Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikiguzi gikomeye c'intambara ya Congo ku bana bahunze bonyene kandi barera batoyi babo
- Umwanditsi, Patrick Wasso
- Igikorwa, Busuma/Burundi
- Igihe co gusoma: iminota 5
Abana barenga 39,000 bafise imyaka musi ya 17 baba mw'ikampi ya Busuma mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'Uburundi, bataye amashure bahunga intambara mu gihugu cabo ca Rrepubulika ya Demokarasi ya Congo. Ariko muri bo, abarenga 1,000 barafite ingorane yihariye - bahunze bonyene ata bavyeyi canke abantu bakuru bari kumwe.
Aha urashobora gusanga umwana w'imyaka irenga gato 12 afise gusa mutoyi wiwe bahunganye, akeneye kwirera ubwiwe no kurera uwo mwenewabo.
Benshi muri aba bahunze muri Kigarama(12) 2025 bava mu bice vyegereye Uburundi biri mu burere bwo mu buraruko wa Uvira nka Luvungi, Sange n'ahandi mu ntara ya Kivu y'Epfo ihana urubibe n'Uburundi.
Intambara bahunze ntitanga icizere co guhera vuba.
Muri iyi ndwi muri ubwo burere bahunze harabaye ingwano zikaze, mu gihe hari haheze indwi nkeya hari agahengwe eka batangiye kwitegura gutahuka.
Muri iyi ndwi kandi intumwa ziserukiye RD Congo n'Urwanda zaratumijwe na leta ya Washington zongera kwiyemeza kubahiriza amasezerano y'amahoro.
Dusubire i Busuma, ku kigo 'One Stop Center' mw'iyo, nahasanze abana n'urwaruka, bariko bakinira mu kibuga gikikijwe n'ibiti n'imbaho zisize amabara y'ubururu n'umweru.
Abana bato bobo bariko bararya umunyenga ku kivuvu(balançoires)...barakinira mu kibuga cugaye kugira ntibatakare aho mu nkambi ifise amazone atatu.
Inkino z'ubwoko bwose zirahari. Gusimba imigozi ku bakobwa, abakuze baba bariko bariga gufuma amashuka, imisore muri Ping pong canke football.
Ubabonye barimwo gukina, baranezerewe ku maso, ariko muyaze na bamwe niho ubona ishavu rikomeye babitse ku mishaha. Ikiguzi kiremereye c'iyi ntambara nibo bariko baracishura.
Bamwe barafise amahirwe ko bahunganye n'abavyeyi babo, abandi bahunze ari bonyene kuko baburanye n'abavyeyi n'abavandimwe babo, canke biciwe abavyeyi babo ubu bakaba ari imfuvyi.
Uyu mwigeme tumwite Nabintu. Afise imyaka 17. Afise igikuriro. Kandi uravye mu maso wokwibaza ko ahiriwe.
Ariko agendana igikomere n'ishavu. Yakuze ari imfuvyi kandi yahunze wenyene n'uwo bavukana w'umwaka umwe na mezi ane.
Mu rugendo bahunga yaratoye akana k'amezi 10 mu gihe kari katawe n'umuvyeyi wako bariko barahunga intambara mu bice vya Sange hafi ya Uvira muri Congo.
Nabintu atuyagira uko yahunganye umwana batavukana, ati "Tugeze aho bita Kilomonyi, narabonye akana kariko kararira kari konyene. Naciye ndamutora, ndamushira ku mugongo ndahunga na mwene wacu mpaka kuri Brigade mu Gatumba[Burundi].
"Aho mu Gatumba twahabaye nk'indwi zibiri niho baciye batuzanira imodoka zidushikana aha mu nkambi" ya Busuma.
Ubuzima ntibumworoheye kuko nako kana yatoye areze basanze kagendana indwara idakira kandi ntigashobora kurya ivyo vyose.
Nabintu ararya umutima amenyo, abandanya ati: "[Uyo mwana] Yoba afise nka mezi cumi y'amavuka. Ico nosaba nuko uyu mwana bomumfasha. Umubiri wiwe ntumeze neza. Baramupimye basanga afise indwara ya diabète. Baramubuza kurya indya nyishi. Najewe n'ubuzima bwo ngaha mu nkambi sindonka ivyo mugaburira".
'Murumuna wanje niwe irumanara'
S'uwo wenyene ahari. Uwundi ni Fazili. Siko asazwe yitwa. Afise imyaka 16. Yahunze ava i Luvungi.
'Fazili' n'imfuvyi y'abavyeyi bose. Yahunganye mwenewabo w'imyaka 4. Mu mwambaro w'ishirahamwe UNFPA n'amosozi mu maso, ati: "Twahunze twenyene kuko abavyeyi bose barafuye. Nahunganye murumuna wanje gusa".
Fazili agomba kurera uwo bavukana nawe akirera, si ibintu vyoroshe. Ariko isengesho ryiwe gusa ni uko Imana yogirira neza uyu murumuna wiwe akazabaho neza.
Ati: "Murumuna wanje niwe kirumara imbere y'amaso yanje. Aronse ahantu heza ho kubaho vyompimbara. Kuri ino saha nta bavyeyi dufise ngo baradufasha iki canke kiriya, bisa nkuko ijuru yatuguyeko".
Aha mw'ikambi ya Busuma, ishirahamwe SAD rifasha abana bana kugira ntibihebure. Rikabaha ivya nkenerwa mu gihe na ryo ryaronse.
Nabintu ati: "Baranyigisha uko norera abo bana mfise, barampa inyigisho zo kumenya gusuka imishatsi, uko nshobora gufuma amashuka ni bindi. Baraduhaye imfashanyo y'ibikoresho nki bassin, amakariso hamwe na cotex zo mu gihe c'ubutinyanka, amasabuni eka n'ibindi baraduhaye pe."
SAD yemeza ko aba bana bahunze bonyene bahora babaronderera iyindi miryango yobarera kugira ntibagume ari bonyene.
Samantha Gloria Gahimbare ajejwe ihimiriza mw'ishirahamwe SAD ati: "Usanga umwana afise imyaka nka 12 afise batoyi biwe adashobora kurera. Hariho imiryango mirezi twahaye inyigisho uko bashobora kwitwararika abo bana. Duca dufata abo bana tukabashira muriyo miryango mirezi kuko kuko ni miryango iba izwi.
"Iyo miryango rero ica ibafata nk'abana babo kuko abo bana baba bakeneye ubushaka bw'umuvyeyi, kwumva ko ari mu muryango, kwumva ko ari mu bandi"
Aho mu nkambi ya Busuma haharurwayo abana barenga 39,000 bafise imyaka musi ya 17. Abahunze ata bantu bakuru bari kumwe nabo ni 1,114 nk'uko ibiharuro biva aho muri HCR bivyerekana.
Ubu hari umugambi woba uriko urakorwa n'ishirahamwe Croix Rouge kugira abo bana bahunze bonyene basubire guhura n'abavyeyi babo canke ibisanira.