Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
'Abanyafrika n'ukubafata ukwabo ku kibazo c'abahuza ibitsina bafise ibisa' - Papa Fransisko
Papa Fransisko avuga ko abasenyeri bo muri Afrika "bofatwa ku buryo bwihariye" uravye uko biyamiriza ingingo yiwe yo kurekurira imihezagiro abubakana bafise ibitsina bisa.
Ariko agumana icizere ko buhoro buhoro bose bazogenda barahumirizwa n'ubutumwa bw'ishengero.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru co mu Butaliyano, Papa yavuze ko abarongoye ishengero muri Afrika n'abayoboke babo babona abahuza ibitsina bafise ibisa, ufatiye ku karanga kabo, ko ari "ikintu kibi cane".
Avuga ko inyandiko nshasha yo mu kwezi guheze Fiducia Supplicants, yari ifise intumbero "yo guhuriza hamwe atari iyo gucanishamwo".
Papa Francois yavuze ko adatewe umutima uhagaze n'uko abakigendera mu nzira za kera bokwitandukanya n'ishengero Katolika kubera iyo mpinduka, akemeza ko ivyo bivugwa n''akagwi gatoya'.
Igihe Vaticano yemerera imihezagiro ababana bafise ibitsina bisa hamwe nâabubakanye mu buryo butemewe nâamategeko (abacikiye), yabaye inkuru yavuzwe cane mu binyamakuru vyinshi kwâisi yose.
Ingingo yâimbonekarimwe yatumye abakatolika kwâisi yose bagwa mu gahundwe. Hagati aho, nkâuko Jean-Paul Messina umwigisha wa kaminuza akongera akaba nâumuhinga mu bijanye na kahise kâukwemera gikristu abivuga, âku bihweza ibintu nâibindi, ni ibintu vyari vyitezweâ.
Uno mwigisha wo kwâishure kaminuza UniversitĂ© Catholique dâAfrique Centrale avuga ko habaye sinode yâimyaka ibiri yaranzwemwo âukutumvikana gukomeye hagati yâabarongoye Ekleziya mu bihugu vyâUburengero nâabarongoye Ekleziya muri Afrika, neza na neza biturutse kuri iki kibazo co guha imihezagiro abubakanye bafise ibitsina bisa, abahukanye canke abahukanye bagasubira kwubakana nâuwundiâ.
Ni ikintu camye gishigikiwe na Papa Fransisko ariko kikarwanywa nâabepiskopi ba Afrika nâabo ahandi. Ku bwabo, ibihugu vyâUburengero bishaka guhatira ku Banyafrika kwemera ubutinganyi.
"Fiducia supplicans"
Kubwa Vaticano, urwandiko "Fiducia supplicans" ni inyishu ku basaba imihezagiro ku bantu babiri, nâaho boba bubakanye âmu buryo buteye kubiri nâamategekoâ.
Uru rwandiko rwâimpapuro umunani rurasigura neza ko iyi mihezagiro âidategerezwa gutegurwa nâabarongoye Ekleziya nkâuko bisanzwe mu migirwa ya Ekleziya kugira ngo ntihabe ukuyitiranya nâumuhezagiro nyawo wâIsakaramentu ryo kwubaka rukristu". Bitegerezwa gukorwa "hanze ya Liturujiya".
Umukuru wâigisata kijejwe inyigisho zâukwemera, Karidinali Victor Ferandez, asobanura ko "inyigisho zijanye nâukwubaka rukristu zidahinduka kandi ko ino mihezagiro idasigura ko Ekleziya yemeye uno mubanoâ wâabafise ibitsina bisa.
Ku bwiwe, âimigirwa nâamasengesho bishobora guteza ukuzazanirwa hagati yâumugirwa wo kwubakana rukristu hamwe nâibiwuvuguruza ntivyemeweâ.
"Fiducia supplicans" yibutsa ko, kubwââinyigisho kama za Katolikaâ, imibonano mpuzabitsina yonyene yemewe ni hagati yâumugabo nâumugore bubakanye rukristu.
Umuhezagiro ku bacikiye canke ku bafise ibitsina bisa ntushobora na gato kwitiranywa nâisakaramentu ryâukwubaka rukristu hagati yâumugabo nâumugore.
Ariko, Vaticano iraha uburenganzira abapatiri kwihitiramwo bo nyene ingingo, bihweje ikibazo ca buri muntu kandi ântibategerezwa gukumira canke kuzibira abantu bashaka kwiyegereza Ekleziya uko bazoba bameze kwose mu gihe bazoba bashaka gusaba ubufasha bwâImana biciye ku muhezagiro usanzweâ.
"Fiducia supplicans" ni urwandiko rudatomoye rutatevye guteza impari mu banywanyi ba katolika, bituma abarongoye Ekleziya Katolika muri Afrika barwiyamiriza.