Congo iratangira kuganira ku masezerano y'amahoro ya Washington
- Igisirikare ca Israel kivuga ko kiriko kirongereza ibitero vyaco kuri Iran
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana , Giselle Berwa & Samba Cyuzuzo
Ibyo wamenya ku muhora wa Hormuz
Umuhora wa Hormuz ni yo nzira icamo amato menshi atwaye ibitoro kurusha izindi ku isi aho ibigera kuri 20% by’ibitoro bijya ku isoko ry’isi binyura.
Amato agera ku 3,000 anyura muri uyu muhora buri kwezi. Mu 2025, utugunguru tugera kuri miliyoni 20 tw’ibitoro twacaha muri uyu muhora ku munsi umwe.
Ibi bisobanuye ko kuba Iran ikomeje kubasha gufunga iyi nzira bifite ingaruka ziteye ubwoba ku kuboneka kw’ibitoro ku isoko hamwe no kwiyongera kw’ibiciro byabyo.
Intambara irimo kuba yateye guhindagurika kw’ibiciro by’ibitoro ndetse bituma ikigo cya ‘International Energy Agency’ cyemera irekurwa ry’utugunguru miliyoni 400 tw’ibitoro byari mu bubiko mu kugerageza kuziba icyuho.
Perezida Donald Trump akomeje gusaba ibihugu by’inshuti ya Amerika n’ibigize OTAN kohereza amato y’intambara mu karere gufasha Amerika ngo iyi nzira ifungurwe kandi irindwi ibitero bya Iran.
Ibihugu bitandukanye nk’Ubuyapani, Australia byamaze guhakanira Trump, ibindi nk’Ubwongereza, Korea y’Epfo n’Ubushinwa ntibyahakanye byeruye ariko byagaragaje ko bidashyigikiye ubwo busabe.
Naho BorisPistorius, Minisitiri w’ingabo z’Ubudage, kuri iki cyifuzo cya Trump yagize ati: “Iyi si intambara yacu, ntabwo ari twe twayitangije”.
Ubudage ntibubona icyo OTAN ijya gukora mu kibazo cy’umuhora wa Hormuz
Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga w’u Budage, yavuze ko atabona uruhare rwa NATO/OTAN mu gukemura ikibazo cy’ifungwa ry’umuhora wa Hormuz.
Ni nyuma y’uko Perezida Donald Trump wa Amerika akangishije ko ahazaza ha OTAN “hazaba habi cyane” niba iri shyirahamwe ryo gutabarana ridafashije Amerika gufungura no gucunga amato akanyura muri iyi nzira y’ingenzi ku bucuruzi bw’ibitoro ku isi.
Ministiri Johann Wadephul yagize ati: “Ntabwo mbona ko NATO yafata icyemezo icyo ari cyo cyose kijya kuri iki kibazo cyangwa ko ishobora gufata inshingano ku bijyanye n’uyu muhora wa Hormuz. Iyo biza kuba ari uko bimeze, inzego za NATO zari kubiganiraho mu buryo buboneye.”
Johann yatangaje ibi mbere y’inama y’abaminisitiri b’ububanyi n’amahanga bo mu Muryango w’Ubumwe bw’Uburayi (EU) ibera i Buruseli mu Bubiligi
Yavuze ko nubwo mu Burasirazuba bwo Hagati ibintu bikomeje kuba bibi, Ukraine igikomeza kuba ikibazo cya mbere cy’umutekano ku Burayi.
Yanenze kandi icyemezo cya Amerika cyo gukuraho by’agateganyo ibihano byafatiwe ibitoro by’Uburusiya kugira ngo bigurishwa ku masoko mpuzamahanga, avuga ko ibyo biha Uburusiya ubushobozi bwo gukomeza intambara.
Kenya yumvikanye n’Ubusuriya ko nta muturage wayo uzongera kujyanwa mu ntambara muri Ukraine
Kenya yatangaje ko nta muturage w’iki gihugu uzongera kujyanwa mu ntambara muri Ukraine kurwanira Uburusiya nyuma y’ibiganiro by’ibihugu byombi i Moscow.
Avugira iruhande rwa mugenzi we Sergei Lavrov kuri uyu wa mbere, Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Kenya Musalia Mudavadi yavuze ko leta zombi zageze ku kumvikana nyuma y’ibibazo by’abaturage ba Kenya bajya muri iyi ntambara.
Mu kwezi gushize, raporo yerekanye ko abarwanyi barenga 1,400 baturutse mu bihugu bigera kuri 35 bya Afurika biyandikishije kurwanira Uburusiya muri Ukraine kuva mu 2023 kandi abagera kuri 316 muri bo bapfuye.
Mu barwanyi bavuzwe muri iyo raporo bapfuye batandatu ni abo mu Burundi, naho mu bavuzwe bagiye ku rugamba kurwanira Uburusiya umwe ni uwo mu Rwanda.
Mu kwezi gushize kandi mu nteko ishingamategeko ya Kenya byavuzwe ko abanyakenya barenga 1,000 bagiye kurwanya muri Ukraine ku ruhande rw’Uburusiya.
Mudavadi yabwiye abanyamakuru ati: “Abaturage ba Kenya ntibazongera kwandikwa biciye muri Minisiteri y’ingabo bigendanye n’ibikorwa bidasanzwe bya gisirikare”.
Uburusiya, ibitero byabwo n’intambara burimo muri Ukraine buyita “ibikorwa bidasanzwe bya gisirikare”.
Mudavadi yavuze ko babashije kumvikana na leta y’Uburusiya “nyuma y’impungenge zagaragajwe n’imiryango i Nairobi”, mu gihe hari imiryango imwe n’imwe itaramenya aho abayo bari nyuma yo kujya mu Burusiya bijejwe akazi keza.
Minisitiri Lavrov yavuze ko bamwe mu banyakenya mbere binjiye mu gisirikare cy’Uburusiya ku bushake bwabo.
Yagize ati: “Abaturage ba Kenya, kimwe n’abo mu bindi bihugu, basinye amasezerano n’igisirikare cy’Uburusiya ku bushake.”
Lavrov yongeyeho ko Moscow yubashye ibyo bumvikanye uyu munsi n’abategetsi bavuye i Nairobi.
Mu kwezi gushize abadepite ba Kenya bavuze ko abaturage b’iki gihugu barenga 1,000 bagiye mu Burusiya bizezwa akazi n’imishahara minini, mbere yo kujyanwa mu ntambara muri Ukraine.
Kugeza ubu 27 ni bo bagaruwe mu gihugu, benshi muri bo ari inkomere banafite ihungabana.
Ibinyamakuru muri Kenya bivuga ko benshi bapfiriye mu ntambara naho abandi ari imfungwa z’intambara.
Izindi nkuru wasoma:
Israel ivuga ko yashenye indege yatwaraga na Ali Khamenei wa Iran
Igisirikare cya Israel kivuga ko iyo ndege yakoreshwaga n’uwahoze ari umuyobozi w’ikirenga wa Irani, Ali Khamenei, yarasiwe ku kibuga cy’indege cya Mehrabad kiri i Tehran mu ijoro.
Iki gisirikare kivuga ko iyi ndege yakoreshwaga n’abandi bategetsi bakuru ba Iran n’abasirikare mu bikorwa byo kugura intwaro no guhuza ibikorwa n’ibihugu bafatanya.
Iran ntacyo itarangaza ku bivugwa na Israel.
Ku rundi ruhande, kimwe mu byo igisirikare cya Israel gikomeje kwibasira cyane ni aho Iran irekurira ibisasu byayo bya misile.
Raporo imwe yo muri Israel ivuga 70% by’aho baterera izo misile bahashenye cyangwa hatagishobora gukoreshwa.
Izindi nkuru wasoma:
Kurungika ingabo z’Ubwongereza ku rugamba - Ikibazo kigoye Umushikiranganji wa mbere Starmer
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer yavuze ko gufata ingingo yo kurungika abasirikare b'Ubwongereza mu ntambara ari co kibazo kigoye cane ku mushikiranganji wa mbere uwo ari we wese.
Abandanya avuga ko nimba azotegerezwa kurungika abasirikare mu ntambara, bakwiye kumenya ko bagiye ku rugamba mu buryo bwemewe n’amategeko kandi ko hariho umugambi wateguwe neza.
Starmer yabandanije asigura ingene abona uburongozi bwiwe, avuga ko ari "uguhagarara rugabo ku nyungu z'Ubwongereza, naho hoba hari iterabwoba".
Yongeyeko ati: "Nibaza ko igihe kizokwereka ko twafashe inzira ibereye", imbere y'uko aha ijambo abashaka kubaza.
Starmer yavuze kandi ko Ubwongereza buriko burakorana n'ibihugu bigenzi ku mugambi ushoboka wo gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz, ariko akavuga ko kitazoba ari igikorwa ca OTAN.
Perezida Donald Trump yanenze Stamer ko Ubwongereza butafashije Amerika mu ntambara irimwo kuri Iran aho yavuze ngo Starmer "si Churchill" - Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza wafadikanyije na Amerika mu ntambara ya kabiri y'isi yose.
Izindi nkuru wosoma :
Ubumwe bwa Buraya buriko buraganira ko vyo bwokora kugira umuhora wa Hormuz wugururwe
Ibihugu bigize ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya biraganira ku cokorwa ku ruhande rw'Uburayi kugira ngo umuhora wa Hormuz ugume wuguruye, nk'uko bivugwa n'uwujejwe imigenderanire n'ayandi makungu.
Kaja Kallas yavuze ati: “Ni inyungu zacu ko umuhora wa Hormuz uguma wuguruye.”
Ibi yabivuze imbere y’inama y’abashinzwe imigenderanire n’ayandi makungu b’i Buraya iza kubera i Brussels, nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru Reuters.
Bivugwa ko hari ubwato butari buke bwarashwe kuva iyo ntambara itanguye, igihe bwagerageza guca muri ako gace gatoyi, aho hafi ibice 20 % vy’igitoro bikoreshwa kw’isi ariho bica.
Nk’uko twari twabibabwiye, Prezida wa Amerika Donald Trump avuga ko “vyoba bibi cane kuri kazoza ka OTAN” nimba ibihugu basanzwe batanya bitofasha Aemrika mu kugurura no gucungera uwo muhora.
Ku musi w’Imana, ibiro vy’umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza vyavuze ko Trump yavuganye na Keir Starmer, ku bijanye n’akamaro ko gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz kugira hahagarikwe ingorane ziriko zibuza ubudandaji bwo mu mazi ku rwego mpuzamakungu.
Izindi nkuru wosoma :
Ubushinwa busaba ko intambara ihagara vuba, inyuma y’amajambo ya Trump
Ubushinwa bwagize ico buvuga inyuma y’uko Perezida Trump, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co mu bwongereza citwa Financial Times, avuze ko ashobora kwegeza inyuma umubonano wari utegekanijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa Xi Jinping mu gihe Beijing itorungika imfashanyo zo gufasha gukingira umuhora wa Hormuz.
Abajijwe ku majambo ya prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu yavuze ko “diplomasi y’abakuru b’ibihugu ifise uruhara rukomeye kandi rudashobora gusubirwamwo mu gutanga umurongo ngenderwako mu migenderanire hagati y’Ubushinwa na Amerika.” Yongeyeho ati “impande zombi zabandanije kuganira ku bijanye n’urugendo rwa Perezida Trump.”
Mu kwishura ikibazo kijanye n’uko Trump yasavye ko ubwato bw’intambara burungikwa mu muhora wa Hormuz, Lin Jian yavuze yavuze ko umutekano muke uherutse kuba muri ako karere wahungabanije inzira z’ubudandaji kandi ugahungabanya amahoro mu karere no kw’isi yose..
Umuvugizi yavuze ati: “Ubushinwa bwongeye gusaba ko impande zose zihagarika ubu nyene intambara ,” yongera ati “twiyemeje guteza imbere ingingo zo kugabanya gushamirana.”
Izindi nkuru wosoma:
Abantu 10 bahiriye mu bitaro mu cyumba cy'indembe mu Buhinde
Abantu 10 bari barwariye mu ndembe bahiriye mu muriro wafashe mu kigo cyita ku bagize ihungabana, mu bitaro bya leta mu ntara ya Odisha mu Buhinde.
Abapfuye bose bari abarwayi, mu gihe abakozi 11 b’ibitaro barimo kuvurwa kubera guhira muri uwo muriro barimo gukiza abarwayi, nk’uko umukuru w’iyi ntara abivuga.
Umuriro, bakeka ko watewe n’ikibazo cy’amashanyarazi, watangiriye mu cyumba cy'indembe cya Medical College and Hospital mu mujyi wa Cuttack hafi ya saa munani n’igice z’igitondo ku isaha y’aho kuri uyu wa mbere.
Imiriro mu bitaro ikunze kugarukwaho mu Buhindi, kandi myinshi muri yo iterwa n’ibibazo by’amashanyarazi.
Mu kwezi kwa cumi umwaka ushize, abarwayi batandatu bari mu bitaro bari mu kaga bapfuye mu muriro mu cyumba cy'indembe mu ntara ya Rajasthan.
Mu 2024, umuriro mu cyumba cy’abana bavuka bafite ibibazo by'ubuzima mu kigo cy’ubuvuzi mu mujyi wa Jhansi wo mu majyaruguru wahitanye byibura abana 10 bavukaga.
Mu muriro wadutse ku bitaro mu rukerera kuri uyu wa mbere, abategetsi bavuze ko abashinzwe kuzimye umuriro n'abakozi bo kwa muganga bagerageje gutabara bakarokora bamwe mu barwayi.
Leta y’Intara yamenyesheje ko hazatangwa indishyi ku miryango y’abapfuye.
Izindi nkuru wasoma:
Kubera iki kurekura ububiko bw’ibitoro bitagabanyije ibiciro?
Kurekura urugero rwinshi cane rw’ububiko bw’ibitoro ntikwashoboye kugabanya cane ibiciro vy’igitoro, ahubwo ibiciro biriko biriyongera mu gihe ubudandaji bw’ibitoro muri Aziya bwinjiye mu gice ca nyuma c’umusi.
Igitoro kidandazwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kigeze ku madolari 98.97 ku kagunguru mu gihe igitoro citwa Brent kigeze ku $104.33 ku kagunguru. Ivyo vyose vyiyongereye hafi ku rugero rw’igice 1%.
Ibiciro kandi vyaraduze ku wa kane uheze inyuma y’aho ibihugu bigize Ikigo mpuzamakungu kijejwe Ibitoro kw’isi (IEA) vyemereye umugambi wo kurekura urugero rwinshi cane rw’ububiko bw’igitoro.
Uwo mugambi ni umuti w’igihe gito gusa, kandi ingaruka zawo ku masoko zishobora kuba nke cane mu gihe ingorane za politike n’intambara zobandanya, nk’uko vyavuzwe na Martin Ma wo mu kigo Singapore Institute of Technology.
Yavuze kandi ko amasoko yamaze gushiramwo mu vyiyumviro vyayo ingorane y’uko iyo ntambara ishobora kumara igihe kirekire, bigashobora guhungabanya umusaruro n’ugutwara ibitoro biva mu Buseruko bwo Hagati.
Ibitero muri ako karere biracabandanya, mu gihe Umunyamabanga wa Amerika ajejwe ivy’amasoko ntanganguvu, Chris Wright, yerekanye ko iyo ntambara ishobora kumara izindi ndwi zitari nke.
Gutwara igitoro kiva mu kigobe c’abarabu vyarahagaze hafi vyose inyuma y’uko Irani ibandanije gutera ubwoba ubwato bwose bwogerageza guca mu muhora wa Hormuz, ukoreshwa cane mu gutwara igitoro.
Izindi nkuru wosoma:
Oscars 2026: Reba urutonde rw'abatwaye ibihembo bikomeye
Abakinnyi ba filime n'abakora filime b'indashyikirwa bo muri Hollywood bahawe ibihembo bikomeye kandi byifuzwa cyane mu nganda za sinema, ari byo Oscars.
Filime yitwa One Battle After Another ni yo yitwaye neza kurusha izindi, yegukana ibihembo bitandatu, mu gihe Jessie Buckley ukina muri Hamnet na Michael B Jordan wo muri Sinners begukanye ibihembo by'ingenzi by'abakinnyi ba filime.
Trump yasabye ibihugu kuza kumufasha ngo bafungure umuhora wa Hormuz
Perezida Donald Trump wa Amerika yasabye ibihugu kuza gufasha Amerika gufungura umuhora wa Hormuz, inzira ikomeye y’ibitoro kw’isi, anakangisha ko ahazaza ha OTAN/NATO “hazaba habi cyane” niba ibyo bihugu bitaje gufasha muri icyo gikorwa.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Financial Times ari mu ndege ya Air Force One asubira i Washington nijoro, Trump yavuze ko yavuganye “n’ibihugu bigera kuri birindwi” ku “gucunga umutekano” w’umuhora wa Hormuz.
Nubwo nta gihugu yavuze yaganiriye na cyo, yakomoje ku ishyirahamwe rya OTAN, hamwe n’ibihugu avuga ko abona bikeneye “kurinda ubutaka bwabyo” kandi bifite inyungu mu kuza gufungura uwo muhora.
Kuva iyi ntambara itangiye, Iran yaburiye ko ubwato bwose bugerageza kunyura muri iyi nzira icamo 20% by’ibitoro bijya ku isoko ry’isi izaburasa. Uburenga 15 bumaze kuraswaho burimo kubigerageza.
Trump yavuze ko niba ibihugu yasabye gufasha bitabikoze byaba bivuze “ahazaza habi cyane kuri OTAN” mu gihe avuga ko Amerika yo yakomeje “kuryohera” [gufasha] ibihugu by’i Burayi.
Ati: “Ntabwo byari ngombwa cyane ko dufasha muri Ukraine. Ukraine iri ku birometero ibihumbi uvuye kuri twe…ariko twarabafashije. Ubu turareba niba [nabo] badufasha.”
Trump avuze ibi nyuma y’umunsi umwe asabye Ubushinwa, Ubufaransa, Ubuyapani, Korea y’Epfo n’Ubwongereza kuza “mu muhate uhuriweho” wo gufungura umuhora wa Hormuz.
Trump yakangishije Ubushinwa ko azatinza inama na XI Jinping w’Ubushinwa niba butemeye gufasha gufungura uwo muhora, avuga ko bunafite inyungu nini mu kuwufungura kuko bukoresha ibitoro byinshi biwucamo.
Ubushinwa nta cyo buravuga ku byatangajwe na Trump.
Izindi nkuru wasoma:
Ibihugu byo mu Kigobe byatangaje ibindi bitero byinshi bya Iran muri iki gitondo no mu ijoro ryacyeye
Arabia Saoudite, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu(UAE), Iraq na Kuwait byatangaje ibindi bitero bya za misile na drones bagabweho na Iran mu ijoro ryacyeye no muri iki gitondo.
Abategetsi muri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu batangaje ko babashije kuzimya umuriro wafashe ikibuga cy’indege mpuzamahanga cya Dubai nyuma y’igitero cya drones zaharashwe kigakubita itanki ibikwamo ibitoro.
Ku isaha ya saa tatu z’iki gitondo (saa moya i Gitega na Kigali) Minisiteri y’ingabo y’icyo gihugu yavuze ko ubwirinzi bwo mu kirere “ubu burimo gusubiza za misile zirimo kuza n’ibitero bya drone biva muri Iran”.
Ni nyuma yo guturika kumvikanye ahatandukanye muri iki gihugu no mu mijyi nka Dubai.
Iran imaze kurasa misile hafi 2,000 na za drones kuri Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu kuva iyi ntambara itangiye. UAE ivuga ko byinshi muri ibyo byafashwe n’ubwirinzi bwo mu kirere.
Arabia Saoudite yatangaje ko yahanuye drones zirenga 10 mu ijoro ryacyeye. Ntiyatangaje niba hari izageze ku ntego n’ibyaba byangiritse.
Hagati aho Israel na Amerika bikomeje ibitero byabo kuri Iran, ku murwa mukuru Tehran havuzwe kurasayo ibisasu gukomeye muri iki gitondo.
Israel kandi ikomeje kurasa ku murwa mukuru Beirut wa Liban aho ivuga ko irimo kwibasira ibikorwaremezo bya Hezbollah, umutwe ufashwa na Iran.
Congo-Brazzaville: Amatora yabaye nta internet, nta telephone
Amatora y’umukuru w’igihugu muri Congo-Brazaville yarangiye ku cyumweru aho yaranzwe no kuba nta internet cyangwa ihuzanzira rya telephone ryari ririho umunsi wose.
Perezida Denis Sassou-Nguesso w’imyaka 82 arimo gushaka manda ya gatanu mu matora atari afitemo uwo bahanganye ukomeye.
Babiri bakomeye mu batavugarumwe n’ubutegetsi bwe barafunze abandi bari mu buhungiro, mu gihe amashyaka agera kuri 40 arimo yafunzwe.
Abantu bagera kuri miliyoni eshatu bagombaga kwitabira aya matora yatangiye saa moya z’igitondo agafunga saa kumi n’ebyiri.
Amatora muri rusange yaranzwe n’ituze ariko sosiyete sivile ivuga ko kumenya uko yagenze mu bice byinshi by’igihugu bigoye kuko nta internet cyangwa telephone byari biriho.
Ibyavuye mu matora by’ibanze biteganyijwe gutangazwa mu masaha hagati ya 48 na 72.
Byitezwe cyane ko Sassou-Nguesso umaze imyaka yose hamwe igera kuri 40 ku butegetsi atsinda ku bwiganze.
Congo-Brazaville ni igihugu cya gatatu mu gucukura ibitoro muri Afurika yo munsi y’ubutayu bwa Sahara kandi kinatuganya ‘Liquefied Natural Gas (LNG)’.
Gusa 52% by’abaturage barenga miliyoni 6 batuye iki gihugu babayeho mu bukene, nk’uko bivugwa na Banki y’isi.
Izindi nkuru wasoma:
Indege zahagaritswe ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Dubai inyuma y'igitero ca drone
Abategetsi bamenyesheje ko bahagaritse vy'agateganyo ingendo ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Dubai nk'"uburyo bwo gukingira umutekano w'ingenzi n'abakozi bose bahakorera."
Abategetsi bavuze ko bariko barafasha mu kuzimya umuriro inyuma y'uko drone igwiriye ku kigega kibikwamwo ibitoro vy’indege."
Ingenzi zisabwa kuvugana n'amakompanyi y'indege zari kugendamwo kugira ngo zironke amakuru mashasha ajanye n’ingendo zabo.
Imbere y'uko intambara hagati ya Amerika na Iran itangura mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Dubai ni co cakira ingenzi nyinshi kw’isi, aho cakiriye ingenzi zigera ku miliyoni 90 mu mwaka wa 2025.
Izindi nkuru wosoma:
Iran "ntiyigeze isaba agahengwe canke kuganira" - Umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu
Umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Abbas Araghchi, yavuze ko Tehran "itigeze isaba guhagarika intambara" canke ngo isabe n'ibiganiro.
Ivyo yabivuze inyuma y’amajambo ya Donald Trump avuga ko Iran yipfuza ko habaho amasezerano, ariko ko we atiteguye kuyemera "kuko ayo masezerano atarashika ku rugero rwiza".
Mu kiganiro yahaye ikiganiro ca CBS News, Face the Nation, Araghchi yavuze ati:
“Ntitubona igituma twovugana n’Abanyamerika, kuko twari turiko turavugana na bo igihe bafata ingingo yo kudutera.”
Yongeyeko ati: "Iyi ni intambara Perezida Trump hamwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bahisemwo, kandi twebwe tuzobandanya twirwanira."
Izindi nkuru wosoma:
Inteko Ishingamategeko ya DR Congo iratangira kuganira ku masezerano y’amahoro ya Washington
Inteko Ishingamategeko ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo uyu munsi iratangira kuganira ku masezerano y’amahoro ya Washington yasinywe umwaka ushize hagati leta ya Kinshasa n’iya Kigali.
Ibiro bya perezida wa RD Congo byatangaje ko Perezida Félix Tshisekedi yakiriye umukuru w’inteko ishingamategeko umutwe w’abadepite Aimé Boji Sangara na Jean-Michel Sama Lukonde ukuriye umutwe wa sena kugira ngo babiganireho.
Amasezerano ya Washington yasinywe muri Nyakanga(7) ishize yemezwa mu Ukuboza(12) na ba Perezida Paul Kagame na Tshiseke bari iruhande rwa Donald Trump mu nyubako uyu yari amaze guhindurira amazina ikitwa "Donald J. Trump Institute of Peace" hafi y’ibiro bye.
Mu gihe abagirwaho ingaruka n’intambara mu burasirazuba bwa Congo bari bizeye ko aya masezerano ayihagarika, nk’uko na Perezida Trump yari yabisezeranyije, ariko kugeza ubu nta kinini cyahindutse ku rubuga rw’intambara.
Leta ya Kinshasa ishinja umutwe wa AFC/M23 guhonyora ayo masezerano ufatanyije n’ingabo z’u Rwanda ivuga ko ari zo zifasha izo nyeshyamba.
M23 na yo ishinja leta kuba ari yo yakomeje kurenga ku masezerano y’agahenge, no gukoresha ibitero by’indege za ‘drones’ mu gukomeza imirwano.
Ntihazwi neza umwanzuro uzafatwa n’Inteko ishingamategeko ya Congo kuri aya masezerano y'amahoro iruhande rwayo harimo n'ay'ibikorwa by'ubukungu n'ubucuruzi hagati ya Kinshasa na Washington.
Izindi nkuru wasoma:
Igisirikare ca Israel kivuga ko kiriko kirongereza ibitero vyaco kuri Iran
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko kiriko kirongereza ibitero vyaco ku bikorwa remezo vya Irani kugira gishike mu bindi bice vyo mu burengero no hagati muri Iran.
IDF ivuga ko ifise intumbero yo kugabanya ubushobozi bwo “kuyobora no kugenzura" bw’ubutegetsi bwa Iran, kandi igifise ahantu hashize ibihumbi ho gukora ibitero muri Iran.
Ku munsi wa gatandatu, Igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere cakoze urundi rukurikirane rw’ibitero ku cicaro gikuru c’ubutegetsi bwa Iran i Hamedan, mu burengero bwa Iran.
IDF ivuga ko yateye ku vyicaro bikuru vyinshi vy'igisirikare ca Iran (IRCG) hamwe n'ingabo za Basij.
Ivuga ko ivyo bitero biri mu "twigoro tubandanya twibanda ku kwonona uburyo bw'ibanze bw'ibikorwa hamwe n'imishinge y'ubutegetsi bwa Irani".
Izindi nkuru wosoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’aka kanya.