Trump agabisha gutabagaza ibibanza vy'amasoko ntanganguvu vya Iran hamwe itokwugurura Hormuz

Perezida Donald Trump muri costime y'ubururu, ishati yera n'ikaruvato y'ubururu, ariko aboneka ko ariko arishura ahagaze umunyamakuru yashize micro imbere yiwe, i buryo bwiwe hari Marco Rubio, umushikiranganji wiwe ajejwe imigenderanire

Ahavuye isanamu, Heather Diehl/Getty Images

Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Donald Trump yahaye Iran ikiringo ntarengwa c'amasaha 48 ngo yugurure umuhora wa Hormuz.

Kirenze avuga ko Amerika izoca itera igatabagaza ibibanza vy'amasoko ntanganguvu vya Iran.

Mu gihe c'amahoro, uwo muhora ucamwo ica gatanu (20%) c'ibitoro na gaz bikoreshwa kw'isi, ari yo mpamvu uwo muhora ufise uruhara runini mu masoko ntanganguvu kw'isi.

Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social isaha 23:44 GMT (isaha mpuzamakungu; isaha indwi n'iminota 44 zo mu gitondo mu Burundi no mu Rwanda) ku wa 21 Ntwarante/Werurwe(3), bivuze ko Iran ifise gushika isaha 23:44 GMT ku wa 23 Ntwarante (03:14 i Tehran ku wa 24 Ntwarante) kugira ishire mu ngiro ibisabwa n'uwo mukuru w'igihugu.

Yanditse ati: ''Hamwe Iran ITOKWUGURURA VYUZUYE, ATA TERABWOBA, umuhora wa Hermuz, mu MASAHA 48 kuva kuri uyu mwanya, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizotera zitabagaze IBIBANZA VY'AMASOKO NTANGANGUVU bitandukanye vyayo, GUHERA KU CA MBERE KININI!''

Iran yavuze ko nayo izoca itera ibibanza nk'ivyo mu bihugu vy'ikigobe c'Abarabu hamwe yoterwa, ku bw'ibinyamakuru vya reta ya Iran.

Kuba Iran yugaye umuhora wa Hormuz ikanatera amato ahaca vyatumye ibiciro vy'ibitoro biduga cane muri aya mayinga aheze.

Bifatwa nk'ibibanza vya gi-civil - Luis Moreno Ocampo

Umunyamakuru wa BBC, Tom Bateman, yabajije Luis Moreno Ocampo, yabaye umushikirizamanza mukuru wa mbere wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI/ICC ku buryo ibihugu biriko birigenza muri iyi ntanbara.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kimwe mu bibazo yamubajije kirakomeye ufatiye ku bivugwa na Trump ko azotabagaza ibibanza vy'amasoko ntanganguvu vya Iran hamwe itokwugurura umuhora wa Hormuz.

Si ubwa mbere Trump agabishije ko azotera ibikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu vya Iran – ku wa kane yavuze ko azosanzaza ikibanza ca gaz ca South Pars.

Iran na Israel vyompi vyarateye ibibanza vy'ibitoro na gaz mu gukomeza intambara ku bibanza vy'amasoko ntanganguvu.

Ocampo yavuze ko bibujijwe gutera bene ivyo bibanza kiretse iyo bifise intumbero igaragara ya gisirikare.

Avuga ko ibihugu bishobora kuvuga ibitari bike mu kugerageza gusigura icotuma birondera gutera bene ivyo bibanza (nk'akarorero ko ivyo bibanza bishobora kuvamwo amafaranga yinjira muri reta canke akoreshwa n'inzego za gisirikare).

Ariko bene ivyo bibanza biguma bifatwa nk'ivya gisivire (civil) kubera uruhara rwavyo mu gutanga ibicanwa gususurutsa amazu, guteka no guhingura umuyagankuba.

Ocampo agaruka ku mitahe yo gufatwa yasohowe na CPI mu 2024 ku mushikiranganji w'Uburusiya ajejwe kwivuna abansi n'umukuru wa gisirikare kubera ibitero ku bikorwa remezo vy'amasoko ntanganguvu vya Ukraine, amayeri Uburusiya bwama bwakoresheje mu ntanbara yabwo kuri Ukraine.

Amerika, Israel na Iran nta na kimwe kiri muri CPI.

Misire za Iran hafi y'ikibanza ca nikereyeri muri Israel

Hagati aho intanbara irakomeza.

Inyuma y'indwi zitatu kuva intambara ya Amerika na Israel kuri Iran itanguye, misire za Iran zirateye ikiguzi gishasha ku buzima bw'abantu muri Irael.

Mu gisagara ca Arad, abahaba bavuga ko ibiturika bumvise ku wa gatandatu ku murogora vyari biteye ubwoba.

Aho misire yaguye inyubakwa zitari nke zarononekaye, hasigara ikinogo kinini. Abantu barenga 160 barakomeretse.

Inzu yononekaye inyuma y'igitero c'igisasu ca misire

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Hononekaye amazu atari make

Abategetsi bajejwe gutaba vyihuta bavuga ko abantu 84 bariko baravurwa mu gisagara ca Arad, abandi 78 nabo i Dimona, inyuma ya misire za ballistic zagemye ivyo bisagara ku wa gatnadatu ku muroba.

Igisagara ca Dimona kiri hafi y'aho Israel imaze imyaka myinshi yubaka ubushobozi bwayo bwa nikereyeri, n'ubwo bitigeze vyemerwa ku mugararo.

Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko wabaye ''umugoroba ugoye cane mu ruganba rwa kazoza kacu''.

Urwego mpuzamakungu rujejwe inguvu za nikereyeri, AIEA, ruvuga ko ata makuru rufise ko hari icoba cononekaye kuri ico kibanza kiri ku birometero 13 uvuye mu gusagara ca Dimona.

Tereviziyo ya Iran ivuga ko ivyo bitero vyari ivyo kwhora ku bitero vyakozwe ku kibanza ca Natanz ku wa gatandatu.

Ivyasambutse i Teheran inyuma y'indwi zitatu z'intambara

Ahagabwe igitero muri Shahrak-e Gharb muri Teheran haboneka ibirundi vy'inshi vy'ibibomoke vy'amazu n'abantu bari mw'ibarabara baraba ivyabaye

Ahavuye isanamu, Majid Saeedi/Getty Images

Amasanamu yafashwe ku wa gatandatu yerekana ivyasambutse muri Shahrak-e Gharb, imwe mu ma karitiye ya Teheran, aho inyubakwa yo kubamwo no gucururizamwo yagemwe n'igitero ku wa 16 Ntwarante (Werurwe).

Umurwa mukuru wa Iran urasinzikajwe n;ibitero kuva intambara yadutse ku wa 28 Ruhuhuma (Gashyantare), ubu iminsi ikaba irenze indwi nzitatu.

Igisirikare ca Israel kivuga ko cagavye uwundin mupfunda w;ibitero mw'ijoro ryakeye.