Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OTAN yamiriye kure iciyumviro ca Macron co kurungika ingabo muri Ukraine
- Umwanditsi, Na Lipika Pelham & Lou Newton
- Igikorwa, BBC News
Ibihugu bitari bike vya OTAN/NATO, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubudagi nâUbwongereza, vyamiriye kure ivyo kurungika ingabo zirwanira ku butaka, inyuma yâaho Perezida Emmanuel Macron wâUbufaransa avugiye ko ata kintu "na kimwe cokwiyobagizwa".
Perezida Macron yavuze ko ata "mwumvikano wari bwahabe" wo kurungika ingabo zâUburengero muri Ukraine.
Umuvugizi wa Kremlin (ibiro vyâumukuru wâigihugu câUburusiya) Dmitry Peskov agabisha ko hoca haba intambara itaziguye ari nka hamwe OTAN yoramuka irungitse ingabo muri Ukraine.
Ingabo zâUburusiya ziherutse gutera intambwe ikomeye muri Ukraine, nayo ikabandanya isaba ishimitse ko yorungikirwa ibindi birwanisho.
Perezida Macron yabwiye abanyamakuru ku mugoroba wo ku wa mbere ati: "Ariko ntitwokwiyobagiza ko hashobora kuba ikibazo câumutekano cosigura imvo zimwe zimwe zo kurungika ingabo.
"Ariko nabibabwiye neza aho Ubufaransa buhagaze gushika ubu, ni umukenyuro wo kudatomora ibintu kandi nsanzwe nshigikiyeâ.
Uno mutegetsi wâUbufaransa yavugiye ibi ku mugwa mukuru Paris, ahasanzwe hariko habera inama yo kwiga ikibazo ca Ukraine, yitabwe nâabakuru bâibihugu vya Bulaya, hamwe nâabategetsi ba Amerika na Canada.
Intambara yuzuye yatangujwe na Perezida Vladimir Putin wâUburusiya kuri Ukraine ubu yinjiye mu mwaka ugira gatatu, ata kimenyetso na kimwe cerekana ko ino ntambara ya mbere nini ku mugabane wa Bulaya kuva ku ntambara ya kabiri yâisi yose ishobora kurangira vuba.
Amajambo ya Macron yatumye abandi bategetsi bâibihugu vya Bulaya nâivya OTAN bagira ico bayavuzeko.
Perezida Joe Biden wa Amerika yemera ko "inzira yâintsinzi" ari ugutanga imfashanyo ya gisirikare "kugira ngo ingabo za Ukraine zironke ibirwanisho nâamasasu zikeneye mu kwivuna", nkâuko biri mwâitangazo rya Maison Blanche/White House (ibiro vyâumukuru wâigihugu ca Amerika).
Ryongerako riti: "Perezida Biden aratomora neza ko Amerika itazorungika ingabo kurwana muri Ukraine".
Umukuru wa reta yâUbudagi Olaf Scholz avuga ko ata mpinduka zabaye ku mwumvikano usanzwe uhari wâuko ata gihugu ca Bulaya canke ca OTAN kizorungika ingabo muri Ukraine.
Umuvugizi wâUmushikiranganji wa mbere wâUbwongereza Rishi Sunak avuga ko iki gihugu ata mugambi gifise wo kurungika ingabo muri Ukraine, hejuru yâingabo nkeya zisanzwe ziriko zirigisha ingabo zayo.
Ibiro vyâumushikiranganji wa mbere wâUbutaliyano Giorgia Meloni bivuga ko imfashanyo yâUbutaliyano itarimwo âirungikwa ryâingabo zâibihugu vya Bulaya canke vya OTAN ku butaka bwa Ukraine".
Peskov, kwâizina rya Kremlin, avuga ko amajambo ya Macron ari "ikintu gishasha gikomeye caneâ, akongerako yâuko ata nyungu vyozanira ibihugu vya OTAN.
Ati: "Muri ico gihe, ntitwoba tugikeneye kwibaza nimba [intambara itaziguye] ishoboka, ahubwo twotegerezwa kuvuga ibijanye no kuyizibira ".
Imbere yâaha, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg arahakana ko batariko bihweza ingene borungika ingabo muri Ukraine, ariko agashimangira ko uru runani rwo kwivunira umwansi hamwe ruzobandanya rufasha Ukraine, igihugu kitari muri OTAN.
Ibi bisubirwamwo nâibihugu bitari bike vya OTAN harimwo Espagne, Pologne, Repubulika ya Tchèque.
Uburusiya bufise vya muzinga vyinshi cane kandi igisirikare cabwo gisumba kure cane ica Ukraine kigendera cane ku birwanisho vya none bitangwa nâincuti zayo zâUburengero, cane cane Amerika.
Umubonano âwa mbere ugoye'
Ejo ku wa kabiri Biden yasavye abategetsi bâinama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza imfashanyo ya Amerika ingana nâimiriyaridi 95 zâamadorari yâAbanyamerika, irimwo imiriyaridi 60 zigenewe Ukraine, hari mu nama yabereye muri Maison Blanche.
Iyi mfashanyo iracateza impari mu nama nshingamateka ya Amerika. Umukuru wâinama nshingamateka, Umurepubulika Mike Johnson yatsimbataye ku cipfuzo ciwe, ashimangira ko ari ngombwa ko habanza kuba impinduka zindi ku bijanye nâumutekano wo ku rubibe Amerika ihana na Mexique.
Johnson avuga ko iki kibazo ari co kiza imbere yâibindi vyose, kandi Biden yaramaze kwemera gushira izi mpinduka muri ino mfashanyo â ariko Abarepubulika ntibararekura.
Umukuru wâinama nkenguzamateka, umu-Democrat Chuck Schumer avuga ko ari wo mubonano âwa mbere ugoyeâ yitavye kuva abaho.
Gushika ubu, Amerika ni co gihugu giha Ukraine imfashanyo ya gisirikare nini gusumba ibindi bihugu vyose, ikaba imaze gutanga imiriyaridi 42,2 zâamadorari yâAbanyamerika gushika ku wa 15 Nzero (1), nkâuko vyerekanwa nâikigo Kiel Institute.
Ubudagi ni ubwa kabiri, aho muri ico kiringo bumaze gutanga imiriyaridi 17,7 zâama-euro (amafaranga yâAbanyabulaya), bugakurikirwa nâUbwongereza bumaze gutanga imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro kâimiriyaridi 9,1 zâama-euro.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yitabiriye iyo nama ku wa mbere akoresheje ubuhinga bwa videwo yabwiye abari muri yo ko "ivyo dukorera hamwe vyose vyo kwivuna Uburusiya vyongereza umutekano wâibihugu vyacu mu myaka mirongo iri imbere".