Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Papa Francis yahimirije abapatiri bashurashuje abana kwishikana imbere y'ubutungane
Umwungere wa Ekleziya Gatolika, Papa Francis, yahimirije abapatiri bahohoteye abana mu kubashurashuza kwishikana imbere y'ubutungane bagacibwa imanza.
Niyo majambo akomeye cane amaze kuvuga gushika ubu muri iki kibazo cakweze akamaramara mw'ishengero.
Papa yavuze ko abahohoteye abana muri ubwo buryo bagomba kwishikana ku bajejwe intwaro kandi bakitegurira n'urubanza rw'Imana.
Yongeyeko yuko ishengero ritazosubira kurenza uruho rw'amazi ku makosa nk'ayo canke ngo rifate minenegwe ikibazo co guhohotera mu gusambanya.
Papa ivyo yabivuze aho yashikiriza ijambo ngarukamwaka urwego rwa Curia, rujejwe uburongozi bwa Vatikano.
Mu kwezi kwa kabiri, Vatikano izoremesha inama idasanzwe ku kibazo co guhohotera mu gusambanya, izokwitabwa n'abakuru b'amanama y'abepiskopi Gatolika yo kw'isi, barenge ijana.