Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cumi baguye mw'itana mu mitwe n'igisirikare ca Isiraheli
Abajejwe amagara i Gaza muri Palestine bavuga ko abasirikare ba Isiraheli bishe abantu cumi abandi bashika amajana barakomereka, mw'itana mu mitwe ku rubibe rwa Isiraheli.
Ibihumbi vy'Abanyepalestine bagize urugendo ku rubibe, mu ntango y'imyigaragamvyo igomba kumara indwi nyinshi, igamije gusaba ko impunzi zotahuka mu ngo zazo ziri muri Isiraheli.
Abigaragamvya baza baratera amabuye n'amacupa yaka umuriro, mu gihe abasirikare ba Isiraheli bakoresha amasasu nyayo hamwe n'ivyotsi biryana mu maso, basubiza inyuma abegera ikibanza kizitiwe cane.
Umukuru w'umugwi Hamas, Ismail Haniyeh, yashikirije ijambo abari mu myigaragamvyo, asubira kuvuga ko umugwi wiwe utazokwemera igihugu ca Isiraheli.