Burundi: 'Dusaba ko iki gitoro cobandanya kiboneka uku' – ababa i Bujumbura

    • Umwanditsi, Patrick Waso
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Bujumbura
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abanyagihugu mu gisagara ca Bujumbura bariruhutsa mu bijanye no kwiyunguruza no kuronka igitoro, bagasaba ko kitosubira kubura.

Hari haciye imyaka hafi itanu igitoro ari umuzi w'ibuye mu gihugu, akenshi abantu bakikora ku ca magendo cagurishwa ku giciro cashobora kuruta incuro zitatu, zine, zitanu canke izirenga ugereranije n'igiciro kizwi icese bivanye n'ingene ubukene bwaco buba bwifashe.

Ariko kuva mu misi iheze kiriko kiragurishwa ku ma sitasiyo atari make ata ngorane.

Igihe nazunguruka mu gisagara ca Bujumbura, nasanze ku bituro vy'amabisi nta mirongo ikiharangwa.

Ku masitasiyo (stations) naho, abahora batondera igitoro umusi umwe canke urenga, ubu batonda iminota.

Ku gituro gikuru c'amabisi yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura, ahahoze isoko nkuru, hari imirongo y'amabisi isumba iyo abantu yahora ihaboneka buri musi mu misi iheze. Abafata amabisi barashima ko igitoro casubiye kuboneka.

Umwe yagize ati: "Vyifashe neza ubu ntitugitonda ni ukuri."

Uwundi ati: "Ukwiyunguruza ubu turabona ko bitworoheye kandi biraturyoheye kubona amabisi asubiye kuboneka nk'uko bisanzwe. Dusaba reta y'uko yobandanya itworohereza nk'uku nyene.

"Ubu hari agahengwe, ntitugitonda canke ngo dutondekwe nko mu misi iheze, ubu imodoka zirahari nubwo atari nk'uko twavyipfuza…twipfuza ko igitoro cobandanya kiboneka, imodoka zigakora ari nyinshi, tugasubira kworoherwa kuruta uko vyari muri iyi misi iheze."

Ubukene bw'igitoro bwari bumaze imyaka bwahora bwibonekeza cane cane ku masitasiyo, aho wasanga imirongo miremire y'imodoka zaba zirindiriye kunywesha, zimwe ugasanga zihamaze imisi itari mike.

Hari ababona ko ari na bwo bwatumye ibiciro vy'ibindi vya nkenerwa biduga ku rugero runini cane, bagasaba ko iboneka ryaco ryojana n'imanurwa ry'ibiciro.

Umukenyezi yari ashitse kuri ico gituro gikuru c'amabisi yagize ati: "Ubu vyifashe neza, nta gutonda, urabona ko ushitse ubwo nyene uca wurira. Dushaka rero ko bakorora umuceri n'ibiharage kugira ngo turonke irasiyo y'abana nayo."

Kubera amabisi yahora ari make, hagize iyiza, kuyurira kwari ukurwana. Abatari bake baca baheba ivyo kurindira bisi bagataha n'amaguru.

Abatwara imodoka zunguruza abantu na bo nyene barashima kuko ngo ubu basigaye banywesha rimwe mu misi ibiri.

Umwe muri bo yagize ati: "Imbere y'aha, twamara imisi itatu kuri sitasiyo, ariko uno musi urabona ko naje kunywesha mu gitondo kandi ntashendonse."

Eka n'uyu mukenyezi twahuye ari isaha zine z'igitondo niko avuga: "Turashima aho bigeze ubu, kuko umuntu atonze araronka igitoro. Nashitse ku murongo isaha imwe ariko urabona ko ngomba nshikirwe."

Abandanya ati: "Dusaba ko vyobandanya uku, sitasiyo zose zikaronka igitoro ku buryo umuntu aho ashitse hose, umusi uwo ari wo wose, aho ashakiye hose, ashobore kunywesha nk'uko vyari bimeze kera."

Ikena ry'igitoro ryaratumye ibisata nka vyinshi mu gihugu bidakora neza. Nko mu gisagara ca Bujumbura, hageze aho amashure asaba abavyeyi kwimenya kubera atari akironka igitoro ashira muri bisi zahora zunguruza abanyeshure.

Bizobandanya uko?

Mu nzira yo kugerageza gusabikanya neza igitoro kibonetse, reta yashizeho ubuhinga bwa none bwo gutanga igitoro, hakoreshejwe 'app' izwi nka 'Igitoro Pass' buri muntu atunze imodokari yategerezwa gushira muri terefone yiwe.

Ubu naho, iherutse gushiraho ubundi buryo bwo kugitanga bwatanguye ku wa mbere, ifatiye ku mparati z'imodokari. Kuva ku wa mbere gushika ku wa gatatu hazonywa izifise imparati ziherezwa na 0-1-2-3-4, abafise iziherezwa na 5-6-7-8-9 nabo banyweshwe kuva ku wa kane gushika ku wa Mungu.

Iyi nteguro nshasha kandi ivuga ko amabisi azonywa amalitiro 100 ya mazutu mu misi ibiri, taxi nazo zinywe amalitiro 50 ya 'essence' ku ndwi.

Ikibazo kihari ni ukumenya nimba koko aka gahengwe ari ak'igihe gito canke nimba ikibazo gitorewe umuti burundu, na rirya bizwi ko ikena ry'ico gitoro ryatewe n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu.

Igihe yari akiri umushikiranganji w'ikigega ca reta, Audace Niyonzima yabwiye abashingamateka muri Ruheshi (6) umwaka uheze ati: "Ikibazo c'igitoro ni vyo ni intambambyi, ariko ntawovuga yuko igihugu kizoguma kimeze uku, kuko murazi ko intambamyi nyamukuru ari uko [ibitoro] tubirangura mu makungu, tukaba tubirangura mu mafaranga mvamakungu, ayo mafaranga nayo muzi ko tuyakenye, bigatuma rero bica bidushikira bigoranye."