Amerika yakuye ibihano kuri bimwe mu bitoro vya Iran mu gihe ibiciro vya gaz vyaduze

Ahavuye isanamu, EPA
- Umwanditsi, Natalie Sherman
- Igikorwa, Akurikirana amakuru y'ubudandaji
- Igihe co gusoma: iminota 3
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zakuye ibihano kuri bimwe mu bitoro vya Iran, mu gihe Amerika ihanzwe no guhwamika ingaruka z'intambara kuri Iran ku masoko ntanganguvu.
Umushikiranganji ajejwe ikigega Scott Bessent yatangaje ko hatanzwe uruhusha rwo ku gihe kigufi rwemera igurishwa ry'ibitoro vya Iran bisanzwe biri mu bwato mw'ibahari.
Iyo ngingo ni ugusubiza inyuma ibirenge gutangaje kwa politike ya Amerika imaze igihe kirekire - ingingo kandi atawushoka abona akunguko kazovamwo.
Abahinga bavuga ko bishoboka cane ko ata ngaruka nini ishobora kugira ku biciro, kandi ko ishobora gutuma intwaro ya Iran Amerika iriko iragwanya ironka ayandi mafaranga.
Ku wa gatanu, Bessent yavuze ko urwo ruhusha ruzokoreshwa mw'igurishwa ry'ibitoro bitayunguruye n'ibindi bikomoka ku bitoro bituruka muri Iran ubu bisanzwe vyarapakiwe mu bwato.
Urwo ruhusha ruzokora gushika itariki 19 z'ukwezi kwa kane, nk'uko ubushikiranganji bw'ikigega muri Amerika bwavuze.
Umushikiranganji w'ikigega yavuze ko iyo ngingo ituma utugunguru hafi miriyoni 140 tw'ibitoro tuja ku masoko mpuzamakungu.
Inbere y'intambara, Ubushinwa nibwo bwari ubwa mbere mu kugura ibitoro biva muri Iran, aho bwabironka ku giciro gito kubera ibihano Iran yafatiwe na Amerika n'ibindi bihugu.
Mu kiganiro na Fox Business ku wa kane, Bessent yavuze ko uruhusha ku bitoro vya Iran rushobora gutuma bija no mu bindi bihugu bibikeneye, nk'Ubuhindi, Ubuyapani na Malaysia, hanyuma rugaca rutuma Ubushinwa bubigura ku ''giciro co kw'isoko''.
Ariko Bessent nta do n'ido yagiyemwo ry'ingene urwo rushusha ruzokora n'uko ruzoba rurimwo ingingo zo kubuza ko amafaranga avuye muri iryo gurishwa yinjira muri reta ya Iran.
''Umuntu abivuze mu majambo yoroshe, ibi ntibigira umutwe n'amaguru,'' niko David Tannenbaum, umuyobozi wa Blackstone Compliance Services, ikigo c'abahinga mu gutanga inama zijanye n'ibihano vyo gutwara ibintu mu mazi, yabwiye BBC ku wa kane.
''Muri make dutumye Iran igurisha ibitoro, amafaranga avuyemwo akaba ashobora gukoreshwa mu ntambara.''
Prezida Donald Trump, abajijwe niba azokwemera ico ciyumviro kigashirwa mu ngiro, nta nyishu itomoye yatanze, yishuye abamenyeshamakuru ku wa kane ko ''tuzokora ibikenewe vyose kugira tugumize ibiciro hamwe''.
Urwo rushusha nta ngaruka nini rushobora kugira, niko abahinga bagabishije.
''Sinibaza ko ari ikintu kije guhindura ibintu cane, kandi kizanye indiri y'ibibazo,'' vyavuzwe ku wa kane na Rachel Ziemba, umugore akorana n'ikigo Center for a New American Security, cihweza ibintu n'ibindi.
Ziemba yavuze ko atibaza ko Amerika yifuza ko hari amafaranga aja muri reta ya Iran - ariko mu ngiro bishobora kugorana kubuza ko biba.
''Amerika nta nkeka ubu iriko yiruka iharura akagunguru kose gashobora kuboneka kubera ishegeshwa mu ruhererekane rw'ibitoro [kw'isi].'' niko abandanya avuga. '' Bariko barondera ahandi aho ari hose hova ibindi bitoro.''
Amerika yari ija imaze kugira utundi twigoro two kwongereza ibitoro ku masoko, harimwo gusohora miriyoni z'utugunguru tw'ibitoro vyari mu bubiko no guhagarika bimwe mu bihano ku bitoro vy'Uburusiya ku ndwi iheze.
Iyo ngingo ya kabiri yarababaje abategetsi b'i Buraya, bavuze ko izokomeza ubutegetsi bwa Vladimir Putin hanyuma bitume intambara ya Ukraine iba ndende.
Hafi ica gatanu c'utugunguru miriyoni 100 tw'ibitoro isi ikoresha ku munsi bica mu muhora wa Hormuz, nawo ukaba uca kuri imwe mu nkengera za Iran. Ariko kuva intambara itanguye mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, ugucisha ibintu muri uwo muhora vyarahagaze.
N'ubwo tumwe mu tugunguru twahora ducishwa muri uwo muhora twaronse ayandi mayira ducamwo, abahinga bagereranya ko intambara yatumye ku masoko hagabanukako hafi ica cumi c'ivyahora bishoka.
Impungenge kuri ivyo zariyongereye, mu gihe ingere ku yindi mu bitero ku bibanza vya gaz vya Iran na Qatar vyongereza ubwoba ko ubushobozi bwo gutanga ibikomoka ku bitoro bushobora guhungabana imyaka myinshi, n'aho intambara yoba nk'iyinyaruka.













