'Mama yaraboroze irya nyuma': Umuhungu w'Umunya-Palestine w'imyaka 12, avuga ingene abasoda ba Israel biciye umuryango wiwe mu modoka

Khaled Bani Odeh ariko arahoberwa n’umugore mu gihe c’amaziko y’abavyeyi biwe na benewabo babiri i Tammun, mu nkengera y’ikiyaga c’Uburengero bwa Israel (15 Ntwarante (3) 2026)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abavyeyi ba Khaled Bani Odeh na batoyi biwe babiri barashwe imbere yiwe igihe bariko batwara imodoka baja i muhira .
Igihe co gusoma: iminota 6

Imburi : iyi nkuru irimwo insiguro zijanye n'uko abantu barashwe.

Mu minota mike y'agacerere inyuma y'amasasu, imbere y'uko akurwa mu modoka y'umuryango, Khaled Bani Odeh w'imyaka 12 yiyumvira ko ari we wenyene mu muryango wiwe asigaye.

Amasegonda make imbere y'aho, abavyeyi biwe hamwe na batoyi biwe babiri bari bahejeje kuraswa n'igisirikare ca Israel, igihe bariko barataha bavuye gusuma mu ntara yigaruriwe ya Cisjordanie.

Mu bapfuye harimwo umwana w'imyaka indwi Othman – yagendana ubumuga kandi atabona – yishwe ari ku bibero vya nyina.

Khaled yavuze ati: "Mawe yaraboroze irya nyuma imbere y'uko adasubira gukakaza." "Dawe yasomye Shahada [igisabisho co kwemera c'idini rya Islamu] igihe yapfa."

Igihe igisirikare ca Israel cagerageza gukwega mwene wabo Mustafa yari akiri mu zima ngo kimuvane mu modoka, Khaled yavuze ko yagerageje kubabuza.

Avuga ati: "Baciye bankurayo, baca batangura kumponyora ku mugongo. "Hanyuma banshize ku ruhande, batangura kumbaza abari mu modoka. Nababwiye ko ari mama na papa. Banyagirije ko ndiko ndabesha baca batangura kunkubita."

Umwe mu bana babiri barokotse bo mu muryango wa Bani Odeh ariko araboroga iruhande y’imivyimba y’abavyeyi biwe n’abavukanyi biwe mu gihe c’amaziko yabo i Tammun, mu nkengera y’ikiyaga c’Uburengero bwa Cisjordanie yigaruriwe na Isirayeli (15 Ntwarante 2026)

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Ali Khaled Bani Odeh, umugore wiwe Waad, n'abahungu babo Mohammed na Othman bahambwe ku musi w'Imana.

Umuryango wa Ali Khaled Bani Odeh w'imyaka 37 n'umugore wiwe Waad w'imyaka 35 bari basigaje iminota mike ngo bashike i muhira igihe bicwa, mu kigwati ca Tammun, hafi ya Tubas, inyuma gato y'isaha zitandatu z'ijoro ku musi wa gatandatu.

Abo mu muryango wiwe bavuga ko Ali yari aherutse gushika i Tammun inyuma y'indwi zitandatu akora mu kibanza c'ubwubatsi muri Israel, kandi ko abahungu biwe bari bamwinginze ngo abajane gusuma i Nablus, mu kwitegurira umunsi mukuru wa Eid al-Fitr utegekanijwe mu mpera z'iyi ndwi.

Muri iryo joro, igihe bari bavuye gusuma no gufungura i Nablus, igisirikare ca Israel cavuze ko abasirikare baco hamwe n'igipolisi co ku mipaka bari mu gikorwa i Tammun co gufata abantu bikekwa ko bakora iterabwoba ku bajejwe umutekano ba Israel.

Igisirikare cavuze kandi ko imodoka y'umuryango wa Bani Odeh yariko "iranyaruka cane igana ku basirikare, bo bumva ko hari akaga baca bakoresha kurasa ."

Ibarabara ryo muri Tammoun, mu Burengero bwa Yorodani buri mu maboko ya Israel.
Insiguro y'isanamu, Uwabibonye yarabajije igisirikare ca Israel igituma barashe bakica abo bantu i Tammoun
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko umwe mu baba hafi y'ibarabara, yatubwiye ko yariko araraba mw'idirisha ryiwe igihe ivyo vyaba, inyuma yo kwumva amasasu y'igihe gito kandi avugira kure. Ntitwamuvuze izina ku mvo z'umutekano wiwe.

Yatubwiye ko imodoka y'uwo muryango yari yamaze guhindukira ibubamfu ija mwibarabara riduga iwe kandi yari ihagaze imbere y'uko amasasu araswa, ivyo bikaba bitandukanye n'ivyo igisirikare ca Israel cavuze.

Naramubajije nimba yarumvise hari imburi zatanzwe n'abasoda ba Israel, canke ko yoba yarumvise amasasu yo kugabisha.

Yishuye ati:

"Oya, nta na kimwe. Amasasu yaciye araswa atumberejwe imodoka. Numvise gusa umugore ari mu modoka aboroga. "Abana baguma barira imbere y'uko bicwa."

Ikinyamakuru The New York Times kivuga ko Waad yasavye umugabo wiwe guhagarara mw'ibarabara kugira ngo ashobore kurondera ikintu mu gasaho kiwe.

Igisirikare ca Israel cavuze ko ivyo vyabaye biriko biratohozwa n'inzego zibijejwe.

Twarasavye ico gisirikare gutanga inyishu ku makuru avuga ko imodoka yari yahagaze kandi yarashwe ata mburi, maze batubwira ko tubaza igipolisi. Turacarindiriye inyishu yabo.

Ikoraniro ry’abagandaye ku rugo rwa Najah Bani Odeh i Tammun, mu Burengerazuba bwa Yorodani buri mu maboko ya Isirayeli.
Insiguro y'isanamu, Abagandaye bakoraniye mu rugo rwa Najah (inakuru wa Khaled na Mustafa Bani Odeh)

Mu nzu y'umuryango, inakuru wa Khaled yitwa Najah Bani Odeh yari yicaye akikijwe n'abaje kumufata mu mugongo, bambaye ibishora (shwals) n'imyitwikiro mu mutwe ifunze neza, yirabura, yera na iy'umugina.

Ipande, yegerewe n'abagore baja baramukorakora mu buryo bwo kumuremesha, hari hahagaze na Mustafa w'imyaka umunani.

Inakuru wiwe yerekanye ipansuma yari ifutse aho yakomeretse mu maso.

Ati: "Ni ibimanyu vy'ikiyo vyamukase bivuye kw'idirisha ry'imodoka igihe barasa. Akeneye kubagwa kugira babikuremwo."

Yavuze ko umuryango utari uzi ko hari igikorwa c'abasirikare muri ico kigwati igihe bariko barataha.

Ati: "Bariko baraca hafi y'ishure aho abasirikare bari binyegeje. Abana bariko bararirimba banezerewe. Mohammed, yari mw'ishure ry'imicuko, yari yicaye hagati ya nyina na se igihe baraswa."

Yavuze ko Mohammed yaguye ku bibero vya Mustafa igihe amasasu yatangura kuraswa, amaraso yiwe aca yuzura ku mpuzu za Mustafa.

Mustafa Bani Odeh w'imyaka 8 y'amavuko, ahumurizwa n'abagandaye mu rugo rwa Najah Bani Odeh i Tammun, mu ntara ya Cisjordanie yigaruriwe na Israel
Insiguro y'isanamu, Mustafa Bani Odeh w'imyaka 8 yakomerekejwe n'ikiyo c'idirisha ryamenaguritse

Hassan Fuqoha, umwe mu bagize umugwi w'abatwara ambiransi (ambulance) z'umuryango Red Crescent yo muri Palestine yashitse aho vyabereye, yatubwiye ko ivyo yabonye bitandukanye cane n'ibindi bihe yari amaze kuja gutabaramwo, kandi ko abavyeyi bompi hamwe n'umwe mu bana bari barashwe ku buryo igice c'imitwe yabo cari casavye.

Yavuze ati: "Nabonye ibisigarira vy'amasasu vyinshi cane, biri hirya no hino ku modoka. Kwari ukurasa gukomeye cane, no ku modoka ubwayo vyaraboneka, si ibisanzwe."

Abanyagihugu batubwiye ko babonye ibisigarira vy'amasasu birenga 50 vyavuye ku nkoho zo mu bwoko bwa assault rifle, zingana n'izikoreshwa n'igirikare ca Israel, maze babishikiriza abategetsi.

Ikindi gisigarira c'urusasu cari kikiboneka, gifashwe n'ibibomoke ku nkengera z'ibarabara, hafi y'aho amaraso akaba akiboneka hasi.

Yair Lapid, umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Israel Yesh Atid, yaneguye reta ya Israel kuba itasavye imbabazi umuryango ku rupfu rw'abana.

Yavuze ati: "Umwana w'imyaka indwi afise ubumuga budasanzwe ntakwiye gupfira mu ntambara z'abakuze."

Najah Bani Odeh yicaye iruhande y'umwuzukuru wiwe Mustafa Bani Odeh, mu giteramo c'abagandaye ku rugo iwe i Tammun, mu ntara ya Cisjordanie yigaruriwe na Israel
Insiguro y'isanamu, Najah Bani Odeh, inakuru wa Mustafa, yavuze ko hari ubwicanyi bwiyongereye ku banyapalestina muri Cisjordanie

Gukoresha inguvu zica ku modoka y'abasivile irimwo abana bane bato vyatumye abantu bongera kwibaza ku buryo abasirikare ba Israel, bafise ibirwanisho bikomeye, bifata ku Banyapalestina bo muri Cisjordanie (West Bank), n'ico bafata nk'ikibageramiye.

Najah Bani Odeh yambwiye ko kwicwa kw'umuhungu wiwe, umukazana wiwe hamwe n'abuzukuru biwe babiri ari igice c'urukurikirane rw'ihohoterwa ririko ririyongera rikorerwa Abanyapalestina muri Cisjordanie, rikozwe n'abasirikare ba Israel hamwe n'abimukira (settlers), kandi ko ryiyongereye cane kuva ku bitero vya Hamas vy'itariki 7 Gitugutu(10) 2023 vyagabwe kuri Israel.

Yavuze ati: "Hariya hari umwimukira ahohotera abagabo, abagore n'abana, natwe nta kindi twivunisha atari ugutera amabuye gusa."

Yongeyeko ati: "Barashaka kudukura ku butaka bwacu. Ubu bariko bubaka inkuta zikikuje ubutaka bafashe, kandi barasa ku muntu wese yegereye."

Hagati ya 7 Gitugutu(10) 2023 na 15 Ntwarante(3) 2026, ishami rya ONU ryitaho ivy'ubutabazi (OCHA) rivuga ko Abanyapalestina 1.071 bishwe muri Cisjordanie, harimwo abana n'imiburiburi 233.

Rivuga kandi ko abasivile 19 hamwe n'abasirikare canke abajejwe umutekano 23 b'Abanyaisirayeli bishwe muri ako karere kuva muri Gitugutu (10) 2023 gushika hagati muri Gitugutu 2025.