Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika ivuga ko yipfuza kuganira na Korea ya ruguru
Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika gisa n'icigaruye uravye aho cari gihagaze ku bijanye n'ibiganiro na Korea ya ruguru, ubu kikaba gisa n'ikiriko kirorosha ibintu.
Asubira muri Amerika avuye muri Korea y'epfo, icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, Mike Pence, yavuze ko ibihano vyashizwe kuri Korea ya ruguru bizogumizwaho, ariko amenyesha ko Amerika yipfuza kuvugana n'ico gihugu.
Inyuma yaho, umunyamabanga w'imigenderanire ya Amerika n'amakungu, Rex Tillerson, yavuze ko ari Korea ya ruguru ikwiye kuvuga igihe ikenereye ibiganiro bifise akamaro.
Uwo mugambi w'ibiganiro watanguye kuvugwa ku munsi wa gatandatu igihe indongozi ya Korea ya ruguru, Kim Jong-un, atumiye Prezida wa Korea y'epfo, Moon Jae-in i Pyongyang mu biganiro, ubutumwa bwatanzwe na mushikiwe Kim Yo-jong.