Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Vietnam: Menya igituma Amerika yatsinzwe kandi yari ifise igisirikare rutura
- Umwanditsi, Atahualpa Amerise @atareports
- Igikorwa, BBC News Mundo
- Igihe co gusoma: iminota 7
Intambara ya Vietnam (1955-75) ni imwe mu ntambara rutikizabantu iheruka, intambara yahitanye abarenga imiriyoni 2.5.
Ariko hejuru ya vyose, yibukwa nkâintambara Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatsinzwe bikomeye.
Ingingo ya Perezida Richard Nixon yo kuva muri ico gihugu yabaye ingingo ikomeye cane, kubera umugambi wâamahoro wagoyagoya waciye inzira yâintsinzi yâigisirikare ca Vietnam ya Ruguru inyuma yâimyaka ibiri.
Igihe intambara yaduka mu 1955 hagati ya Vietnam ya Ruguru yagendera ku vyiyumviro vya gikomunista ikaba yari ifise umugwa mukuru Hanoi, hamwe na Vietnam yâEpfo yagendera ku vyiyumviro vyâaba-capitaliste igatwarirwa mu gisagara ca Saigon nkâumugwa mukuru, Vietnam yâEpfo yaciye itangura kuronka imfashanyo za gisirikare yahabwa na Amerika, mu buryo bwo kwiyunguruza, inyigisho, ibirwanisho nâamasasu.
Mu 1965, Reta Zunze Ubumwe za Amerika niho zarungika ingabo za mbere maze zinjira muri iyo ntambara amenya, zizeye ko igisirikare cazo rutura cari gutsinda mu kanya isase.
Ifise amato yâintambara yari agezweho, indege zâintambara, uri izitera amabombe, za kajugujugu be na za misire, Amerika yari izi ko igisirikare ca Vietnam ya Ruguru hamwe nâumuhari Viet Cong batari kuragama imbere yayo nâudukoho dusanzwe, amagrenades, ama-chars hamwe nâinkoho zo kurasa indege, ibirwanisho vyaboneka ko ataco bimaze imbere yayo.
Amerika yarekuriye kuri Vietnam ya Ruguru, Vietnam yâEpfo, Laos na Cambodge amatoni imiriyoni 7.5 zâamabombe, igitigiri gisumba kure amabombe yakoreshejwe nâimpande zompi mu ntambara ya kabiri yâisi yose, kandi kikaba ari gitigiri ca mbere kinini kimaze gukoreshwa mu ntambara gushika ubu.
Hejuru yâibi bibombe hiyongerako amatoni 400.000 ya vya bisasu biturira vya napalm, imiriyoni 75 zâamalitiro yâubumara bwa Agent Orange be nâubundi buturira amashamba, hamwe nâamamiriyoni amajana nâamajana yâamasasu, nkâuko ibiharuro bivyerekana.
Hagati aho, mu buryo butari bwitezwe, abakomunista bari barongowe na Ho Chi Minh â yahavuye asubirirwa na Ton Duc Thang amaze gupfa mu 1969 â baje kwisanga batsinze intambara. None ibi vyagenze gute?
Ubutegetsi ruburakigongwe bwiyemeje gupfa canke gukira
"Urashobora kwica cumi mu bantu banje ku muntu umwe umwe wese wawe twishe. Ariko nâaho ari uko, uzoruhira gutsindwa natwe dutsindeâ.
Ico civugo ca Ho Chi Minh cahavuye kiba co nâaho atashoboye kubibona kubera yahavuye apfa yishwe nâingwara yâumutima ku myaka 79 mu gihe intambara yari ishushe.
"Ubutegetsi bwa Vietnam ya Ruguru bwari ruburakigongwe: bwarondera gutsinda uko vyogenda kwose butaravye ngo bwatakaje abanyagihugu bangana iki. Ibi vyarakozeko iki gihugu, ariko impera ya vyose vyavuyemwo umwimbu mwizaâ, nkâuko bivugwa na Mark Lawrence, umwigisha mu vya kahise kuri kaminuza Austin University, akaba amaze kwandika ibitabo bitari bike ku Ntambara ya Vietnam.
Igisirikare câabakomunista catakaje ingabo zababa umuriyoni, nkâuko biri mu biharuro, mu gihe Abanyamerika barenga gato 58.000 bapfuye, hampande yâingabo za Vietnam yâEpfo zababa 300.000 zishwe. Abasivire bari hagati yâigice câumuriyoni nâimiriyoni zibiri nabo nyene barahatikiriye.
Uyu mwigisha wa kaminuza asigura ko Abakomunista âbakoresheje neza caneâ izina rya "Uncle Ho", umutegetsi yakundwa cane kuko ari we yarongoye igihugu mu rugamba rwo kwikurako umukoloni wâumufaransa, âabatera intege kandi yari ndaryumako ku ntumbero ya poritike bari bafiseâ.
Mu ncamake avuga ati: "Intwaro ya Vietnam ya Ruguru yari uruvangatirane rwâubutegetsi abanyagihugu biyumvamwo hamwe nâukwiyemeza gupfa canke gukira kugira ngo bashike ku ntego yabo mu buryo bwoseâ.
Imyobo, imitego, Kalash
Amayeri ingabo za Hanoi zakoresheje mu rugamba yaragize uruhara mu gutsinda Amerika.
Umuhari Vietcong â inyeshamba zari zegamiye Vietnam ya Ruguru zarwanira muri Vietnam yâEpfo â warerekanye ko wari ndaryumeko, wivyukiranya kandi utagugumwa gusumba uko abanyamerika bashobora kuba bavyibazaâ, nkâuko bivugwa na Lawrence.
Mu gihe bari bazi ko batari bafise inguvu za gisirikare zingana zâiza Amerika bari bahanganye, Abakomunista bakoresheje intambara ya kanyeshamba: bakoresha uburyo buke bushoboka, bakirinda guhangana amaso mu yandi nâumwansi yari yiteguye neza kandi afise uburyo bwinshi, ahubwo bakiyoberanya mu kwivanga nâabanyagihugu basanzwe, hanyuma bagakora ibitero vya tera twiruke, cane cane mwâijoro.
Kubona kandi bari bazi neza cane amashamba ya Vietnam vyarabafashije, mu gutegura imyobo nâimitego yâubwoko bwose vyashobora gutesha umutwe umwansi.
Hampande yâibi, Vietnam yari ishigikiwe nâUbushinwa hamwe n'icahoze ari Repubulika Zunze Ubumwe zâAbasoviyeti, mu kubaronsa uburyo bwatwaye imiriyaridi zababa zibiri zâamadorari yâAbanyamerika nkâuko ibiharuro bivyerekana, harimwo ibirwanisho 8000 vyo kurasa indege, be nâama-chars, amasasu, amagrenades, nâinkoho zitagira igitigiri zo mu bwoko bwa Kalachnikov (Kalash, canke AK-47), abenshi bakavuga ko izi nkoho zakoze ibintu bidasanzwe muri iyo ntambara.
Imfashanyo yâUbushinwa nâiyâUbumwe bwâAbasoviyeti, nkâuko bivugwa na Lawrence, "yarafashije Vietnam ya Ruguru kubandanya intambara, nâinyuma yâaho baba bakubiswe bikomeye ku rubuga rwâintambaraâ.
"Ntiyigeze yegereza na gato imfashanyo Vietnam yâEpfo yahabwa na Amerika, ariko yarabaye kirumara kandi irafasha gutahura igituma Amerika yananiwe no gushika ku ntego zayoâ.
Intwaro yâagahotoro yamunzwe nâigiturire
Kuri uno muhinga mu vya kahise, ikintu nyamukuru catumye Amerika ikubitwa cabaye ukunanirwa no gushiraho ubutegetsi nyabwo muri Vietnam yâEpfo, bwari kwizigirwa no gufatwa mu mugongo nâabanyagihugu benshi.
Ati: "Uku kwabaye ukunanirwa mu rugamba rwa poritike ku buryo ata nguvu za gisirikare zashobora kugarura ibintuâ.
Ubutegetsi bwa Ngo Dinh Diem, umukuru wâigihugu ca Vietnam yâEpfo kuva 1955 gushika yicwe mu 1963 igihe intwaro yiwe itembagarijwe, bwaranzwe nâigiturire be nâihohotera, cane cane ryakorerwa abo mwâidini ryâaba-Boudhiste kandi bari bo benshi mu gihugu â we akaba yari umukatorika.
Mu myaka yakurikiye, intwaro zagiye zikurikirana zarananiwe no kwizerwa nâabanyagihugu ba Vietnam yâEpfo, abenshi bakaba bari abirimizi kandi bashigikiye umuhari Vietcong wari wabemereye amatongo nâiterambere.
Hanyuma kandi, nâaho Amerika yabaha imfashanyo ikabubakira nâibitari bike, abanyagihugu benshi ntibayiyumvamwo, bakayibona nkâigihugu gishaka kubandanya ubutegetsi bwa gikoloni gikorana nâamareta ya Saigon yamunzwe na ruswa, akabakorera nâubwicanyi bwâagahomerabunwa.
Ibi vyabaye akarusho gakomeye kuri Vietcong, inyeshamba zayo zakingirwa nâabanyagihugu bakongera bakazigaburira mu mihana yabo, ivyatuma umunyamerika atabaca nâikanda.
Muri Amerika barayiyamirije
Ukunanirwa no kurwana muri ako karere katari koroshe kwateje ubwoba mu ngabo za Amerika, zica zitangura gukora amabi atagira izina mu banyagihugu ba Vietnam.
Amakuru yâubwicanyi nkâubwabaye mu 1968 ahitwa My Lai, aho abasirikare bagandaguye abasivire bari hagati ya 350 na 500, harimwo abagore nâabakorwa bari babanje gusambanya ku nguvu, yaratanguye kuja ahabona â no guteza ubwoba â mu banyagihugu ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Aha ni ngombwa kumenyesha ko intambara ya Vietnam yari yo ya mbere ikomeye yatanguye kwerekanwa ku mboneshakure ikanandikwako mu binyamakuru.
Amasanamu yâagahomerabunwa, nkâayâubwicanyi bwa My Lai canke abana bariko baturirwa n'ibisasu vya napalm mu tundi turere twa Vietnam, yarababaje Abanyamerika maze asambura ivyavugwa nâubutegetsi ko yari intambara yo gushigikira demokarasi mu kurwanya umwansi wâigipfamutima.
Hatanguye kandi kumenyekana ivyâumugambi Phoenix watangujwe na CIA wo kumenya no gusambura Vietcong hakoreshejwe kubica no kubaboreza igufa, mu buryo bwinshi butemewe nâamategeko.
Hanyuma mu 1971, ishirahamwe ryâabakukuruke bâIntambara ya Vietnam bashize ahabona icegeranyo muri Detroit cerekana ko ubu bwicanyi butashitse uko nyene, ko ahubwo yari inkurikizi ya poritike ya Washington.
Igitigiri câingabo za Amerika zapfa izindi zigakomereka, hakiyongerako urwaruka rwataha ruvuye mu ntambara rwahahamutse cane, na vyo vyagize ingaruka zikomeye ku banyagihugu ba Amerika bagenda babona ko igihugu cariko kiratakariza ubusa.
Nico catumye haduka imyiyerekano ikomeye yahuriyemwo canke yateguwe nâimirwi itandukanye yâabanyagihugu, kuva ku banyeshure nâabakozi gushika ku baharanira gateka ka muntu, amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu, abaharanira ibidukikije eka mbere nâabakukuruke bari barwanye iyi ntambara.
Irangira ryayo
Hampande yâigitsure caterwa nâabanyagihugu, hari uburyo butagira uko bungana bwakoreshwa muri ino ntambara ivugwa ko hagati ya 1965 na 1973 yatwaye uburyo bungana nâimiriyaridi 120 zâamadorari yâAbanyamerika, umuzigo wari uremereye cane ku gihugu cari cafashe umugambi wo gushira uburyo bwinshi mu bisata vyo kurwiza umwimbu mu gihugu.
"Impari zari mu gihugu zatumye biba ngombwa ko abategetsi mu 1968 barondera ingene bokura Reta Zunze Ubumwe muri iyo ntambaraâ, nkâuko bivugwa na Lawrence.
"Mu rwego rwa poritike, ntivyumvikana ko igihugu cari kubandanya nâintambara idahera, rero isekeza ryo kurwanya intambara ryatumye abategetsi ba Amerika bahindura amayeri mu kurondera ko hoba ibiganiro vyâamahoroâ, niko avuga, nâaho abona ko iki kiza inyuma mu vyatumye iki gihugu co muri Amerika yâuburaruko gitsindwa ku rugamba, ugereranije nâivyavuzwe aho hejuru, nkâivyerekeye ishaka ryâabanya-Vietnam ya Ruguru hamwe nâingorane zâubutegetsi muri Vietnam yâEpfo.
Mu kwa mbere 1973, Amerika niho yahavuye ibona ko itari gushobora gutsinda iyi ntambara, bica biba ngombwa ko itera igikumu ku masezerano yâamahoro yâi Paris na Vietnam ya Ruguru, yatumye Vietnam yâEpfo igira ubwigenge.
Hagati aho, nta gihe kinini cahaciye intambara idasubiye kwaduka hagati yâizi mpande zibiri. Bivanye nâuko ata ngabo za Amerika zari ku rubuga, Vietcong yarakubise reta yagoyagoya ya Saigon ica isubiza hamwe igihugu kwâibendera ritukura rifise inyenyeri yâumuhondo hagati nâintwaro yâumugambwe umwe rudende ari nayo iramutswa igihugu kuva ku wa 30 Ndamukiza (4) gushika uno musi.