Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
U Burundi buvuga ko ICC itariko irakurikiza amategeko
Leta y'u Burundi ivuga ko igikorwa giherutse gutanguzwa n'umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha Fatu Bensuda, gihushanye n'amategeko.
Uwo mupfasoni aherutse gutangura igikorwa c'isuzumwa ry'ivyaha biriko birakorwa mu Burundi kugira arabe ko bikenewe ko atanguza amatohoza nyezina kuri ivyo vyaha.
Ariko leta y'u Burundi ibona ko ico gikorwa giteye kubiri n'amategeko.
Kubw'umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu, Alain Aime Nyamitwe, ngo ntibikunda ko iyo sentare mpuzamakungu ikora igikorwa camaze gutangurwa n'izindi sentare zo mu Burundi.
Ivyo uwo mushikinganji yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru uno munsi ku murwa mukuru Bujumbura, aho yananeguye ingene iyo sentare ikora.
U Burundi bwova muri ICC
Ati mbere hamwe ibindi bihugu vyo muri Afrika vyobona ko bikenewe ko vyiyonjorora mu mugwi w'ibihugu vyashize umukono ku masezerano ashiraho iyo sentare, ngo n'u Burundi ntibwosigara inyuma.
Ku kibazo c'abapolisi b'Abarundi bari mu gikorwa co kugarukana umutekano mu gihugu ca Centre Afrique biciye mu mugambi wa ONU, MINUSCA, boba bagiye kwirukanwa, Alain Aimé Nyamitwe avuga ko leta y'u Burundi itarabimenyeshwa.