Burundi: Imigenderanire n'ibiro vya ONU vy'agateka ka muntu yahagaze

Ahavuye isanamu, REUTERS
Uburundi bwamenyesheje ko bubaye burabangira ku migenderanire bwari bufitaniye n'ibiro vya Onu bijejwe agateka ka zina muntu, bivuye ku cegeranyo c'abahinga b'iryo shirahamwe giherutse gusohoka.
Mw'itangazo ryasohowe na reta y'Uburundi, rigashikirizwa n'umuvugizi wayo Philippe Nzbonariba, bavuga ko iyo ngingo yafashwe kubera abahinga bagize ico cegeranyo baremetse inteba ishushe abarundi
Iryo tangazo rije rikurikira iryo umushikiranganji w'imigenderanire ryo kwirukana ku butaka bw'Uburundi bahinga Pablo de Grieff, Christof Heyns na Maya Sahli-Fadel bagirizwa kugira iceranyo c'ububeshi.
Mu cegeranyo cabo, abo bagira amatohoza bavuga ko abantu ibintu nâibihumbi basinzikarijwe ubuzima, barafatwa ku nguvu abandi baranyuruzwa mu midurumbanyo yabaye kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze.
Baranagabishije ko hashobora kuba jenoside bivuye kuri ubwo bwicanyi bubandanya.
Iyo ngingo ifashwe inyuma yâaho Uburundi bumenyeshereje ko bugiye kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Urwandiko rwashizweko umukono nâumushikiranganji wâimigenderanire wâUburundi, Alain Aime Nyamitwe, ruvuga ko Pablo de Greiff wo muri Colombia, Christof Heyns wo mu gihugu ca Afrika yâepfo hamwe na Maya Sahli-Fadel nta burenganzira bagifise bwo kwinjira mu Burundi.

Ahavuye isanamu, AFP
Mu cegeranyo basohoye, bavuga ko âibimenyetso vyinshi vyerekana ihonyangwa ryâagateka ka zina muntuâ bishobora gufatwa ko ari amabi akorerwa ikiremwa muntu, kandi vyakozwe na reta hamwe nâabayifashe mu mugongo.
Ariko avugira mu gisagara ca New York ku musi wa mbere, umuvugizi wa Onu yasavye Uburundi kubandanya gukorana nâabo bagira amatohoza.
Itangazo ryâuko Uburundi buzikura muri sentare mpuzamakungu ICC ryasohotse mu ndwi iheze, amezi atandatu inyuma yâaho iyo sentare ifise icicaro I Hague mu Buhollande, ivugiye ko ishobora kugira amatohoza ku mabi ariko arabera mu Burundi.
Ishirahamwe ryâubumwe bwa Afrika riramaze kwagiriza iyo sentare ko ibonera abanyafrika.
Imidurumbanyo yadutse mu kwezi kwa kane mu 2015 inyuma yâaho prezida Pierre Nkurunziza amenyeshereje ko agiye kwitoza mu kiringo kigira gatatu.
Kuva ico gihe, abantu barenga 500 baramaze kwitaba Imana, abndi barenga 270.000 bahungira mu bihugu bibanyi.










