Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inyeshamba zishe 32 muri Centrafrique
Umurwi w'inyeshamba wo mu gihugu ca Repuburika ya Centrafrique wishe abasivile 32 ufata n'abagwanyi b'uwundi murwi, mu mishamirano yo mu kwezi kwa 12, 2016, niko ikigo "Human Rights Watch" (HRW) cavuze.
Uwo murwi uharanira agateka ka kiremwa muntu uhangayikishijwe nuko ubwo bwicanyi bwakozwe hasanzwe hari abasirikare ba Minusca, umurwi wa Onu ufasha kugarukana amahoro muri Repuburika ya Centrafrique.
Ku bwa HRW, ubwo bwicanyi bwabaye itariki 12 Ukwezi kwa 12 i Bakala, igisagara kiri mu bumanuko bw'igihugu.
Abagwanyi b'umurwi "Union pour la Paix en Centrafrique" (UPC) bishe abantu 25 bababwiye ngo baze kw'ishule mu nama, HRW niko yavuze.
Kare kuri uwo munsi nyene, bishe abantu indwi bari bavuye kwimba inzahabu, niko yabandanije ivuga.
Igihugu ca Repuburika Centrafriquaine kimaze igihe kigerageza kuva mu bwicanyi bwatanguranye n'ingwano ivuye ku hirika ry'ubutegetsi mu 2013