Uganda: Bobi Wine yavuye mu gihugu inyuma y'amezi abiri yinyegeje

    • Umwanditsi, Joseph Winter
  • Igihe co gusoma: iminota 1

Wa munyaporitike wa Uganda atavuga rumwe n'ubutegetsi, Bobi Wine, avuga ko yavuye mu gihugu inyuma y'amaze amezi abiri yari amaze mu bwihisho biturutse ku matora yo muri Nzero (1) yaranzwe n'impari.

Bobi Wine avuga ko yagiye mu mahanga ku "bikorwa bihambaye" hamwe no gufasha guhimiriza amakungu ngo areke kubandanya ashigikira Perezida Yoweri Museveni.

Uno munyamuziki wo mu mudiho wa pop yahindutse umunyaporitike, izina ryiwe ry'ukuri rikaba ari Robert Kyagulanyi Ssentamu, yabandanije yemeza ko ari we yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu, akavuga ko yaranzwe n'amanyanga kugira ngo Museveni ari ku butegetsi kuva mu 1986 ayatsinde.

Museveni w'imyaka 81 ni we yatangajwe ko yatsinze aya matora ku majwi 72%, akaba yagirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwiwe barondera guhindura ivyavuye mu matora biciye mu migumuko.

Mw'itangazo rya videwo ry'iminota itanu yacishije ku rubuga rwa X, Wine asabira ibihano Museveni. Ni bwo bwa mbere yabonetse ku mugaragaro inyuma y'amayinga atari make.

Mu gihe bamwe mu bagize reta bahakana ivy'uko inzego z'umutekano ziriko zirarondera Bobi Wine, umuhungu wa Museveni, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, umukuru w'igisirikare c'iki gihugu, yavuga ko "bamushaka yapfuye canke ari muzima", kandi akamutera ubwoba ko azomukona. Kuva ico gihe, ubu butumwa bwarakuwe kuri konte yiwe ku rubuga rwa X.

Nta vyaha kanaka yagirije Wine ko yakoze.

BBC yasavye igipolisi kugira ico kivuze ariko gushika ubu nta nyishu iraronka.

Wine w'imyaka 44, avuga ko abategetsi batahengeshanije gusaka imihana y'abanywanyi biwe bamurondera, harimwo no ku musi wa kane, hamwe no gushinga amabariyeri hirya no hino mu gihugu. Avuga ko inzu yiwe iri ku mugwa mukuru Kampala igikikujwe n'igisirikare, ari nako vyari bimeze kuva ku musi w'amatora.

Muri iyo videwo, agira ati: "Ndashimira mwese bagenzi banje b'abanya-Uganda mwanyegeje mukankingira igihe cose iyi ntwaro yariko irandondera".

Avuga ko ata mategeko yahonyanze, akavuga ko "kwiyamamariza ikibanza c'umukuru w'igihugu atari icaha".

Inyuma y'imyiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora, Kainerugaba, abonwa cane nk'uwushobora kuzosubirira se wiwe, yavuze ko abantu 30 "bakora iterabwoba" bo mu mugambwe wa Wine bishwe.

Richard Kagoe yaterereye muri iyi nkuru.