Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abungere ba Ekleziya Gatolika bavuye mu biganiro vya Congo
Abungere ba Ekleziya Gatolika bahagaritse igikogwa co kuba abahuza mu biganiro hagati y'imigwi itavuga rumwe n'ubutegetsi na leta ya Congo.
Abo basenyeri bavuga ko vyanse ko impande zose zumvikana kw'itariki y'amatora kandi ko ata kindi kintu bariko barakora muri kino gihe.
lgihe amakuru ko vyose vyahagaze atanguriye gushikira abanyagihugu ku mugwa mukuru wa Kinshasa, umutekano waciye usa nuwutangura guhungabana, abantu barabura ingene babikika.
Ibiganiro imigwi yose yarimwo vyari ivyo kwirinda ko hosubira kwaduka ubundi bwicanyi, inyuma y'ubwahitanye abantu 20 mu kwezi kwa 12 mu myiyerekano yo kwiyamiriza Prezida Joseph Kabila, ikiringo kimurekurira kurongora igihugu kirangiye.
Mu masezerano yahagarariwe n'abungere ba Ekleziya Gatolika, Bwana Kabila yovuye ku butegetsi mu mahoro inyuma y'imyaka 17 amaze arongora igihugu, ariko akemera kutitoza mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije.