Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Koffi Olomide agiye gukora ibiteramo mu Burundi
Umuririmvyi rurangiranwa w'umunye Congo, Koffi Olomide, ari mu rugendo mu Burundi aho ategekanya kugira ibiteramo bitandukanye vyo kwigina imyaka 10 iheze ico gihugu cinjiye mw'ishirahamwe rya EAC
Uwo muririmvyi yatumweko n'ishirahamwe Empire Media Group rifise icicaro mu gihugu ca Kenya, mu giteramo co guhimba imyaka 10 Uburundi bumaze bwinjiye mw'ishirahamwe rya EAC.
Igiteramo ca mbere kizoba kuri uyu wa gatanu itariki 30 z'ukwezi kwa gatandatu kuri Zion Beach.
Igihugu ca RDC ntikiri mubigize ishurahamwe rya EAC.None ni kubera iki hatumweko umuririmvyo adaturuka mu bihugu bigize iryo shirahamwe?
Irambona Alain Nova ajejwe ibikorwa vya misi yose mw'ishirahamwe Empire Media Group avuga ko: "Iri shirahamwe ahanini ryisunga ubudandaji, ntiryaravye igihugu avamwo, ahubwo ryihweje n'ico ryokwunguka. Kira noneho n'igihugu ca RDC caramaze gusaba kwinjira muri iryo shirahamwe".