Intambara ya Iran: Imvo n'Imvano

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano ku ntambara ya Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Iran
Igihe co gusoma: iminota 2

Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano.

Mu kiganiro c'uyu gatandatu igenekerezo rya 21 ukwezi kwa Gatatu mu 2026 turabira hamwe intambara ya Israel na Reta Zunze Ubumwe za Amerika kuri Iran.

Iyo ntambara yatanguye itariki 28 z'ukwezi kwa Ruhuhuma/Gashyantare(2) aho ibitero vya Israel ku munsi wa mbere vyahitanye umukuru w'ikirenga w'ico gihugu Ali Hosseini Khamenei.

Uwo mugabo yishwe ari kumwe na bamwe mu muryango wiwe, n'abandi bategetsi bakuru b'igihugu mu nzego z'umutekano na politike.

Kuva uwo munsi hamaze kwicwa abandi bategetsi barimwo umukuru w'urwego rw'igihugu rujejwe umutekano, umushikiranganji ajejwe igendereza n'umukuru wa rimwe mu mashami y'ingabo z'igihugu.

Bitanguza iyo ntambara, ibihugu vya Israel na Amerika vyagiriza Iran gushaka guhingura ibigwanisho vya nikleyere. Intambara yatanguye haheze n'imisi mike Iran na Amerika biri mu biganiro kuri ico kibazo mu gihugu ca Oman. Ariko Israel na Amerika ntivyarindiriye ko ivyo biganiro birangira.

Amasezerano ya mbere ku kibazo ca nikleyere ya Iran yari yashizweko umukono mu 2015, amasezerano prezida Trump yaciye akuramwo igihugu ciwe agishika ku butegetsi mu kiringo ciwe ca mbere (2017-2021).

Mu bitero vyakozwe mu mwaka uheze vyamaze imisi 12, hagati y'itariki 13 na 24 z'ukwa Ruheshi/Kamena(6), ibihugu vya Amerika na Israel vyari vyamenyesheje ko vyasambuye ibibanza bihingurirwamwo nikleyere muri Iran. Igendereza rya Amerika rivuga ko kuva ico gihe ata bikorwa Iran yakoze vyo kugerageza kuvyura ivyo bibanza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iran mu kwihora ibandanya kugira ibitero muri Israel no mu bihugu bitandukanye vyo mu kigobe c'abarabu Amerika ifisemwo inyungu. Ico gihugu kandi carafashe ingingo yo kwugara umuhora wa Hormuz ucamwo ibice 20% vy'ibitoro bikoreshwa kw'isi.

Intambara igitangura igiciro c'ibitoro caraduze cane, hanyuma kirasubira hasi, ariko ubu congeye kuduga.

Prezida wa Amerika Donald Trump aherutse gusaba ku mugaragaro ibihugu bisangiye ishirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe Otan n'ibindi bihugu bikenera uwo muhora ngo bifashe mu kuwukingira ngo amato atwara ibitoro ashobore kuhaca, ariko ivyo bihugu vyaranse kwitaba ako kamo.

Ku musi wa Kabiri, itariki 17 z'ukwezi kwa gatatu, umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru ajejwe kugwanya iterabwoba muri reta ya Amerika, Joe Kent, yabaye umwe mu bategetsi bakomeye muri ico gihugu wa mbere atanze imihoho yiyamiriza intambara ku gihugu ca Iran.

Kubera iyo ntambara n'indege ntizikija canke ngo zive muri ivyo bihugu Iran iguma igirako ibitero, bigatuma uruja n'uruza ruhungabana. Hari abantu benshi bava mu bihugu bitandukanye harimwo n'abaturuka mu karere k'ibiyaga binini basanzwe baba muri ivyo bihugu vyo mu kigobe c'Abarabu, batekewe n'ubwoba kubera ibitero vya Iran.

None iyo ntambara kuri Iran mu vy'ukuri yatewe n'iki? Itumbereye iki? Ni izihe nkurikizi zayo kw'isi yose ariko na cane cane ngaha mu karere? Iyo ntambara izonyaruka nk'uko Trump yavyibaza igitangura mu gihe ubu imaze indwi zitatu?

Israel na Amerika bizoshobora guhagarika burundu umugambi wa nikleyere wa Iran?

Iyo ntambara izoshobora guhindura ubutegetsi bwa Iran, imwe mu ntumbero za Israel na Amerika muri iyo ntambara?

Ibindi bihugu, cane cane vya Afrika, bihagaze he kuri iyo ntambara?

Hokorwa iki kugira iyi ntambara irangire?

Abatumire ni Joseph Sebarenzi, inzobere muri politike mpuzamakungu, akaba n'umwarimu wa kaminuza muri Amerika, Zenon Ndayisenga yigisha muri kaminuza i Pretoria muri Afrika y'Epfo, na Ambasaderi Saleh Habimana, inzobere mu bibazo vy'ibihugu vy'Abarabu.

ikiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa Cyriaque Muhawenayo.

Abantu bariko bararaba ibibomoke vy'inzu ihejeje gusenywa n'igisasu ca misire i Teheran

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibitero vya Israel na Amerika bimaze gusenya ibintu vyinshi muri Iran