Umusi mpuzamakungu wahariwe umunezero: Ico raporo ya 2026 yerekana mu karere n'ahandi kw'isi

Abakobwa babiri bari mu byishimo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 3

Raporo nshasha yasohotse uyu musi mu gihe isi iriko irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe umunezero iratanga ivyiyumviro bishasha ku kuntu abantu bapima ubuzima bwabo kw'isi yose.

Irerekana itandukaniro rikomeye hagati y'uturere dutandukanye kandi igatuma twibaza ico umunezero usigura mu vyukuri.

Isi yose ihimbaza Umusi mpuzamakungu wahariwe umunezero ku wa 20 Ntwarante(3), watangujwe n'Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 2012, mu ntumbero yo kwibutsa ko iterambere ridashingiye gusa ku butunzi, ariko kandi no ku mibereho myiza y'abanyagihugu.

Buri mwaka, raporo yitwa World Happiness Report irashira ku rutonde ibihugu hisunzwe ukuntu abantu bapima ubuzima bwabo.

Ivyo bipimo bishingiye ku gipimo kiri hagati ya 0 na 10, aho umuntu yivugira ukuntu abona ubuzima bwiwe muri rusangi.

Ico gipimo kirashigikirwa n'ibintu bitandukanye nka;

  • Umwimbu n'inyungu umuntu aronka
  • Ubufasha bw'imibano
  • Imyaka umuntu amara akiriho
  • Ukwidegemvya mu guhitamwo
  • Ubuntu hamwe n'ukwizigira inzego za reta

Ibihugu 10 vya mbere bifise umunezero kw'isi (2026)

  • Finland
  • Iceland
  • Denmark
  • Costa Rica
  • Sweden
  • Norway
  • Ubuholandi
  • Israel
  • Luxembourg
  • Ubuswisi

Iyi raporo yerekana ko ibihugu biri mukarere bita Nordique(i buraya) bikibandanya kuza imbere, aho Finland iguma ku kibanza ca mbere nk'uko vyari no mu myaka iheze (2025).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibihugu 10 biza imbere muri Afrika n'imyanya biriho kw'isi

73. Amazinga ya Maurice

81. Libya

83. Algeria

93. Mozambique

96. Gabon

98. Côte d'Ivoire

100. Cameroun

101. Afurika y'Epfo

103. Niger

105. Tunisia

Naho hari ibihugu vya Afrika biza imbere ugereranije n'ibindi, umugabane wa Afrika muri rusangi uracaza inyuma y'iyindi migabane kw'isi mu munezero.

Muri Afrika y'Ubuseruko: ibihugu bihagaze gute?

110. Kenya

118. Uganda

135. Ethiopia

138. Tanzania

140. DR Congo

Ivyo bihugu biri hasi c'urutonde rw'isi, ivyo bikaba bifitaniye isano n'ingorane z'ubutunzi n'imibereho bicibonekeza muri aka karere.

Ibihugu vy'Uburundi n'Urwanda - co kimwe n'ibindi bimwe na bimwe - ntibiboneka kuri uru rutonde rw'uyu musi ruriho ibihugu 147.

Naho biri uko, iyi raporo irerekana ko umunezero udashingiye gusa ku bintu vy'umubiri.

Upimwa kandi n'ukuntu abantu babona ubuzima bwabo. Si amafaranga gusa canke ubuzima babayemwo.

Mu karere k'Ibiyaga Binini, ubuzima bwa misi yose burangwa n'ingorane z'ubutunzi, ubushomeri, n'umutekano mucye mu bice bimwebimwe eka n'ingaruka z'amateka ya vuba y'intambara n'andi mabi.

Ku bantu benshi, umunezero ubonekera mu gufashanya kw'abantu, ubucuti hamwe n'akanyamuneza gato ko mu buzima bwa misi yose.

Iyi raporo kandi yerekana ko naho ivyiyumviro vyiza bikiri vyinshi kuruta ibibi kw'isi yose, amaganya n'ukwidoga biriko biriyongera mu turere twinshi.

Muri ico gihe nyene, ikoreshwa ry'imbuga ngurukanabumenyi, cane cane mu rwaruka, rishobora gutuma abantu bataryoherwa cane cane iyo uzikoresheje cane, nk'uko iyo raporo ibivuga.

Mu karere ka Afrika y'Ubuseruko n'Ibiyaga Binini, urwaruka ruriko rurahangana n'ibibazo biva ku bushomeri, ivyipfuzo vy'ubuzima bwiza hamwe n'ukwiyumvira kuja mu mahanga aho bizigira ubuzima busumvye ubwo barimwo.

Ivyerekeye amagara yo mu mutwe biriko bitangura kuvugwa, naho bigikenewe kwitabwaho cane.

Mu gihe isi iriko iriyumvira ku munezero, iyi raporo iributsa ko urutonde rw'ibihugu rudashobora gusigura vyose.

Muri aka karere, umunezero wubakwa ku kwihangana, ku migenderanire y'abantu no ku bushobozi bwo guhangana n'ingorane, bitwibutsa ko umunezero ari ikintu gishingiye ku vyiyumviro vy'abantu ubwabo atari gusa ku biharuro.